Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Esther 9 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the twelfth month, Adar, on the thirteenth day—when the king's order and decree were to take effect, the day the Jews' enemies hoped to dominate them—it reversed: the Jews dominated their haters. Ku musi wa cumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri, ari kwo bita Adari, icagezwe casohowe n’umwami categerezwa gushirwa mu ngiro. Kuri uwo musi abansi b’Abayuda bari bizigiye kubanesha, ariko birahinduka maze Abayuda banesha abansi babo.
2 The Jews gathered in their cities across King Xerxes's provinces to attack those seeking their harm. No one could stand against them; fear of them had fallen on all peoples. Abayuda bakoranira mu bisagara vyabo mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi ngo batere abarondera kubica. Nta n’umwe yashoboye kubahagarara imbere, kuko abantu bose bo mu bundi bwoko baciye babatinya cane.
3 All the province officials, satraps, governors, and royal administrators supported the Jews, for fear of Mordecai had fallen on them. Kandi abakuru bo mu ntara, abatwarira umwami, abakuru b’intara n’abandi bafasha umwami gutwara baca bafasha Abayuda, kuko bari batekewe n’ubwoba batinya Moridekayi.
4 Mordecai grew powerful in the king's house; his fame spread through every province, for Mordecai himself grew more and more powerful. Moridekayi yari yabaye agakomeye ku kirimba; ukumenyekana kwiwe gukwira mu ntara zose, kandi akomeza kuba umunyabushobozi.
5 The Jews struck all their enemies with the sword, killing and destroying, doing as they pleased to their haters. Abayuda batsinda abansi babo babamarisha inkota, barabica, barabatikiza, kandi bakora ico cose bipfuza ku bansi babo.
6 In the citadel of Susa the Jews killed and destroyed 500 men. Ku mugwa w’i Suza, Abayuda bica abagabo amajana atanu.
7 They also killed Parshandatha, Dalphon, Aspatha, Bica na Parishandata, Dalufoni, Asipata,
8 Poratha, Adalia, Aridatha, Porata, Adaliya, Aridata,
9 Parmashta, Arisai, Aridai, and Vaizatha. Parumashita, Arisayi, Aridayi na Vayizata,
10 Ten sons of Haman son of Hammedatha, enemy of the Jews, they killed—but they took no plunder. abahungu cumi ba Hamani mwene Hamedata, umwansi w’Abayuda. Ariko ntibakora ku kintu na kimwe ngo bagisahure.
11 That day the number killed in the citadel of Susa was reported to the king. Igitigiri c’abishwe ku mugwa i Suza kimenyeshwa umwami kuri uwo musi nyene.
12 The king said to Queen Esther, "In the fortress of Susa the Jews killed and destroyed 500 men and Haman's ten sons. What have they done in the rest of the king's provinces? What is your request? It will be given to you. What more do you ask? It will be done." Umwami abwira umwamikazi Esiteri ati: “Abayuda bishe bakuraho abagabo amajana atanu n’abahungu cumi ba Hamani ku mugwa i Suza. Nimba bakoze ivyo ngaha, mu zindi ntara z’ubwami ho bakoze iki? None rero ubu hari ikindi usaba? Na co uragihabwa. Vuga ico ukeneye cose, na co nyene urakironka.”
13 Esther said, "If it pleases the king, let the Jews in Susa act again tomorrow under today's decree, and hang Haman's ten sons on poles." Esiteri aramwishura ati: “Nivyaba bihimbaye umwami, niyemerere Abayuda bari i Suza gushishikara gushira mu ngiro ca cagezwe no ku musi w’ejo, kandi ba bahungu cumi ba Hamani bamanikwe ku giti.”
14 The king ordered it done. A decree was issued in Susa, and they hanged Haman's ten sons. Nuko umwami ategeka ko n’ivyo bikorwa, icagezwe kirasohoka i Suza, maze baca bamanika ba bahungu cumi ba Hamani.
15 Jews in Susa also gathered on Adar's fourteenth day, killed 300 men there, but didn't touch the plunder. Abayuda b’i Suza barakorana ku musi ugira cumi na kane w’ukwezi kwa Adari, bica i Suza abagabo amajana atanu, ariko ntibagira ico basahura.
16 The rest of the Jews in the king's provinces gathered to defend their lives, got relief from enemies, killed 75,000 who hated them, but touched no plunder. Muri ico gihe, Abayuda basigaye bo mu zindi ntara umwami yatwara na bo nyene barakorana ngo bigwanire, bivune abansi babo. Bica ibihumbi mirongo indwi na bitanu muri bo ariko ntibakora kw’isahu.
17 This happened on the thirteenth of Adar; the fourteenth they rested, making it a day of feasting and joy. Ivyo vyashitse ku musi wa cumi na gatatu w’ukwezi kwa Adari, maze ku musi wa cumi na kane bararuhuka kandi bawugira umusi mukuru wo guhimbaza n’uwo umunezero.
18 In Susa the Jews gathered on the thirteenth and fourteenth days, resting on the fifteenth, making it a day of feasting and joy. Ariko Abayuda b’i Suza bari bakoraniye hamwe ku musi wa cumi na gatatu n’umusi wa cumi na kane, maze ku musi ugira cumi na gatanu bararuhuka baca bawugira umusi w’umunezero no guhimbaza.
19 That is why the Jews of the open villages celebrate the fourteenth of Adar with joy, feasting, a holiday, and sending food gifts to each other. Ni co gituma Abayuda bo mu misozi, ababa mu bigwati, bahimbaza umusi wa cumi na kane w’ukwezi kwa Adari nk’umusi w’umunezero no guhimbaza, umusi wo guhanahana ingabire.
20 Mordecai wrote these events, sending letters to all Jews in King Xerxes's provinces, near and far, Moridekayi yandika ivyo vyabaye, kandi arungika amakete ku Bayuda bose bari mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi, aba hafi n’aba kure,
21 to require them to celebrate the fourteenth and fifteenth days of the month of Adar every year, ngo baze bame bahimbaza uko umwaka utashe imisi ya cumi na kane na cumi na gatanu y’ukwezi kwa Adari
22 as the days the Jews rested from their enemies, and the month turned for them from grief to joy, mourning to celebration. He told them to keep them as days of feasting and joy, sending food gifts to each other and gifts to the poor. nk’igihe Abayuda bivuna abansi babo, kandi nk’ukwezi umubabaro wabo wahindutsemwo umunezero, ukugandara kwabo kugahindukamwo umusi wo guhimbaza. Abandikira ngo baze bafate iyo misi nk’imisi mikuru y’umunezero no guhanahana ingabire z’ivyokurya n’ingabire ku bakene.
23 The Jews adopted as a custom what they had begun doing, just as Mordecai wrote to them. Nuko Abayuda baravyemera ko bazoshishikara ukwo kwiginana bari batanguye, bagakora ivyo Moridekayi yabandikiye.
24 Haman son of Hammedatha the Agagite, enemy of all the Jews, planned their destruction and cast the pur—the lot—to crush and destroy them. Kuko Hamani mwene Hamedata Umwagagi, umwansi w’Abayuda, yari yagiye inama yo kwica Abayuda akagira ubupfindo bita puri kugira ngo abaherengeteze abamare kuri iryo genekerezo.
25 But when it came before the king, he ordered by letter that the evil scheme Haman schemed against the Jews fall back on his head, and that he and his sons be hung on the poles. Ariko bimaze gushika imbere y’umwami, arungika amategeko yanditse kugira ngo izo nama mbi Hamani yari yagiriye Abayuda zisubire ku mutwe wiwe ubwiwe, kandi ngo abahungu biwe bamanikwe ku biti.
26 So these days are called Purim, after the word pur, because of all this letter's words, and because of what they saw and what happened to them. Nuko iyo misi yitwa Purimu, ijambo rivuye mw’ijambo puri. Kubera ikintu cose canditswe muri iryo kete no kubera ko bari babonye ivyababayeko,
27 The Jews bound themselves, their descendants, and all who joined them, to keep these two days yearly at the appointed time, without fail, as written. Abayuda bashiraho umugenzo kugira ngo bo bo ubwabo n’abazobakomokako n’abazokwifatanya na bo bose baze bahimbaze iyo misi ibiri uko umwaka uheze, nk’uko vyategekanijwe no mu gihe cashinzwe.
28 Every generation, family, province, and city remembers and keeps these days; these Purim days will never end among the Jews, nor their memory die out among their descendants. Iyo misi ize yibukwe guhimbazwa uko urunganwe ruzogenda rukurakuranwa n’urundi no mu miryango yose, mu ntara zose no mu bisagara vyose. Abayuda ntibaze bigere bibagira guhimbaza iyo misi ya Purimu, canke ngo uruvyaro rwabo ruyibagire.
29 Queen Esther daughter of Abihail and Mordecai the Jew wrote with full authority confirming this second Purim letter. Nuko umwamikazi Esiteri, umukobwa wa Abihayili, hamwe na Moridekayi Umuyuda, barandika, bakoresheje ububasha bwose, ngo bemeze iryo kete rya kabiri ryerekeye Purimu.
30 Letters were sent to all the Jews in 127 provinces of Xerxes's kingdom—words of peace and truth, Kandi Moridekayi arungikira amakete Abayuda bose bo mu ntara ijana na mirongo ibiri n’indwi z’ubwami bwa Ahasuwerusi, arimwo amajambo yo kubipfuriza ivyiza no kubaremesha.
31 confirming these Purim days at their set times, as Mordecai the Jew and Queen Esther ordered for them, and as they ordered for themselves and their descendants, times of fasting and mourning. Ayo makete yari ayo kwemeza iyo misi ya Purimu n’ibihe yashingiwe, nk’uko Moridekayi Umuyuda na Esiteri umwamikazi bari babishinze, bakayemeza ku bwabo no ku bw’uruvyaro rwabo, bibuka ibihe vyo kwisonzesha no gukoma induru baboroga.
32 Esther's command confirmed these regulations about Purim, and it was written down in the record. Itegeko rya Esiteri ryemeza ivyo vyashinzwe vyerekeye Purimu, kandi vyandikwa mu bitabu vy’ibigenda biraba.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]