Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 30 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When all these things happen to you—the blessing and the curse I have set before you—and you remember them among all the nations where your Father has driven you, Iyi migisha n’iyi mivumo yose nshize imbere yanyu niyamara kubashikako muri mu bihugu Uhoraho Imana yanyu azoba yarabashwiragijemwo,
2 and you return to your Father and obey his voice in all I command you today, you and your children, with all your heart and with all your soul, hanyuma mwe n’abana banyu mukagaruka k’Uhoraho Imana yanyu mukamwubahisha imitima yanyu n’imishaha yanyu yose mu gukora ivyo ndababwiye vyose uwu musi,
3 then your Father will restore you from captivity, his heart will turn toward you with compassion, and he will gather you again from all the peoples where your Father has scattered you. ico gihe Uhoraho Imana yanyu azokwongera abiyegereze, abagirire impuhwe abagarukane abakuye mu mahanga azoba yarabashwiragijemwo.
4 If you're scattered to the ends of the heavens, from there your Father will gather you, from there he will take you. Naho muzoba mwarasabagiriye mu mahanga ya kure ku mpera z’isi, Uhoraho Imana yanyu azobegeranya abagarukane.
5 Your Father will bring you to the land your fathers possessed; you will possess it, and he will bless and multiply you more than your fathers. Azobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza, musubire mucegukire. Azobaha kwongera gutera imbere no kuba benshi kurusha ba sogokuruza banyu.
6 Your Father will circumcise your heart and your offspring's heart, to love your Father with all your heart and with all your soul, that you may live. Uhoraho Imana yanyu azokeba imitima yanyu n’iy’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukunde n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose, mubone kubaho.
7 Your Father will bring all these curses on your enemies and on those who hated and pursued you. Uhoraho Imana yanyu azoshira iyi mivumo ku bansi banyu, babanka bakongera bakabahama.
8 You will again obey your Father's voice, doing all his commands I command you today. Muzosubira kwubaha Uhoraho, mukurikize aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi.
9 Your Father will bless you abundantly in all your handiwork, in the fruit of your womb, the fruit of your livestock, and the fruit of your ground, for good. For your Father will again delight in you for good, as he delighted in your fathers, Maze Uhoraho Imana yanyu na we azoteza imbere ibikorwa vy’amaboko yanyu, agwize uruvyaro rwanyu, agwize ibitungwa vyanyu, agwize n’umwimbu wanyu. Uhoraho azosubira abateze imbere, abanezerererwe nk’uko yanezerererwa ba sogokuruza banyu,
10 when you obey the voice of your Father, keeping his commands and statutes written in this Book of the Law, and turn to your Father with all your heart and with all your soul. nimwamwumvira mukagendera mu vyagezwe vyiwe, vyanditswe muri iki Gitabu c’Ivyagezwe, mukagaruka k’Uhoraho Imana yanyu n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose.
11 This commandment I command you today isn't too hard for you, nor too far away. Amabwirizwa ndabahaye uno musi ntagoye gutahura, kandi ntari aho mudashobora gushika.
12 It isn't in heaven, that you'd say, "Who will go up to heaven for us, get it, and bring it to us, so we may hear it and do it?" Ntanyegejwe mw’ijuru aho mwovuga muti: ‘Ni nde yoduga mw’ijuru akaja kuyatuzanira no kuyatubwira hanyuma tukabona kuyakurikiza?’
13 Nor is it beyond the sea, that you should say, "Who will cross the sea for us, bring it to us, so we may hear it and do it?" Kandi ntabitswe hakurya y’ikiyaga, aho mwogira muti: ‘Ni nde yojabuka ikiyaga akaja kuyatuzanira no kuyatubwira hanyuma tukabona kuyakurikiza?’
14 For the word is very near you, in your mouth and heart, so that you can do it. Haba na mba, ijambo riri hafi yawe; riri mu kanwa kawe no ku mutima wawe kugira ngo ushobore kuryumvira.
15 See, I have set before you today life and good, death and evil. Ehe raba, uwu musi nshize imbere yanyu ubuzima n’imigisha, urupfu no kuranduka.
16 If you obey your Father's commands today—loving him, walking in his ways, keeping his commands, statutes, and rules—you will live, multiply, and he will bless you in the land you're entering to possess. Uwu musi ndabahaye ibwirizwa ryo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira zayo, no kuzigama amabwirizwa, amategeko n’ivyagezwe vyiwe; ni ho muzobaho, mukagwira, Uhoraho Imana yanyu akabahezagirira mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
17 But if your heart turns away, refusing to listen, and you are lured into bowing before other gods and serving them, Ariko imitima yanyu niyava ku Mana ntimuyumvire, canke naho nimwahindukira mukunamira izindi mana mukazisenga,
18 I declare to you today: you will surely perish, not live long in the land you're crossing the Jordan to enter and possess. uwu musi ndababwije ukuri ko muzorandurwa. Ntimuzorambira mu gihugu mugira mujabuke Yorodani ngo mucinjiremwo mugifate.
19 Today I call the heavens and earth to witness against you: I've set life and death before you, blessing and curse. Choose life, so you and your children may live, Uwu musi ntoye ijuru n’isi nk’ivyabona, ko nshize imbere yanyu ubuzima n’imigisha, urupfu no kuranduka. Rero nimuhitemwo ubuzima kugira ngo mwe n’abana banyu mushobore kubaho,
20 loving your Father, obeying his voice, and holding fast to him, for he is your life and length of your days, so you may live in the land your Father swore to your ancestors, Abraham, Isaac, and Jacob, to give them. mu gukunda Uhoraho Imana yanyu, mu kumwumvira, no mu kwifatanya na we. Kuko Uhoraho ari we buzima bwanyu, azobaha kurambira mu gihugu yarahiye ko azoha ba sogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]