Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ezra 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When this was done, the officials came to me: "The people of Israel, the priests, and the Levites have not kept separate from the surrounding peoples with their detestable things—the Canaanites, Hittites, Perizzites, Jebusites, Ammonites, Moabites, Egyptians, and Amorites. Ivyo vyose bimaze gukorwa, abarongozi baza aho ndi baravuga bati: “Abisirayeli, harimwo n’abaherezi n’Abalewi, ntibitandukanije n’abanyamahanga babana mu gihugu hamwe n’imigenzo yabo mibi birenze urugero, nk’iy’Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abayebusi, Abamoni, Abanyamowabu, Abanyegiputa n’Abamori.
2 They took some of their daughters as wives for themselves and their sons, mixing the holy offspring with the surrounding peoples. And the officials and leaders led the way in this unfaithfulness." Abagabo b’Abisirayeli babatoyemwo abakobwa babagira abagore babo kandi babakwera n’abahungu babo na bo. Ivyo vyatumye haba ikivange c’ubwoko bwera n’ayo mahanga. Kandi abarongozi n’abacamanza ni bo babaye aba mbere gukora ico kizira.”
3 Hearing this, I tore my garment and robe, pulled hair from my head and beard, and sat down appalled. Numvise ivyo, nitabagurirako umwambaro wanje n’ikoti, nishikura umushatsi n’ubwanwa, hanyuma nicara hasi mbabaye cane.
4 Then all who trembled at the words of Israel's God, our Father, gathered to me over the exiles' unfaithfulness, and I sat appalled until the evening offering. Abantu bose bajugumizwa n’amajambo y’Imana y’Abisirayeli baza aho ndi barankikuza kubera ico kibi abagarutse bava mu kinyago bakoze. Maze nguma ngaho nicurikiriye kugeza igihe co gutanga ikimazi co ku mugoroba.
5 At the evening offering I rose from my humbling, with my garment and robe torn, and fell on my knees, spreading my hands to my Father, Nuko hageze gutanga ikimazi co ku mugoroba, mpaguruka aho nari nicurikiririye, umwambaro wanje n’umutamana wanje vyatabutse, nca mpfukama hasi nduza amaboko Uhoraho Imana yanje
6 and I said: "My Father, I am ashamed and disgraced to lift my face to you, my Father, for our sins have risen higher than our heads, and our guilt has grown to the heavens. ndaheza ndasenga nti: “Ewe Mana yanje, maramajwe cane kandi nteterejwe no kukurangamiza, kuko ivyaha vyacu ari vyinshi kugeza n’aho bidusumba kandi igicumuro cacu cashitse mw’ijuru.
7 From our ancestors' days until now we have been in deep guilt, and for our sins we—our kings and priests—were handed to the kings of the lands, to the sword, captivity, plunder, and open shame on our faces, as it is today. Kuva mu misi ya ba sogokuruza gushika n’ubu, ukugabitanya kwacu kwamye ari kwinshi. Kubera ivyaha vyacu, twebwe n’abami bacu n’abaherezi bacu bagerewe inkota no kuba inyagano, kunyagwa ivyacu no gucurangurizwa mu maboko y’abami b’amahanga, nk’uko bimeze uwu musi.
8 But now, for a brief moment, grace has come from our Father, leaving us a remnant and giving us a firm foothold in his holy place, to brighten our eyes and grant us a little reviving in our slavery. Ariko noneho, Uhoraho Imana yacu, muri kano kanya gato, ahejeje kutugirira ubuntu mu kudusigariza amasigarira no kuduha ikibanza gikomeye mu ngoro yiwe yera, ku bw’ivyo Imana yacu ikaba itumurikiye kandi iduhaye agahengwe mu buja bwacu.
9 We are slaves; yet our Father has not abandoned us in our slavery. He extended his covenant love to us before the kings of Persia, reviving us to raise our Father's house, repair its ruins, and give us a wall of protection in Judah and Jerusalem. Naho turi abagurano, Imana yacu ntiyaduhebeye mu buja bwacu. Yatweretse ukugira neza kwayo imbere y’abami b’i Buperesi: Yadusubije ubuzima bushasha ngo dusubire kwubaka Ingoro y’Imana yacu no gusanura aho yasambutse, kandi yaduhaye uruzitiro rwo kudukingira i Buyuda n’i Yerusalemu.
10 And now, our Father, what can we say after this? For we have forsaken your commandments, Ariko ubu, ewe Mana yacu, twovuga iki inyuma y’ivyo? Ko twakengereye amabwirizwa yawe
11 which you commanded through your servants the prophets: "The land you are entering to possess is defiled by the impurity of its peoples, whose detestable practices have filled it end to end with their uncleanness. watanze ucishije mu bavugishwa bawe aho wavuga uti: Igihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire ni igihugu candujwe n’abantu bakibamwo. Bacujuje ibihumanya vyabo kuva ku mpera gushika ku yindi ku bw’ibikorwa vyabo bibi.
12 So now do not give your daughters to their sons or take their daughters for your sons, and never seek their peace or their prosperity, so you may be strong, eat the good of the land, and leave it as an inheritance to your children forever." Nuko rero, ntimuze mukoshe abakobwa banyu ku bahungu babo canke ngo musabire abahungu banyu abakobwa babo. Ntimuze mwigere mugiranira amasezerano y’ubugenzi na bo, kugira ngo mube abanyenkomezi kandi murye ivyiza vyo mu gihugu muze mukirage abana banyu nk’umugabane w’ibihe bidashira.
13 After all that has come on us for our evil deeds and great guilt—even then you, our Father, held back, punishing us less than our sins deserved, and gave us a remnant like this, Ivyadushitseko ni ingaruka y’ibikorwa vyacu bibi n’ukugabitanya kwacu gukomeye, ariko n’ubwo biri uko, Mana yacu waduhanye buhoro ugereranije n’ivyo twakoze kandi waduhaye amasigarira nk’aya.
14 will we again break your commands and intermarry with peoples who do these detestable things? Would you not be angry with us until you destroyed us, leaving no remnant or survivor? None twosubira kugarariza amabwirizwa yawe tugahana abageni na ya mahanga yakora ibibi vy’akaburarugero? Mbega ntivyotuma uraka bigatuma uturandura, ntudusigire amasigarira canke n’uwocika kw’icumu?
15 Our Father, God of Israel, you are righteous, for we are left a surviving remnant, as it is today. Here we are before you in our guilt, though none can stand before you because of it." Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, uragororotse! Uyu musi twasigaye nk’amasigarira. Turi hano imbere yawe dutsinzwe n’ivyo twakoze, naho ata woshobora guhagarara imbere y’inyonga zawe ku bw’ivyaha vyiwe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]