Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now our Father visited Sarah, just as he had said, and did for her what he had promised. Umusi umwe, Uhoraho yibuka Sara, amukorera ico yari yaramusezeraniye.
2 Sarah conceived, bore Abraham a son in his old age, at the set time our Father had promised him. Sara atwara inda, avyarana na Aburahamu umwana w’umuhungu mu butama bwiwe. Ivyo vyashitse igihe Imana yari yaravuze ko bizoberako.
3 Abraham named the son Sarah had borne him Isaac. Uwo mwana Aburahamu yavyaye kuri Sara amwita Isaka.
4 Abraham circumcised his son Isaac at eight days old, as our Father had commanded him. Haheze imisi umunani Isaka avutse, Aburahamu aramukeba, nk’uko Imana yari yaramutegetse.
5 Abraham was one hundred years old when his son Isaac was born to him. Aburahamu yari amaze imyaka ijana igihe Isaka yavuka.
6 Sarah said, "our Father made me laugh; everyone who hears will laugh with me." Sara aravuga ati: “Imana irantwengeje. Umuntu wese azovyumva azotwengana nanje.”
7 She added, "Who would have told Abraham that Sarah would nurse children? Yet I've borne him a son in his old age." Yongerako ati: “Ni nde yobwiye Aburahamu ko Sara azokwonsa umwana? None raba ndamuvyariye umuhungu mu butama bwiwe!”
8 The child grew and was weaned; the day Isaac was weaned, Abraham threw a great feast. Nuko Isaka arakura hanyuma Sara aramucutsa. Umusi yacukiyeko, Aburahamu ategura umusi mukuru ukomeye.
9 But Sarah saw the son whom Hagar the Egyptian had borne to Abraham, and he was mocking. Ariko Sara abonye Ishimayeli wa muhungu Aburahamu yavyara kuri Hagari Umunyegiputakazi ariko arakina na Isaka umwana wiwe,
10 She said to Abraham, "Drive out this slave woman and her son; this slave woman's son will never inherit with my son Isaac." aca abwira Aburahamu ati: “Irukana urya muguranokazi n’umuhungu wiwe. Umuhungu w’uwo muguranokazi ntazosangira iragi n’umwana wanje Isaka.”
11 This troubled Abraham deeply, because it concerned his son. Ivyo bibabaza Aburahamu cane kuko Ishimayeli na we yari umwana wiwe.
12 But our Father said to Abraham, "Don't be upset about the boy and your slave woman. Listen to Sarah in all she tells you, for your offspring will be named through Isaac. Ariko Imana ibwira Aburahamu iti: “Ntubabazwe n’ivy’urya mwana n’umuguranokazi wawe. Kora ivyo Sara akubwira vyose, kuko uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka.
13 I will also make the slave woman's son a nation, since he is your offspring." Ariko uruvyaro rw’umuhungu w’incoreke yawe na rwo nzorugira ihanga, kuko na we ni umwana wawe.”
14 Early next morning Abraham took bread and a skin of water, gave them to Hagar, put them on her shoulder along with the child, and sent her away. She left and wandered the wilderness of Beersheba. Bukeye, Aburahamu avyuka kare mu gitondo, ategura ivyokurya n’umukuza w’urusato wuzuye amazi abiha Hagari. Yongera afata wa mwana amushira ku mugongo wa Hagari, aramurungika. Hagari aca afata inzira, agenda arayerera mu bugaragwa bwa Berisheba.
15 When the water in the waterskin was gone, she put the boy under one of the bushes. Ya mazi yari mu mukuza w’urusato aheze, aca afata umwana amushira mu gitutu musi y’agasaka,
16 She went and sat down about a bowshot away, for she said, "I can't watch the boy die." Then she sat there, lifted her voice, and wept. na we aragenda yicara hirya, nk’ahoshika umwampi urashwe, kuko yavuga ati: “Sinshaka kubona umwana wanje apfa.” Ni ko kwicara hirya maze araturika ararira.
17 Our Father heard the boy's voice; his messenger called to Hagar from heaven: "What's wrong, Hagar? Don't be afraid—our Father has heard the boy's voice where he lies. Ariko Imana yumva ijwi rya wa mwana arira, hanyuma umumarayika w’Imana ahamagara Hagari ari mw’ijuru ati: “Ubaye iki ga Hagari? Ntutinye! Imana yumvise ijwi ry’urya mwana aririra aho ari.
18 Get up, lift the boy and take him by the hand, for I will make him a great nation." Subira aho ari umuhagurutse, hanyuma umufate ukuboko, kuko uruvyaro rwiwe nzorugira ihanga rikomeye.”
19 Then our Father opened her eyes; she saw a well of water, went and filled the waterskin, then gave the boy a drink. Nuko Imana yugurura amaso ya Hagari, abona iriba ry’amazi. Aca aragenda yuzuza wa mukuza w’urusato amazi, aha umwana wiwe amazi yo kunywa.
20 Our Father was with the boy as he grew up. He lived in the wilderness and became an archer. Nuko Imana ibana na we mu gukura kwiwe, aba umuhinga mu kurasisha umuheto.
21 He lived in the wilderness of Paran, and his mother got him a wife from Egypt. Yaba mu bugaragwa bw’i Parani, maze nyina amuronderera umugore ava muri Egiputa.
22 At that time, Abimelech and Phicol, commander of his army, said to Abraham, "God is with you in all you do. Muri ico gihe Abimeleki ajana na Pikoli, umukuru w’ingabo ziwe, abwira Aburahamu ati: “Biragaragara ko Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose.
23 Now swear to me here by God that you won't betray me, my children, or my descendants. Show me and this land where you've lived as a foreigner the same kindness I've shown you." Ubu rero ndashaka undahire mw’izina ry’Imana ko utazokwigera umpemukira, jewe, abana banje canke uruvyaro rwanje; ko uzonyereka ubuntu, jewe n’iki gihugu wabayemwo uri umunyamahanga, nk’uko nanje nakweretse ubuntu.”
24 Abraham said, "I swear it." Aburahamu aramwishura ati: “Ndakurahiye.”
25 Then Abraham complained to Abimelech about a well of water that Abimelech's servants had seized. Hanyuma Aburahamu yidoga ari kumwe na Abimeleki ku bijanye n’iriba abakozi ba Abimeleki bari baramutwaye ku nguvu.
26 Abimelech replied, "I don't know who did this. You didn't tell me, and I only heard of it today." Abimeleki aravuga ati: “Sinzi uwabikoze. Wewe nta co wabimbwiyeko, ndavyumvise uno musi.”
27 Abraham took sheep and cattle and gave them to Abimelech, and the two made a covenant. Nuko Aburahamu aha Abimeleki intama, impene n’inka; bagirana amasezerano.
28 Abraham set apart seven ewe lambs from the flock, Aburahamu atoranya kandi intama zivyara indwi mu mukuku wiwe.
29 and Abimelech asked Abraham, "What is the meaning of these seven ewe lambs you have set apart?" Abimeleki aramubaza ati: “Ni kuki utoranije izo ntama mu zindi?”
30 He replied, "Accept these seven ewe lambs from me as proof that I dug this well." Aburahamu aramwishura ati: “Ndakwinginze wakire izi ntama indwi nk’ikimenyetso c’uko ari jewe nimvye iryo riba.”
31 So that place was called Beersheba, because there the two of them swore an oath. Ni co gituma aho hantu hitwa Berisheba, bisigura “iriba ry’indahiro”, kuko ari ho barahiriye uko ari babiri.
32 So they made a covenant at Beersheba. Then Abimelech and Phicol, his army commander, returned to Philistine land. Bahejeje kugiranira amasezerano i Berisheba, Abimeleki na Pikoli, umukuru w’ingabo ziwe, baragenda basubira mu gihugu c’Abafilisitiya.
33 Abraham planted a tamarisk in Beersheba, and there he called on the name of our Father, El Olam—our everlasting Father. Nuko Aburahamu atera igiti citwa tamarisi i Berisheba, ahasengera Uhoraho, Imana yamaho.
34 And Abraham stayed in the land of the Philistines for a long time. Aburahamu amara igihe kirekire aba muri ico gihugu c’Abafilisitiya.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]