Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 39 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 From the blue, purple, and scarlet yarn they made finely woven garments for serving in the holy place; they made the holy garments for Aaron, as our Father commanded Moses. Abahinga karuhariwe bakorera Aroni imyambaro myiza yejejwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’ivyo azokwambara ariko arakora igikorwa c’ubuherezi, babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.
2 He made the ephod of gold, of blue, purple, and scarlet yarn, and of finely woven linen. Bakora efodi mu nyuzi z’inzahabu, iz’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza.
3 They hammered gold into sheets, cut it into threads, and worked them into the blue, purple, and scarlet yarn and fine linen—the work of a skilled designer. Bafashe inzahabu barazihonda n’inyundo gushika aho baronka ibati rihwahutse, baricagaguramwo udutsinga, batwongera mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere, bikorwa n’abahinga karuhariwe.
4 They made shoulder pieces for it, joined together at its two edges. Efodi yari igizwe n’ibitambara bibiri, kimwe c’inyuma n’ikindi c’imbere, bigafatanirizwa ku mfuruka zavyo ku bitugu kugira ngo bigume.
5 The ephod's woven band was one piece with it, made the same way: gold, blue, purple, and scarlet yarn, and finely twisted linen, as our Father commanded Moses. Umukanda wo kuyikenyeza wari ukozwe ku buhinga mu gitambara cayo, bifatanijwe. Wari usharijwe n’inzahabu, uriko inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, kandi bayikora nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
6 They made the onyx stones, mounted in gold filigree settings, engraved like seal engravings, with the names of Israel's sons. Batunganya utubuye tw’agaciro twitwa onigisi badutera ku dusharizo tw’inzahabu batwandikako amazina y’abana ba Isirayeli nka kurya bandika ku kidodo.
7 He put them on the ephod's shoulder pieces as memorial stones for Israel's sons, as our Father had commanded Moses. Utwo dusharizo baca badutera kuri vya bitambara vya efodi bifatanira ku bitugu, ngo tuzobe utubuye tw’icibutso ku Bisirayeli nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
8 He made the breastpiece—skilled work like the ephod's—of gold, blue, purple, scarlet yarn, and finely twisted linen. Bashona n’umufuko wo mu gikiriza, ushonwa n’abahinga karuhariwe. Na wo nyene bawujisha nk’uko bajisha efodi, mu nyuzi z’inzahabu zongewe mu z’ubururu, izitukura, izitukura cane, n’izera derere zihinze neza.
9 Square and doubled, they made the breastpiece—about nine inches long and nine inches wide, doubled. Wari umufuko ushonywe mu gitambara kizinzemwo kabiri, ufise impande zine zingana, uruhande rwose rungana n’ingero imwe y’intoke.
10 They set in it four rows of stones. The first row was carnelian, topaz, and emerald; Bawuterako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere wari ugizwe n’utwitwa saruduwane, topazi na emerode;
11 the second row, turquoise, sapphire, and emerald; uwa kabiri wari ugizwe n’utwitwa turikwaze, lapisi lazuli na diyama;
12 the third row, jacinth, agate, and amethyst; uwa gatatu wari ugizwe n’utwitwa yasente, agate, na ametisite;
13 the fourth row, beryl, onyx, and jasper. They were enclosed in gold filigree settings. mu wa kane harimwo utwitwa kirizolite, onigisi, na yasipi. Twagenda twomekwa ku dusharizo tw’inzahabu.
14 Twelve stones, one per name of Israel's sons, each engraved like a seal with its own name, for the twelve tribes. Twari utubuye icumi na tubiri mu bwoko bumwebumwe bwose, kamwekamwe kw’izina ry’umuryango w’Abisirayeli, kandi izina ry’uwo muryango ryari ryanditswe nk’uwandika ku kidodo.
15 For the breastpiece they made braided chains of pure gold, like cords. Uwo mufuko wo mu gikiriza bawukorera imigufu mu nzahabu itavanze, imeze nk’imigozi ihinze.
16 They made two gold filigree settings and two gold rings, fastening the two rings to the breastpiece's two ends. Bacura udusharizo tubiri n’imiringa ibiri y’inzahabu, iyo miringa ibiri bayitera ku mfuruka zibiri zo hejuru ya wa mufuko wo mu gikiriza.
17 They fastened the two gold cords to the two rings at the ends of the breastpiece. Ya migufu na yo bayifatisha kuri iyo miringa iri ku mfuruka z’uwo mufuko,
18 They put the two ends of the two cords on the two filigree settings, and put them on the ephod's shoulder pieces, at its front. maze iyindi mitwe y’iyo migufu bayifatanya na twa dusharizo duteye kuri ca gitambara ca efodi co mu bitugu, duteye amaja imbere.
19 They made two gold rings and put them on the breastpiece's two ends, on its inner edge facing the ephod. Bongera bacura n’iyindi miringa ibiri, bayishira ku zindi mfuruka zibiri za wa mufuko wo mu gikiriza, ku ruhande rw’imbere ahahereranye na efodi.
20 They made two gold rings and put them on the two shoulder pieces of the ephod, low on the front, near the seam above its woven band. Bacura iyindi miringa ibiri y’inzahabu, bayifatisha musi ya vya bitambara bibiri vya efodi bihurira ku bitugu, ku ruhande rw’imbere, hafi y’aho bihurira hejuru gato y’umukanda wa efodi.
21 They fastened the breastpiece's rings to the ephod's rings with a blue cord, so it would rest on the ephod's woven band and not come loose from the ephod, as our Father commanded Moses. Bafatanya ya miringa ya ya mpuzu yo mu gikiriza, bayifatanya n’imiringa ya efodi n’umugozi usa n’ubururu ufatanye n’uwo mufuko n’umukanda, gutyo ntuze urazungazunga ariko ngo ufate kuri efodi. Nuko babikora nk’uko Mose yabibategetse.
22 Bezalel made the robe of the ephod entirely of blue, the work of a weaver. Bashona ikanzu yo kwambarirako Efodi mu gitambara kimwe gisa n’ubururu,
23 Its opening was in the center, like a collar's opening, with a woven binding around it so it wouldn't tear. bayiha intoboro hagati na hagati, bayibaririrako akandi kajishano kayikikuje, kugira ngo iyo kanzu ntizohereho itabuka.
24 They made pomegranates of blue, purple, and scarlet yarn and twisted linen on the robe's hem. Umusozo w’iyo kanzu bawuterako udusharizo dusa n’ivyamwa vy’amakomamanga mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera zihinze neza.
25 They made pure gold bells and set them between the pomegranates on the robe's hem, all around between the pomegranates. Bacura n’udukengeri mu nzahabu itavanze, badufatisha ku ntango, hagati ya twa dusharizo tw’amakomamanga.
26 Bell and pomegranate, bell and pomegranate, around the robe's hem for serving, as our Father commanded Moses. Utwo dukengeri twaza turakurikirana na twa dusharizo, bikikuje umusozo w’iyo kanzu yo kwambarwa n’umuherezi nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose.
27 For Aaron and his sons they made the tunics of fine linen, the work of a weaver, Bashonera Aroni n’abahungu biwe imyambaro isharijwe n’amabara mu nyuzi zera derere.
28 the fine-linen turban, the beautiful fine-linen caps, and linen undergarments of finely twisted linen. Bashona n’igitambara co kwizingira mu mutwe, bagishona mu nyuzi zera, hamwe n’impuzu zo musi, zijishwa mu nyuzi zera zihinze neza.
29 The sash: finely woven linen, blue, purple, and scarlet yarn, embroidered work, as our Father commanded Moses. Igitambara co mu bitugu kimanuka imbere cari kijishwe mu nyuzi zera zihinzwe neza, iz’ubururu n’izitukura nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
30 They made the holy crown's plate from pure gold, engraved like a seal: "Holy to our Father." Maze bacura agasharizo kabase mu nzahabu itavanze kameze nk’ishurwe, bakandikako nk’uwandika ku kidodo bati: Yerejwe Uhoraho.
31 They tied a blue cord to it, fastening it on the turban above, as our Father commanded Moses. Baca bakambika umugozi usa n’ubururu bagafatisha kuri ca gitambara co kwambara mu mutwe, nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
32 All the work of the tabernacle, the tent of meeting, was finished. Israelites did everything our Father commanded Moses—so they did. Uko ni ko ibikorwa bijanye n’Ihema ry’Ibonaniro vyarangiye. Abisirayeli bakoze vyose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
33 They brought Moses the tabernacle: the tent, all its furnishings, clasps, frames, crossbars, posts, and bases; Maze bazanira Mose iryo hema: ivyo kuripfuka n’ibijanye na vyo, ibikwashu, imbaho, ibiti vy’imitambikwa, inkingi n’ivyo zishingwako;
34 the covering of red-dyed ram skins, the covering of fine leather, and the screening curtain, ivyo kurenzako bikozwe mu nsato z’intama zizize mu gahama n’izindi nsato z’agaciro hamwe n’ibitambara vyo gukinga Ahera Cane;
35 the ark of the testimony with its poles and the mercy seat; bazana Isandugu y’Isezerano n’imyamba yo kuyirerura n’umupfundikizo wo guhongerako;
36 the table with all its utensils and the bread of the Presence; imeza n’ibikoresho vyose vyo kuri iyo meza, hamwe n’imikate y’ishikanwa;
37 the pure gold lampstand, its arranged lamps, all its utensils, and oil for the light; bazana n’igiterekwako amatara gicuzwe mu nzahabu itavanze, n’amatara yaco hamwe n’ibijana na co vyose, n’amavuta ya elayo yo gucana mu matara;
38 the gold altar, anointing oil, fragrant incense, and the tent entrance screen; igicaniro gikozwe mu nzahabu, amavuta yo kurobanura, ibitamirana, igitambara co gukinga urwinjiriro rw’Ihema;
39 the bronze altar with its bronze grate, poles, and all its utensils, the basin and its stand; igicaniro gikozwe mu mwakaka, ico kwokerezako gikozwe mu mwakaka nyene, imyamba yo kukirerura, ibikoresho bijana na co; ibesani yo gukarabiramwo n’ivyo iterekwako;
40 the courtyard's curtains, posts, and bases, the courtyard entrance screen, ropes, pegs, and all the equipment for the tabernacle's service, the tent of meeting; igitambara co kumanika ngo gipfuke urugo, inkingi zaco n’ivyo zishingwako, igitambara co mu rwinjiriro rw’urugo, imigozi, imambo z’urugo n’ibikoresho vyose bikenewe mw’Ihema ry’Ibonaniro;
41 and the finely woven garments for serving in the holy place, the holy garments for Aaron the priest, and his sons' garments for priestly service. imyambaro y’abaherezi harimwo iyejejwe ya Aroni hamwe n’iy’abahungu biwe bazokwambara bariko barakora igikorwa c’ubuherezi.
42 The people of Israel had done all the work just as our Father had commanded Moses. Abisirayeli bakoze vyose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
43 Moses inspected all the work: they had done it as our Father commanded—so they had done it. Moses blessed them. Mose asuzuma ibikorwa vyose asanga babikoze nk’uko Uhoraho yabitegetse, aca arabahezagira.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]