Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 No man with crushed testicles or a severed penis may enter the assembly of our Father. Umugabo yamenetse amagara canke yaciwe igitsina ntazoje mw’ikoraniro ry’Uhoraho.
2 No one of illegitimate birth may enter the assembly of our Father; nor may his descendants, even to the tenth generation, enter the assembly of our Father. Umuntu yavyawe mu buryo butemewe n’ijambo ry’Imana ntiyemerewe kuja mw’ikoraniro ry’Uhoraho hamwe n’abamukomokako bose, kugeza ku runganwe rugira icumi.
3 No Ammonite or Moabite may enter the assembly of our Father; even to the tenth generation none belonging to them may enter the assembly of our Father, ever. Nta muntu wo mu Bamoni canke Umunyamowabu, n’uruvyaro rwabo gushika ku runganwe rw’icumi yemerewe kuba mw’ikoraniro ry’Uhoraho.
4 For they did not meet you with bread and water on the road out of Egypt, and hired Balaam son of Beor from Pethor of Mesopotamia to curse you. Abo bantu ntibabakirije ivyokurya n’amazi igihe mwariko murava muri Egiputa, ariko basavye Balamu mwene Beyori w’i Petori muri Mezopotamiya, ari ho hitwa Aramu-Naharayimu, ngo abavume.
5 But your Father refused to listen to Balaam, and turned the curse into a blessing for you, because your Father loved you. Ariko Uhoraho Imana yanyu ntiyumviye Balamu, umuvumo wiwe awuhindura umuhezagiro wanyu, kuko Uhoraho Imana yanyu abakunda.
6 You must not seek their peace or their prosperity all your days, ever. Ntimuzorondere kugirirana amahoro na bo imisi yose yo kubaho kwanyu.
7 Do not despise an Edomite; he is your brother. Do not despise an Egyptian; you were a foreigner in his land. Abanyedomu n’Abanyegiputa ntimuzobafate nk’ikizira, kuko Abanyedomu ari incuti zanyu, kandi mukaba mwarabanye n’Abanyegiputa muri abanyamahanga.
8 The children born to them in the third generation may enter the assembly of our Father. Abo mu runganwe rugira gatatu rwabo bazokwinjire mw’ikoraniro ry’Uhoraho.
9 When you march out as a camp against your enemies, keep yourself from every evil thing. Igihe muzoba muriko muritegurira kuja ku rugamba kugira ngo mutere abansi banyu, muzokure igihumanye cose muri mwebwe.
10 If any man among you is unclean from a nighttime emission, he must go outside the camp and not enter it again. Umugabo niyahumana biciye mu gusesa imbuto mw’ijoro asinziriye, azoje inyuma y’ikambi amareyo umusi wose.
11 As evening approaches, he must bathe in water; at sunset he may return to the camp. Bugira buce aze yoge hanyuma izuba rirenze agaruke mw’ikambi.
12 You must have a place outside the camp where you may go out to relieve yourself. Muzotegure inyuma y’ikambi ikibanza co kwitumamwo.
13 Keep a spade among your gear. When you sit outside, dig a hole with it and cover your excrement. Mu bikoresho muzohora mugendana, muzokwibangikanye ikimito. Mugiye kwituma, muzokwimbe akanogo, hanyuma muhejeje mufurire uwo mwanda wanyu.
14 Your Father walks through your camp to rescue you and hand over your enemies; therefore your camp must be holy, so that he may not see anything indecent among you and turn away from you. Kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda mu nsago zanyu kugira ngo abakingire yongere arekurire abansi banyu mu maboko yanyu, amakambi yanyu akwiye kuba yejejwe, kugira ngo ntazosangeho ikintu na kimwe giteye isoni, hanyuma akisubirira inyuma.
15 Do not hand over to his master a slave who has escaped to you from his master. Umugurano niyaguhungirako avuye mu kindi gihugu kugira ngo umukingire, ntuze umutange kuri shebuja.
16 He is to live with you, among you, in any of your towns he chooses, wherever pleases him. Do not mistreat him. Muzobareke babe muri mwebwe, aho bashatse hose no mu gisagara cose bahisemwo. Ntimuzomutwaze umukazo.
17 No daughter of Israel is to be a temple prostitute, and no son of Israel a temple prostitute. Ntihaze hagire Umwisirayeli, yaba umugore canke umugabo, aba maraya mu bibanza basengeramwo ibigirwamana.
18 Do not bring a prostitute's fee or a dog's earnings into your Father's house for any vow—both are detestable to your Father. Ntimuze mwakire mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu amashikanwa yo gushitsa isezerano ashikanywe na maraya, yaba umugore canke umugabo, kuko ayo mashikanwa n’abayashikana vyose ari ibisesema k’Uhoraho.
19 Don't charge your brother interest—on money, food, or anything else lent. Mwenewanyu w’Umwisirayeli, ntimuze mumwake inyungu haba ku mahera canke ku vyokurya canke ku bindi bintu vyose vyari gushobora kubazanira inyungu.
20 Charge a foreigner interest, but not your brother, so your Father blesses everything you put your hand to in the land you're entering to possess. Muzokwake inyungu abanyamahanga, ariko Umwisirayeli ntimuzoyimwake, kugira ngo Uhoraho Imana yanyu azohezagire ibikorwa vy’amaboko yanyu mu gihugu mugiye kwinjira mukacegukira.
21 When you vow a vow to your Father, do not delay paying it, for your Father will surely require it of you, and it will be sin in you. Nihagira ico musezeranira Uhoraho Imana yanyu, ntimuzotevye kugishitsa, kuko mwobiharurwako nk’icaha.
22 But if you refrain from vowing, you will not be guilty of sin. Ariko nimutagira ico musezerana, ntimuzobiharurwako nk’icaha.
23 Keep and do what you vow to your Father; you spoke it voluntarily, with your own mouth. Ico muzosezeranisha akanwa kanyu, muzogishitse, kuko mwagisezeraniye Uhoraho Imana yanyu ata wubagobereye.
24 When you enter your neighbor's vineyard, you may eat your fill of grapes, as much as you like, but put none in your container. Nimwinjira mu ruzabibu rwa bagenzi banyu, muzorye inzabibu mushaka zose ariko ntihagire izo muzokwamurira mu giseke ngo muzitahane.
25 When you enter your neighbor's standing grain, you may pick heads of grain by hand, but you must not swing a sickle in your neighbor's standing grain. Nimwinjira mu mirima y’ingano y’ababanyi banyu, muzoce izo mushaka zose muhekenye, ariko ntimuzogenyeshe urukero izihagaze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]