Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 These are the covenant words our Father commanded Moses to make with the Israelites in Moab, besides the covenant he made with them at Horeb. Aya ni yo majambo y’isezerano Uhoraho yatumye Mose ngo asezerane n’Abisirayeli mu gihugu c’i Mowabu, isezerano ryiyongera ku ryo yari yaragiranye na bo ku musozi Horebu.
2 Moses called all Israel and told them: You saw all our Father did before your eyes in Egypt's land—to Pharaoh, all his servants, all his land. Mose akoranya Abisirayeli bose, arababwira ati: “Amaso yanyu yariboneye ivyo Uhoraho yakoze muri Egiputa, abikoreye Farawo, abatware biwe n’igihugu cose.
3 The great tests you saw with your own eyes, those mighty signs and wonders. Amaso yanyu yariboneye ivyo bigeragezo bikomeye, ivyo bimenyetso n’ivyo bitangaza.
4 But to this day our Father has not given you a heart to know, eyes to see, ears to hear. Ariko gushika uno musi Uhoraho ntiyabahaye ubwenge butahura, amaso abona canke amatwi yumva.
5 "Forty years I led you in the wilderness; your clothes never wore out, nor your sandals on your feet. Mu myaka mirongo ine nabarongoye mu bugaragwa, impuzu zanyu n’ibirato vyanyu ntivyigeze bishira.
6 You ate no bread, drank no wine or strong drink, so you would know I am your Father." Nta mukate mwariye, nta muvinyu canke ibindi binyobwa bituriranije mwanyoye. Ivyo nabibakoreye kugira ngo mumenye ko ndi Uhoraho Imana yanyu.
7 When you reached this place, Sihon king of Heshbon and Og king of Bashan marched out against us, and we struck them. Igihe mwashika muri iki gihugu, Sihoni umwami wa Heshiboni na Ogi umwami w’i Bashani baje kubatera, ariko turabanesha.
8 We took their land and gave it as an inheritance to the Reubenites, Gadites, and half-tribe of Manasseh. Twafashe igihugu cabo tugiha umuryango wa Reyubeni nk’iragi ryawo, uwa Gadi hamwe n’igice c’umuryango wa Manase.
9 Keep the words of this covenant and do them, so you may prosper in all you do. None rero muzokwitondere ibigize iri sezerano kugira ngo muzotere imbere mu vyo muzokora vyose.
10 Today you all stand before your Father: your tribal heads, elders and officers, every man of Israel, Mwese muhagaze ngaha imbere y’Uhoraho Imana yanyu: abakuru b’imiryango, abatware, namwe bagabo b’Abisirayeli mwese,
11 your little ones, wives, and the foreigner in your camp, from those cutting your wood to those drawing your water, muri kumwe n’abana banyu, abagore banyu, muri kumwe kandi n’abanyamahanga baba mu makambi yanyu, babasenyera bakabavomera.
12 so you may enter the covenant of your Father, and his oath, which your Father makes with you today, Muhagaze ngaha kugira ngo mugiranire isezerano n’Uhoraho Imana yanyu; iryo Uhoraho agira agirane namwe uwu musi arishigikije indahiro,
13 to make you his people today, and to be your Father, as he promised you and swore to your ancestors Abraham, Isaac, and Jacob. kugira ngo abagire abantu biwe, na we abe Imana yanyu nk’uko yabirahiye ba sogokuruza banyu Aburahamu, Isaka na Yakobo.
14 It is not with you alone that I am making this covenant, sworn with an oath, Iri sezerano rishigikijwe indahiro sindarigiranye namwe muhagararanye natwe hano uwu musi imbere y’Uhoraho Imana yacu gusa,
15 but with everyone standing here with us today before our Father, and with everyone not here with us today. ariko ndarigiranye n’urundi runganwe rutari hano uwu musi.
16 You know how we lived in Egypt and passed through the nations you traveled among. Ubwanyu murazi ingene twabaye muri Egiputa n’ukuntu twarenganye ibihugu vyinshi kugira ngo dushike hano.
17 You saw their detestable things and idols of wood, stone, silver, and gold among them. Mwarabonye ibishushanyo vyabo biteye isoni, ibigirwamana vyabo bibajwe mu biti no mu mabuye hamwe n’ibicuzwe mu nzahabu no mw’ifeza.
18 Let no one among you—man, woman, clan, or tribe—turn his heart today from our Father to serve those nations' gods, and let no root among you bear poison and bitter fruit, Muze mwirinde ntihaze hagire umugabo, umugore, inzu canke umuryango n’umwe wo muri mwebwe uzokura umutima k’Uhoraho Imana yanyu ngo basenge imana z’ayo mahanga. Muze mwirinde ntihaze hagire umuzi umera ukazana imbuto irura y’uburozi.
19 who hears the words of this oath yet congratulates himself inwardly, saying, I'll be safe though I follow my stubborn heart—sweeping away the watered land with the dry. Abumvise amajambo y’iyi ndahiro, ntimuzopfe kwiyaturako iyo migisha muvuga muti: ‘Tuzoba impore n’aho twokwigumira mu nzira zacu.’ Ivyo bizozanira guhona isi ibomvye co kimwe n’iyumye.
20 Our Father will refuse to forgive him; instead his anger and jealousy will burn against that man, every curse written in this book will settle on him, and our Father will erase his name from under heaven. Uhoraho ntazobababarira, uburake bwiwe n’ishaka ryiwe bizobaziriringira. Imivumo yose yanditswe muri iki gitabu izobakurikirana, kandi Uhoraho azozimanganya amazina yabo musi y’ijuru.
21 Our Father will single him out for disaster from all the tribes of Israel, matching every covenant curse written in this Book of the Law. Uhoraho azobatandukanya n’iyindi miryango y’Abisirayeli, abarundeko imivumo yose iri mw’isezerano riri muri iki gitabu c’Ivyagezwe.
22 The next generation, your children after you, and the foreigner from a distant land, will see that land's plagues and the diseases our Father inflicted on it. Uruvyaro rwanyu ruzokwaruka mu nyuma hamwe n’abanyamahanga bazoza bavuye mu bihugu vya kure bazobona ivyago vyashikiye igihugu canyu n’ingwara Uhoraho yagiteje.
23 Sulfur and salt, the whole land burned, unsown, sprouting nothing, no plant growing there, like the ruin of Sodom, Gomorrah, Admah, and Zeboiim, which our Father ruined in his anger and wrath, Igihugu canyu cose kizoba nk’ikiyigira gitongojwe umunyu n’ibizuku, nta kizosubira kuhaterwa, nta kizomera, nta bizosubira kuhakura. Hazoba agatikizo nk’akabaye i Sodomu, n’i Gomora, Adima na Zeboyimu, ivyo Uhoraho yasutseko uburake bwiwe.
24 all nations will ask, Why did our Father do this to this land? What is this great burning anger? Amahanga yose azobaza ati: ‘Ni kubera iki Uhoraho yakoreye ibi iki gihugu? Ni kubera iki yagisutseko ubu burake bw’inkazi?’
25 They will answer: Because they abandoned the covenant of our Father, the God of their fathers, made with them when he brought them out of Egypt's land, Abantu bazokwishura bati: ‘Ni kubera abantu bataye isezerano ry’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, isezerano yabagiriye igihe yabakura muri Egiputa.
26 and served other gods, bowing to them—gods they never knew, that he never assigned them. Barayitaye basenga izindi mana, barazunamira, imana batari bwigere babona, imana zitari zivuye k’Uhoraho.
27 So our Father's anger burned against that land, bringing on it every curse written in this book. Ni co catumye uburake bw’Uhoraho bururumbira iki gihugu, maze agishitsako imivumo yose yanditse muri iki gitabu.
28 And our Father uprooted them from their land in anger, rage, and great outrage, and threw them into another land, as it is today. Uhoraho yabaranduranye uburake bwinshi, abakura mu gihugu cabo, abirukanira mu kindi gihugu iyo bari gushika n’ubu.’
29 The secret things belong to our Father, but the things revealed belong to us and our children forever, to do all the words of this law. Ibikiri mw’ibanga ni ivy’Uhoraho Imana yacu, ariko ibintu bimaze guhishurwa ni ivyacu hamwe n’abana bacu ibihe vyose, kugira ngo dukurikize amajambo y’ibi Vyagezwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]