Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 38 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 He made the altar of burnt offering from acacia wood: about seven and a half feet long and wide—a square—and four and a half feet high. Bubaka igicaniro co guturirirako ibimazi mu giti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku ngero z’igice c’ukuboko zitanu, n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’igihagararo.
2 He made horns on its four corners, one piece with it, and covered it with bronze. Bagiha amahembe ane mu mfuruka zine, kandi akorwa kumwe n’igicaniro, hanyuma bacomekako umwakaka.
3 He made all the altar's utensils: pots, shovels, basins, forks, and firepans—all its utensils of bronze. Bakora n’ibikoresho vyose bijana n’igicaniro mu butare bw’umwakaka ari vyo vy’ibi: udukono, ivyo kuyoza umunyota, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro.
4 He made for the altar a bronze grating under its ledge, reaching halfway up. Ico gicaniro bagikorera akayungiro,
5 He cast four rings on the four corners of the bronze grating to hold the poles. bacura n’ibigombo vyo gufata imyamba, babitera mu mfuruka zine za ka kayungiro.
6 He made acacia-wood poles and covered them with bronze. Iyo myamba bayibaje mu giti c’ikasiya, bayomekako umwakaka,
7 He put the poles into the rings on the altar's sides, to carry it by them; he made it hollow, with boards. bayicisha muri vya bigombo bine biri ku mpande zibiri z’igicaniro kugira ngo ibe ari yo bazoja barakireruza. Bacubatse kimeze nk’isandugu ipfunduruye.
8 He made the bronze basin and its bronze stand from the mirrors of the women serving at the tent of meeting's entrance. Bacura ibesani mu butare bw’umwakaka n’ivyo bayiterekako bikozwe mu mwakaka wavuye ku vyirore vyatanzwe n’abagore bakora mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro.
9 He made the courtyard. Its curtains on the south side were finely twisted linen, about 150 feet long. Bahejeje ivyo, bubaka urugo: uruhande rwo mu bumanuko rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure kandi rwari rugizwe n’ibitambara bijishwe mu nyuzi zera derere, zihinze neza.
10 Their twenty pillars and twenty bases: bronze. Pillars' hooks and bands: silver. Rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bikozwe mu butare bw’umwakaka, n’imirinda icuzwe mw’ifeza hamwe n’ibifatanije izo nkingi.
11 The north side: 150 feet of curtains, with twenty bronze pillars and twenty bronze bases; the pillars' hooks and bands were silver. Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure, rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo ziteretseko mirongo ibiri bicuzwe mu mwakaka, rukagira imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije izo nkingi.
12 On the west side: curtains about seventy-five feet, ten pillars, ten bases; the pillars' hooks and bands were silver. Uruhande rwo mu burengero rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, rugizwe n’ibitambara, rukagira inkingi icumi n’ivyo ziteretseko icumi bicuzwe mw’ifeza, hamwe n’imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije za nkingi.
13 On the east side, toward the sunrise, the courtyard was about seventy-five feet wide. Uruhande rwo mu buseruko, na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu.
14 Curtains twenty-two and a half feet long for one side of the gate, with three pillars and three bases. Ku ruhande rumwe rw’urwinjiriro haja igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu, n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene;
15 Same on the other side: curtains on both sides of the courtyard gate, about twenty-two and a half feet long, with three pillars and three bases each. ku rundi ruhande hari ibitambara vy’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu nyene, n’inkingi zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene.
16 All the curtains around the courtyard were of finely twisted linen. Ibitambara vyose vyari bigize urugo vyari bijishwe mu nyuzi zera zihinze neza.
17 The courtyard pillars' bases were bronze; their hooks and bands were silver; their tops' overlay was silver; all courtyard pillars were banded with silver. Ibiterekwako inkingi vyari bicuzwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yose na yo yari ikozwe mw’ifeza. Ku mitwe y’inkingi hari hometseko ifeza, kandi imiringa yo gufata ibitambara yose yari ikozwe mw’ifeza.
18 The courtyard's gate curtain was embroidered in blue, purple, and scarlet yarn and finely twisted linen—about thirty feet long, seven and a half feet high, like the courtyard's curtains. Ibitambara bikinga mu rwinjiriro rw’urugo vyari bijishwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, vyakozwe n’abahinga karuhariwe. Vyari bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’uburebure, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke, co kimwe n’ibitambara bigize urugo.
19 Their four pillars and four bases were bronze; their hooks, silver; the overlay of their tops and bands, silver. Vyari biseguwe n’inkingi zine n’ivyo zihagazeko bine bikozwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yavyo n’ibitambikwa bifatanya inkingi vyari bikozwe mw’ifeza, kandi imitwe y’inkingi yari yometseko ifeza.
20 All the pegs for the tabernacle and around the courtyard were bronze. Imambo zose z’Ihema hamwe n’iz’urugo rwari ruyikikuje zari zacuzwe mu butare bw’umwakaka.
21 These are the accounts of the tabernacle, the tabernacle of the testimony, recorded at Moses' command—the work of the Levites under Ithamar son of Aaron the priest. Ibi ni vyo bikoresho vyakoreshejwe mu kwubaka Ihema ry’Ibonaniro, nk’uko Mose yageze ko biharurwa, Abalewi bakaba ari bo babiharuye, barongowe na Itamari mwene Aroni umuherezi.
22 Bezalel son of Uri, son of Hur, of Judah's tribe, made all our Father commanded Moses, Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda, ni we yakoze ivyo Uhoraho yari yategetse Mose vyose;
23 with him was Oholiab son of Ahisamach, of the tribe of Dan, an engraver, designer, and embroiderer in blue, purple, scarlet yarn, and fine linen. Yari afatanije na Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani, umuhinga mu kwishushaniririza ivyo yakora, akaba n’umuhinga mu gutegura inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere.
24 All the gold used for the work, in all the work of the sanctuary—the wave offering's gold—weighed about 2,193 pounds, by the sanctuary standard. Inzahabu zatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe zakoreshejwe mu bikorwa vyo kwubaka ihema zangana n’italanto mirongo ibiri n’icenda na shekeli amajana indwi na mirongo itatu, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.
25 Silver from those counted in the community weighed about 7,545 pounds, by the sanctuary standard: Ifeza zegeranijwe mw’ikoraniro zangana n’italanto ijana na shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.
26 About a fifth of an ounce of silver per head, for each counted, twenty years old and up: 603,550 men. Izo feza zatanzwe nk’ikori n’abagabo bose baharuwe, umwe wese agatanga ingero beka imwe, ni ukuvuga igice ca shekeli, hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. Abagabo batanze ifeza bari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu bafise imyaka mirongo ibiri n’iyirenga.
27 About 7,500 pounds of silver cast the sanctuary's bases and the veil's bases—one hundred bases from that silver, about 75 pounds each. Izo talanto ijana z’ifeza zakoreshejwe mu gucura ibitereko vyo gushingamwo inkingi ijana z’Ihema n’iza ca gitambara gikingiriye Ahera. Ibitereko ijana vyavuye mw’italanto ijana, italanto imwe ivamwo igitereko kimwe.
28 From the forty-five pounds of silver he made hooks for the pillars, overlaid their tops, and banded them. Bakoresheje shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu mu gucura imirinda n’ibitambikwa vyo gufatanya inkingi, izindi bazomeka ku mitwe y’inkingi.
29 The bronze of the wave offering weighed about 5,310 pounds. Ivyo mu butare bw’umwakaka vyatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe vyangana n’italanto mirongo indwi na shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane.
30 With it he made the tent of meeting's entrance bases, the bronze altar with its bronze grating, and all the altar's utensils. Ivyo vyakoreshejwe mu gucura ivyo guterekako inkingi zo ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, ku gicaniro c’umwakaka hamwe n’ibikoresho bijana na co,
31 The bases around the courtyard, the bases of the courtyard's gate, all the tabernacle's pegs, and all the pegs around the courtyard. ivyateretsweko inkingi zigize urugo rukikuje ihema hamwe n’urwinjiriro rwaryo, n’imambo z’Ihema n’iz’urugo ruyikikuje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]