Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Colossians 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I want you to know how hard I'm struggling for you, those in Laodicea, and all who haven't met me in person, Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.
2 that their hearts may be encouraged, knit together in love, and come into all the riches of full assurance and understanding—into the knowledge of our Father's mystery, which is Christ, Intumbero yanje ni uko bose baremeshwa mu mitima yabo bari mu bumwe buva mu rukundo, kugira ngo bagire ubutunzi bwuzuye buva mu gutahura gushitse, gutuma bamenya ibanga ry’Imana, ari ryo Kristo.
3 in whom are hidden all the treasures of wisdom and knowledge. Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya bihishijwe.
4 I say this so that no one may deceive you with persuasive arguments. Ndababwiye ivyo kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe abahendesha akarimi gasosa.
5 Though absent in body, I'm with you in spirit, glad to see your good order and the firmness of your faith in Christ. Kuko n’aho tutari kumwe mu mubiri, ndi kumwe namwe mu mpwemu nkanezerezwa no kubabona muhagaze neza kandi mushikamye mu kwizera Kristo kwanyu.
6 Therefore, as you received Christ Jesus the Lord, walk in him, Nuko rero, nk’uko mwakiriye Kristo Yesu nk’Umwami, abe ari ko mushishikara kuba muri we,
7 rooted and built up in him, firm in the faith as taught, overflowing with thanks. mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.
8 Watch that no one captures you through philosophy and empty deceit, according to human tradition, according to the world's elemental spirits, not according to Christ. Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abagira inyagano akoresheje amajambo y’uruhendo, yubakiye ku migenzo y’abantu hamwe n’ivya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ariko atari ivya Kristo.
9 For in him the whole fullness of deity lives in bodily form, Kuko muri Kristo ari ho ukunengesera kw’Imana kuza kukaba mu buryo bw’umubiri.
10 and in him you have been made complete, who is the head over all rule and authority. Kandi mwahawe ukunengesera muri Kristo, we mutwe w’ubukuru bwose n’ukuganza kwose.
11 In him you were also circumcised—a circumcision not made by hands, stripping off the body of flesh—the circumcision of Christ. Muri we mwarakebwe ugukebwa kutari ukwo mu buryo bw’umubiri. Ni ugukebwa mwakebwe na Kristo kwo kubambura akamere k’icaha
12 Buried with him in baptism, in which you were also raised with him through faith in our Father's power, who raised him from the dead. Kuko igihe mwabatizwa mwahambanywe na we hanyuma muzukana na we kugira ngo mubeho ubuzima bushasha mwaronse biciye mu kwizera ubushobozi bw’Imana, yamuzuye imukuye mu bapfuye.
13 You were dead in your sins and uncircumcised flesh, but our Father made you alive with him, forgiving us all our sins, Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,
14 erasing the record of debt, with its regulations, that stood against us. He set this aside, nailing it to the cross. ihindura ubusa icanditswe catwagiriza kandi cadutsindisha; igikuraho, ikibamba ku musaraba.
15 He disarmed the rulers and authorities and publicly shamed them, triumphing over them in him. Yambuye ibigwanisho abakuru n’abatware, abateterereza ahabona mu maso ya bose, abaneshesheje uwo musaraba.
16 So let no one judge you over food, drink, festival, new moon, or Sabbath. Nuko rero ntimwemere ko hagira umuntu n’umwe abacira urubanza ku vyo murya canke munywa, canke ku misi mikuru y’idini, iy’ukwezi guserutse canke umusi w’Isabato.
17 These are a shadow of the things that were to come, but the reality belongs to Christ. Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.
18 Let no one disqualify you by delighting in false humility and worship of angels, focusing on visions he has seen, puffed up without cause by his fleshly mind, Ntihagire umuntu n’umwe abacira urubanza kubera inyungu mbi yishimikije uguca bugufi kutari kwo no gusenga abamarayika. Yihayagiza ko ivyo ari ivyo yeretswe. Ubwenge bwabo bwuzuye ivyaha butuma bishira hejuru ku vy’ubusa gusa.
19 and not holding on to the Head, from whom the whole body, fed and joined by joints and ligaments, grows with growth from our Father. Ntibagifatanye n’umutwe, ari wo Kristo, umubiri wose wisunga, ufatanijwe n’imitsi n’imisokoro, ugakura uko Imana ibitegetse.
20 If you died with Christ to the world's elemental spirits, why, as if still part of the world, do you submit to its rules? Ko mwapfanye na Kristo ku vya mbere vy’impwemu kandi vy’iyi si, ni kuki, nk’aho mukiganzwa na yo, mucumvira amategeko yayo avuga ngo:
21 "Do not handle, do not taste, do not touch"? “Ntufate iki! Ntiwumvirize kuri kirya! Ntukore kuri kiriya!”?
22 These all perish with use, because they are based on human commands and teachings. Amategeko nk’ayo ni inyigisho z’abantu zijanye n’ibintu bigenda birahera uko tuba turiko turabikoresha.
23 These rules seem wise—invented worship, false humility, harsh treatment of the body—but hold no value against indulging the flesh. Ayo mategeko mu vy’ukuri aboneka nk’aho womenga arimwo ubwenge, kuko asaba abantu gusenga uko bibwirije, no kwiyanka hamwe no kubabaza umubiri. Ariko nta bushobozi na bukeya afise bwo kunesha ivyipfuzo vy’umubiri.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]