Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ezra 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 As Ezra prayed, confessed, wept, and fell before the house of our Father, a huge assembly of Israel—men, women, children—gathered to him, and the people wept bitterly. Ezira agisenga yatura, arira yubamye imbere y’Ingoro y’Imana, abantu benshi b’Abisirayeli, abagabo, abagore n’abana, bakoranira aho ari. Na bo nyene bararira cane.
2 Then Shecaniah son of Jehiel, one of Elam's descendants, said to Ezra, "We have broken faith with our Father and married foreign women from the peoples of the land. Yet there's still hope for Israel despite this. Nuko Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bakomoka kuri Elamu, abwira Ezira ati: “Ntitwabaye abizigirwa imbere y’Imana yacu mu kurongora abagore b’abanyamahangakazi dukuye mu mahanga adukikije. Ariko naho bimeze uko, haracariho ivyizigiro ku Bisirayeli.
3 So now, let's covenant with our Father to send away all these wives and their children, as advised by my lord and those who tremble at our Father's command; let it be done by the Law. Ubu rero, nimuze dusezeranire imbere y’Imana yacu, twemere kwirukana abo bagore bose n’abana babo, nk’uko wewe nyakwubahwa ubiduhanura n’abandi bose bahindira agashitsi imbere y’amabwirizwa y’Uhoraho Imana yacu. Kandi tubikore twisunze ivyagezwe.
4 Get up, for this matter rests on you, and we are with you. Be strong and act." Haguruka; iki kibazo kiri mu maboko yawe. Natwe turagushigikiye, komera kandi ubikore.”
5 Ezra then stood and had the chief priests, Levites, and all Israel swear to do as agreed. They took the oath. Nuko Ezira aca ava hasi arahiza abakuru mu baherezi n’Abalewi n’Abisirayeli bose ngo bakore ivyo vyavuzwe. Bose bararahira.
6 Then Ezra rose from before the house of our Father and went to the room of Jehohanan son of Eliashib, staying the night without bread or water, for he mourned over the unfaithfulness of the exiles. Maze Ezira aca ava imbere y’Ingoro y’Imana aja mu cumba ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Ari ngaho, ntiyariye ikintu na kimwe kandi ntiyanyoye n’amazi, kuko yabandanije agandaye kubera ubuhemu abavuye mu kinyago bagize.
7 Then they sent word through Judah and Jerusalem for all the returned exiles to gather at Jerusalem. Nuko babimenyesha mu Buyuda hose n’i Yerusalemu ngo abagarutse bavuye mu kinyago bakoranire hamwe i Yerusalemu.
8 Whoever failed to come within three days, by decision of the officials and elders, forfeited all his property and was excluded from the assembly of the exiles. Umuntu wese atashoboye kuboneka mu misi itatu yaca anyagwa itongo ryiwe, nk’uko vyari vyashinzwe n’abatware hamwe n’abakuru b’imiryango, kandi na we nyene ubwiwe agaca akurwa mw’ikoraniro ry’abagarutse bavuye mu kinyago.
9 All the men of Judah and Benjamin gathered in Jerusalem within three days—on the twentieth day of the ninth month. All the people sat in the square before the house of our Father, trembling over this matter and the heavy rains. Mu misi itatu, abagabo bose b’i Buyuda n’i Bubenyamini bari bakoraniye i Yerusalemu, maze ku musi wa mirongo ibiri w’ukwezi kw’icenda, abantu bose bari bicaye mu kibuga c’Ingoro y’Imana, batetemera kubera iyo ngorane hamwe rero n’imvura nyinshi.
10 Ezra the priest rose and said to them, "You have been unfaithful, marrying foreign women, adding to Israel's guilt. Nuko Ezira umuherezi arahaguruka arababwira ati: “Ntimwabaye abizigirwa; mwarongoye abagore b’abanyamahangakazi, mwongereza ku bibi Abisirayeli bari barakoze.
11 Now confess to our Father, the God of your fathers, and do his will. Separate from the peoples of the land and from the foreign women." None rero nimwaturire Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza icaha canyu, kandi mukore ivyo agomba. Mwitandukanye n’abanyamahanga mubana n’abagore mwazanye b’abanyamahangakazi.”
12 Then the whole assembly answered with a loud voice, "Yes! We must do as you have said. Ikoraniro ryose ririshura n’ijwi rirenga riti: “Uvuze ukuri! Turakora nk’uko uvuze.
13 But the people are many, and it's the rainy season, so we can't stand outside. This isn't a job of one or two days, for we've sinned greatly in this matter. Ariko hano hari abantu benshi kandi ni mu gihe c’imvura; kubera ivyo ntidushobora guhagarara hanze. Ikigeretse kuri ivyo, ibi ntibishobora gutunganywa ku musi umwe canke ibiri, kuko twakoze icaha gikomeye mu gukora ivyo.
14 Let our leaders act for the whole assembly. Let all in our towns who married foreign women come at set times, with each town's elders and judges, until our Father's burning anger over this matter turns from us." Abatware bacu nibabikore mu gishingo c’ikoraniro ryose. Maze umuntu wese wo mu bisagara vyacu yarongoye umunyamahangakazi mu gihe kinaka cemejwe, azoze azananye n’abakuru n’abacamanza bo mu gisagara kimwe cose, kugira ngo uburake bw’inkazi bw’Imana yacu bwatewe n’iyi ngorane bushobore kutuvako.”
15 Only Jonathan son of Asahel and Jahzeiah son of Tikvah opposed this; Meshullam and Shabbethai the Levite supported them. Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikuva ni bo bonyene bagwanije iyo ngingo, bashigikiwe na Meshulamu na Shabetayi Umulewi.
16 So the exiles did this. Ezra the priest chose men, heads of fathers' houses, each named, for their father's house. On the first day of the tenth month they sat to examine the matter, Nuko abatahutse bavuye mu kinyago bakora nk’uko bagiriwe inama. Ezira umuherezi atoranya abagabo bari abakuru b’imiryango, umw’umwe mu muce w’umuryango, kandi abagabo bose babavuga mu mazina. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icumi baricara ngo bige ivyo bintu,
17 by day one of the first month, they finished with all the men who had married foreign women. kandi kugeza ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere baraheza kwihweza ivyerekeye abagabo bose bari barongoye abagore b’abanyamahangakazi.
18 Among the priests' sons found to have married foreign women: sons of Jeshua son of Jozadak and his brothers—Maaseiah, Eliezer, Jarib, and Gedaliah. Mu bakomotse ku baherezi, aba bakurikira ni bo bari bararongoye abanyamahangakazi: Mu bakomoka kuri Yesuwa mwene Yozadaki, n’abavukanyi biwe ni Mayaseya, Eliyezeri, Yaribu na Gedaliya.
19 They pledged to send away their wives; guilty, they offered a ram from the flock for their guilt. (Bose basezerana mu ndahiro kwirukana abagore babo, no gutanga impfizi y’intama ivuye mu mukuku ngo ibe ikimazi co kwisaba ku bw’icaha cabo.)
20 Of the sons of Immer: Hanani and Zebadiah. Mu bakomoka kuri Imeri ni Hanani na Zebadiya.
21 Of the sons of Harim: Maaseiah, Elijah, Shemaiah, Jehiel, and Uzziah. Mu bakomoka kuri Harimu ni Mayaseya, Eliya, Shemaya, Yehiyeli na Uziya.
22 Of the sons of Pashhur: Elioenai, Maaseiah, Ishmael, Nethanel, Jozabad, and Elasah. Mu bakomoka kuri Pashuri ni Eliyowenayi, Mayaseya, Ishimayeli, Netaneli, Yozabadi na Elasa.
23 Of the Levites: Jozabad, Shimei, Kelaiah (that is, Kelita), Pethahiah, Judah, and Eliezer. Mu Balewi ni Yozabadi, Shimeyi, Kelaya ari we Kelita, Petahiya, Yuda na Eliyezeri.
24 Of the singers: Eliashib. Of the gatekeepers: Shallum, Telem, and Uri. Mu baririmvyi ni Eliyashibu. Mu barinzi b’irembo ni Shalumu, Telemu na Uri.
25 And of Israel: of the sons of Parosh—Ramiah, Izziah, Malchijah, Mijamin, Eleazar, Malchijah, and Benaiah. Mu bakomotse ku bandi Bisirayeli: Mu bakomoka kuri Paroshi ni Ramiya, Iziya, Malikiya, Miyamini, Eliyazeri, Malikiya na Benaya.
26 Of the sons of Elam: Mattaniah, Zechariah, Jehiel, Abdi, Jeremoth, and Elijah. Mu bakomoka kuri Elamu ni Mataniya, Zakariya, Yehiyeli, Abudi, Yeremoti na Eliya.
27 Of the sons of Zattu: Elioenai, Eliashib, Mattaniah, Jeremoth, Zabad, and Aziza. Mu bakomoka kuri Zatu ni Eliyowenayi, Eliyashibu, Mataniya, Yeremoti, Zabadi na Aziza.
28 Of the sons of Bebai: Jehohanan, Hananiah, Zabbai, and Athlai. Mu bakomoka kuri Bebayi ni Yehohanani, Hananiya, Zabayi na Atilayi.
29 Of the sons of Bani: Meshullam, Malluch, Adaiah, Jashub, Sheal, and Jeremoth. Mu bakomoka kuri Bani ni Meshulamu, Maluki, Adaya, Yashubi, Sheyali na Yeremoti.
30 Of the sons of Pahath-moab: Adna, Chelal, Benaiah, Maaseiah, Mattaniah, Bezalel, Binnui, and Manasseh. Mu bakomoka kuri Pahati-Mowabu ni Adina, Kelali, Benaya, Mayaseya, Mataniya, Bezaleli, Binuwi na Manase.
31 Of the sons of Harim: Eliezer, Isshijah, Malchijah, Shemaiah, Shimeon, Mu bakomoka kuri Harimu ni Eliyezeri, Ishiya, Malikiya, Shemaya, Shimeyoni,
32 Benjamin, Malluch, and Shemariah. Benyamini, Maluki na Shemariya.
33 Of the sons of Hashum: Mattenai, Mattattah, Zabad, Eliphelet, Jeremai, Manasseh, and Shimei. Mu bakomoka kuri Hashumi ni Matenayi, Matata, Zabadi, Elifeleti, Yeremayi, Manase na Shimeyi.
34 Of the sons of Bani: Maadai, Amram, Uel, Mu bakomoka kuri Bani ni Mayadayi, Amuramu, Uweli,
35 Benaiah, Bedeiah, Cheluhi, Benaya, Bedeya, Keluhi,
36 Vaniah, Meremoth, Eliashib, Vaniya, Meremoti, Eliyashibu,
37 Mattaniah, Mattenai, and Jaasu. Mataniya, Matenayi na Yayasu.
38 Of the sons of Binnui: Shimei, Mu bakomoka kuri Binuwi ni Shimeyi,
39 Shelemiah, Nathan, Adaiah, Shelemiya, Natani, Adaya,
40 Machnadebai, Shashai, Sharai, Makinadebayi, Shashayi, Sharayi,
41 Azarel, Shelemiah, Shemariah, Azareli, Shelemiya, Shemariya,
42 Shallum, Amariah, and Joseph. Shalumu, Amariya na Yosefu.
43 Of the sons of Nebo: Jeiel, Mattithiah, Zabad, Zebina, Jaddai, Joel, and Benaiah. Mu bakomoka kuri Nebo ni Yeyiyeli, Matitiya, Zabadi, Zebina, Yadayi, Yoweli na Benaya.
44 All these had married foreign women, and some of them had wives by whom they had children. Abo bagabo bose bari bararongoye abanyamahangakazi kandi bamwe muri bo bari bafitaniye abana n’abo bagore.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]