Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Esther 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 That day King Xerxes gave Queen Esther the estate of Haman, the enemy of the Jews. Mordecai came before the king, since Esther had told what he was to her. Kuri uwo musi nyene umwami Ahasuwerusi aca aha umwamikazi Esiteri ibintu vyose vyari ivya Hamani, umwansi w’Abayuda. Maze Moridekayi aca ararenguka imbere y’umwami, kuko Esiteri yari yamaze kuvuga ico bapfana.
2 The king took off his signet ring, which he had taken back from Haman, and gave it to Mordecai. Esther put Mordecai over Haman's estate. Umwami aca akura impeta yo ku rutoke rwiwe yari yatse Hamani ayiha Moridekayi. Kandi Esiteri aca aha Moridekayi kugaba ibintu vyose vyari ivya Hamani.
3 Esther spoke to the king again, fell at his feet, wept, and begged him to stop Haman the Agagite's evil and his scheme against the Jews. Esiteri asubira kwinginga umwami, yubamye ku birenge vyiwe arira. Amwinginga ngo ahagarike umugambi mubi wa Hamani Umwagagi, uwo yari yarateguye wo kumara Abayuda.
4 The king held out the golden scepter to Esther, and she rose and stood before him. Maze umwami atunga ya nkoni y’inzahabu Esiteri na we aca arahaguruka ahagarara imbere yiwe.
5 She said, "If it pleases the king, if I have his favor, if this seems right to him, and I please him, let letters be written reversing what Haman son of Hammedatha the Agagite planned and wrote to destroy the Jews in all the king's provinces. Aravuga ati: “Nivyaba bihimbaye umwami, kandi nkaba ngiriwe ubuntu imbere yiwe bikongera bikaba ari vyiza, kandi nkaba ndamuhimbaye, nihandikwe icete kivuguruza kimwe Hamani mwene Hamedata, Umwagagi, yari yashinze co kumara Abayuda mu ntara zose z’umwami.
6 How can I bear to see disaster strike my people? How can I bear to watch my family destroyed?" None mbega nokwihanganira nte kubona ubwoko bwacu buhona? Nokwihanganira nte kubona umuryango wanje uherengetezwa?”
7 King Xerxes told Queen Esther and Mordecai the Jew, "I gave Esther Haman's house, and they hanged him on the gallows because he plotted against the Jews. Umwami Ahasuwerusi yishura umwamikazi Esiteri na Moridekayi Umuyuda ati: “Kubera Hamani yagwanije Abayuda, inzu yiwe nayihaye Esiteri, kandi bamumanitse ku giti yishingiye.
8 Write about the Jews as you see fit, in the king's name, and seal it with his signet ring—no writing in the king's name, sealed with his ring, can be reversed." Ubu rero nimwandike ikindi cagezwe mw’izina ry’umwami gikingira Abayuda nk’uko mubona vyobabera vyiza, mugishireko ikimenyetso co ku mpeta y’umwami, kuko ata canditswe mw’izina ry’umwami cashizweko ikimenyetso c’umwami gishobora guhindurwa.”
9 The king's scribes were called on the third month's twenty-third day—Sivan—and wrote all Mordecai commanded to the Jews and to the satraps, governors, and officials of the 127 provinces from India to Cush: each province in its script, each people in its language, and the Jews in their script and language. Ubwo nyene baca batumako abanditsi b’umwami; ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kwa gatatu, ari kwo kwitwa Sivani. Bandika ivyo Moridekayi ategetse Abayuda, n’abakuru, n’abatwara intara n’abishikira bo mu ntara ijana na mirongo ibiri n’indwi uhereye mu Buhindi ukageza muri Etiyopiya. Ayo mategeko yari yanditse mu nyandiko zo muri izo ntara zose no mu rurimi rw’ihanga ryose n’Abayuda na bo nyene babibarungikira mu nyandiko no mu rurimi rwabo.
10 Mordecai wrote in King Xerxes' name, sealed it with the king's signet ring, and sent letters by couriers on fast horses bred for royal service. Moridekayi yandika mw’izina ry’umwami Ahasuwerusi, asinya kuri ayo makete akoresheje ya mpeta y’umwami, abirungikana intumwa zigenda n’amafarasi anyaruka cane zamenyereye gukora ibikorwa vy’umwami.
11 The king's decree granted the Jews in every city the right to assemble and defend their lives: to destroy, kill, and wipe out any armed force of any people or province attacking them—children and women included—and to plunder their enemies' goods. Ico cagezwe c’umwami cemerera Abayuda aho bari hose mu bisagara vyose gukoranira hamwe no kwigwanira, kwica, guhonya no guherengeteza abitwaje ibigwanisho bo mu bihugu vyose canke intara zose boshobora kuza kubatera bo n’abagore n’abana babo; no kunyaga ibintu vy’abansi babo vyose.
12 This was to take place on one day in all provinces of King Xerxes—the thirteenth day of the twelfth month, Adar. Umusi washinzwe ngo Abayuda bakore ivyo mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi, wari umusi w’icumi na gatatu w’ukwezi kwa cumi na kabiri ari kwo kwezi kwa Adari.
13 A copy of the decree was to be issued as law in every province and made known to all peoples, so the Jews would be ready that day to avenge themselves on their enemies. Ikopi y’iryo kete itangwa mu ntara zose iba nk’itegeko kandi imenyeshwa abantu bose b’ibihugu vyose kugira ngo Abayuda bitegure kuri uwo musi kwihora abansi babo.
14 Couriers on royal horses rushed out, hurried and pressed by the king's command; the decree was given in Susa's fortress. Za ntumwa ziragenda, ziri ku mafarasi y’umwami, kubera ico cagezwe c’umwami. Kandi ico cagezwe gikwiragizwa no ku mugwa i Suza.
15 Mordecai left the king's presence in royal blue and white, a great gold crown, and a fine linen and purple robe. Susa shouted and rejoiced. Moridekayi ava imbere y’umwami yambaye impuzu z’i bwami z’amabara y’ubururu n’ayera, n’urugori runini rw’inzahabu n’ikanzu y’agahama ikoze mu nyuzi nziza. Maze abo mu gisagara i Suza bagira umusi mukuru.
16 The Jews had light, joy, gladness, and honor. Abayuda bari banezerewe bahimbawe, batewe iteka.
17 The king's command and edict reached every province and city; the Jews had joy and delight, feasting, a holiday. Many peoples of the land became Jews, for fear of the Jews gripped them. Mu ntara zose no mu bisagara vyose, aho ico cagezwe c’umwami cashika, haca haba umunezero n’agahimbare mu Bayuda, bakagira umusi mukuru batamba. Kandi abantu benshi bo mu yandi mahanga bahinduka Abayuda babitewe n’uko ubwoba bwinshi bwo gutinya Abayuda bwari bwabatekeye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]