Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Genesis 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Abraham traveled from there to the Negev, settled between Kadesh and Shur, and lived as a foreigner in Gerar. Nuko Aburahamu arunguruza aja mu bumanuko ahitwa Negebu, amara igihe aba hagati y’ahitwa Kadeshi na Shuri, hanyuma yungururiza ahitwa Gerari. Akiba aho nk’umunyamahanga,
2 Abraham said of Sarah, his wife, "She is my sister." So Abimelech king of Gerar sent for her and took Sarah. Aburahamu avuga kuri Sara, abwira abaho ati: “Ni mushikanje!” Nuko Abimeleki, umwami w’i Gerari atuma abantu gutora Sara bamujana ku kirimba iwe.
3 But our Father came to Abimelech in a dream that night: "You are as good as dead because of the woman you took, for she is a married woman." Ariko Imana yiyerekera Abimeleki mu ndoto, iramubwira iti: “Ntugenda udapfuye kubera uwo mugore wazanye, kuko afise umugabo.”
4 Abimelech had not gone near her. He said, "Sovereign God, would you destroy even an innocent nation? Ariko Abimeleki ntiyari bwaryamane na we. Nuko aravuga ati: “Mwami, urashobora kurandura ihanga ata co ryagirizwa?
5 Didn't he himself tell me, 'She's my sister'? And she herself also said, 'He's my brother.' I did this with a sincere heart and innocent hands." Si Aburahamu ubwiwe yambwiye ati: ‘Ni mushikanje’? Kandi na we ubwiye yavuze ati: ‘Egome, ni musazanje.’ Ibi nabikoze ata co niyagiriza, kandi nta kibi nakoze.”
6 Then our Father said to him in the dream, "Yes, I know you did this with integrity of heart, and I have kept you from sinning against me—that's why I didn't let you touch her. Imana imwishurira mu ndoto iti: “Egome, ndazi ko wabikoze ata co wiyagiriza, kandi ni jewe nakubujije kuncumurako. Ni co gituma ntakwemereye ko umukorako.
7 Now return the man's wife, for he's a prophet who will pray for you, and you'll live. If you don't return her, know you will surely die, you and all who are yours." Ubu rero subiza uwo mugore umugabo wiwe, kuko ni uwuvugishwa n’Imana, aca agusengera kugira ngo ntupfe. Ariko nutamusubiza umugore wiwe, umenye neza ko wewe n’abawe bose muzopfa.”
8 Abimelech rose early that morning, called all his servants, and told them all that had happened; the men were badly frightened. Nuko Abimeleki avyuka mu gitondo, akoranya abaganwa biwe arabibabwira, na bo bagira ubwoba bwinshi.
9 Abimelech summoned Abraham and asked, "What have you done to us? How did I sin against you, that you brought a great sin on me and my kingdom? You've done to me what should never be done." Abimeleki ahamagara Aburahamu aramubaza ati: “Ibi wadukoreye ni ibiki? Ni ikihe kibi nagukoreye cotuma unkoresha jewe n’ubwami bwanje icaha kingana gityo? Wakoze ibidakorwa imbere yanje.”
10 Abimelech also said to Abraham, "What did you have in mind, that you did such a thing?" Abimeleki abaza Aburahamu ati: “Ni igiki caguteye gukora ivyo?”
11 Abraham said, "I thought: surely there's no fear of our Father here, and they will kill me for my wife." Aburahamu aramwishura ati: “Nibwiye mu mutima nti: ‘Abantu b’aha hantu ntibatinya Imana. Bazohava banyica kugira ngo batware umugore wanje.’
12 Besides, she truly is my sister, my father's daughter but not my mother's, and she became my wife. Ariko kandi ni mushikanje, kuko dusangiye data, ariko ntidusangiye mama; uko ni ko yabaye umugore wanje.
13 When our Father made me wander from my father's house, I told her: Show me this kindness—wherever we go, say of me, "He is my brother." Igihe Imana yampamagara ngo mve mu nzu ya Data nkaba ingenzi, namubwiye nti: ‘Ndakwingize uze unyereke urukundo unkunda muri ubu buryo: ahantu hose tuzoja, uze ubwire abaho ko ndi musazawe.’ ”
14 Abimelech took sheep, cattle, and male and female servants, gave them to Abraham, and returned Sarah his wife to him. Nuko Abimeleki afata intama, impene n’inka, abagurano b’abagabo n’abagore abiha Aburahamu, amusubiza na Sara umugore wiwe.
15 Abimelech said, "My land is open to you; settle wherever you please." Abimeleki aramubwira ati: “Igihugu canje kiri imbere yawe; hitamwo aho ushaka kuba.”
16 And to Sarah he said, "Look, I am giving your brother 1,000 pieces of silver. This is to cover the wrong done to you in the eyes of all who are with you; before everyone you are fully cleared." Abwira Sara ati: “Musazawe ndamuhaye shekeli igihumbi z’ifeza. Ni ikimenyetso c’uko ata co wagirizwa imbere y’abari kumwe nawe bose. Kandi usubijwe iteka ryawe imbere ya bose.”
17 Abraham prayed to our Father, who healed Abimelech, his wife, and his female servants, so they could bear children again, Nuko Aburahamu asenga Imana, na yo ikiza Abimeleki, umugore wiwe n’abagurano b’abagore biwe kugira ngo bashobore kuvyara,
18 for our Father had completely closed up every womb in Abimelech's household because of Sarah, Abraham's wife. kuko Uhoraho yari yamaze gutuma abagore bose bo mu nzu ya Abimeleki baba ingumba ku bwa Sara, umugore wa Aburahamu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]