Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Again the anger of our Father burned against Israel, and he incited David against them, saying, "Go, take a census of Israel and Judah." Maze uburake bw’Uhoraho bwongera kuziriringira Abisirayeli, aca atera Dawidi agatima ko kubaharura kugira ngo abakwegere ivyago, avuga ati: “Genda uharure Abisirayeli n’Abayuda.”
2 So the king said to Joab, the commander of the army who was with him, "Go now throughout all the tribes of Israel, from Dan to Beersheba, and count the people, so that I may know the number of the people." Nuko umwami abwira Yowabu n’intwazangabo bari kumwe na we ati: “Nimukwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli kuva i Dani gushika i Berisheba muharure abazi kugwana, kugira ngo menye uko bangana.”
3 But Joab said to the king, "May your Father add to the people one hundred times as many as they are, and may the eyes of my lord the king see it. But why does my lord the king want to do this thing?" Ariko Yowabu yishura umwami ati: “Uhoraho Imana yawe arakagwiza ingabo incuro ijana, kandi inyonga z’umwami wanje zize zibibone. Ariko ni kubera iki umwami wanje ashaka gukora ikintu nk’ico?”
4 But the king's command overruled Joab and the commanders of the army. So Joab and the commanders of the army left the king's presence to count the people of Israel. Ariko ijambo ry’umwami rirengera irya Yowabu, maze Yowabu n’intwazangabo bava imbere y’umwami, baja guharura ingabo z’Abisirayeli.
5 They crossed the Jordan and camped near Aroer, south of the city that lies in the middle of the valley, toward Gad and on to Jazer. Bamaze kujabuka Yorodani, bacumbika i ruhande ya Aroweri, mu bumanuko bw’igisagara mu kabande, hanyuma baca mu ntara ya Gadi n’i Yazeri.
6 Then they came to Gilead and to the region of Tahtim-hodshi, and they came to Dan-jaan and around to Sidon, Baja i Gileyadi n’i Kadeshi mu ntara y’i Tahutimu Hodushi, bashishikara baja i Dani Yani berekeye i Sidoni.
7 and came to the fortress of Tyre and to all the cities of the Hivites and the Canaanites, and they went out to the Negev of Judah at Beersheba. Maze baca baja ku ruzitiro rw’i Tiro no mu bisagara vy’Abahiwi n’Abanyakanani. Barangije baja i Berisheba n’i Negebu i Buyuda.
8 So when they had gone through all the land, they came to Jerusalem at the end of nine months and twenty days. Bamaze kunyuragira mu gihugu cose, bagaruka i Yerusalemu haheze amezi icenda n’imisi mirongo ibiri.
9 Joab reported the census count to the king: in Israel there were 800,000 valiant men who drew the sword, and Judah had 500,000. Yowabu ashikiriza umwami igitigiri c’abantu baja ku rugamba. Muri Isirayeli hari ibihumbi amajana umunani b’abahizi bazi kugwanisha inkota, mu Buyuda na ho ibihumbi amajana atanu.
10 But David's heart struck him after he had counted the people. And David said to our Father, "I have sinned greatly in what I have done. Now, my Father, please take away the guilt of your servant, for I have acted very foolishly." Dawidi amaze guharura ingabo, umutima utangura kumurega, maze abwira Uhoraho ati: “Nacumuye cane kuko nakoze ivyo. None rero, Uhoraho, ndakwinginze, unkureko icaha canje jewe umusavyi wawe. Nakoze ivy’ubupfu.”
11 When David rose in the morning, the word of our Father came to the prophet Gad, David's seer: Dawidi avyutse mu gitondo ijambo ry’Uhoraho riza kuri Gadi uwavugishwa na we akaba n’uwerekwa wa Dawidi ati:
12 "Go and say to David, 'This is what our Father says: I am holding three things over you. Choose one of them, and I will carry it out against you.'" “Genda ubwire Dawidi uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ndaguhaye ibintu bitatu. Hitamwo kimwe nzoguhanisha.’ ”
13 So Gad came to David and told him, asking, "Will three years of famine come upon your land? Or will you flee three months before your enemies while they pursue you? Or will there be three days of plague in your land? Now think it over and decide what answer I should bring back to the one who sent me." Nuko Gadi aja kwa Dawidi aramubwira ati: “Mbega yoguteza imyaka itatu y’inzara mu gihugu cawe, canke amezi atatu yo guhunga abansi banyu bariko barabakinagiza, canke imisi itatu y’ikiza mu gihugu canyu? Nuko rero nuvyiyumvireko, uhitemwo hanyuma umbwire, kugira ngo ngire ico nishura uwantumye.”
14 Then David said to Gad, "I am in deep distress. Let us fall into the hand of our Father, for his compassion is very great; but do not let me fall into the hand of man." Dawidi abwira Gadi ati: “Ndi n’umubabaro mwinshi. Reka tugwe mu maboko y’Uhoraho, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi; ariko singwe mu maboko y’abantu.”
15 So our Father sent a plague upon Israel from the morning until the appointed time, and 70,000 of the people from Dan to Beersheba died. Nuko Uhoraho arungika ikiza mu Bisirayeli guhera muri ico gitondo gushika ico gihe cashinzwe giheze, maze hapfa abantu ibihumbi mirongo indwi kuva i Dani gushika i Berisheba.
16 But when the angel stretched out his hand toward Jerusalem to destroy it, our Father relented from the disaster and said to the angel who was destroying the people, "Enough! Now stay your hand." The angel of our Father was then by the threshing floor of Araunah the Jebusite. Umumarayika agoroye ukuboko kwiwe ngo arandure Yerusalemu, Uhoraho ababazwa n’ico cago aca abwira uwo mumarayika yariko aratikiza abantu ati: “Geza aho! Garukana ukuboko kwawe!” Umumarayika w’Uhoraho muri ico gihe yari ku mbuga yo kugosorerako ingano ya Arawuna Umuyebusi.
17 When David saw the angel who was striking the people, he spoke to our Father and said, "Look, I am the one who has sinned; I am the one who has done wrong. But these sheep, what have they done? Please, let your hand fall on me and on my father's house." Dawidi abonye umumarayika yariko arica abantu, abwira Uhoraho ati: “Ni jewe nacumuye nkora icaha. Aba bantu bo ni nk’intama. None bakoze iki? Ukuboko kwawe niguhane jewe n’umuryango wanje.”
18 That day Gad came to David and said to him, "Go up and raise an altar to our Father on the threshing floor of Araunah the Jebusite." Kuri uwo musi Gadi aja kwa Dawidi aramubwira ati: “Duga wubakire Uhoraho igicaniro ku mbuga yo kugosorerako ingano ya Arawuna Umuyebusi.”
19 So David went up, according to the word of Gad, as our Father had commanded. Nuko Dawidi araduga, nk’uko Uhoraho yari yamutegetse biciye kuri Gadi.
20 When Araunah looked down and saw the king and his servants coming toward him, he went out and bowed before the king with his face to the ground. Maze Arawuna yunamuye amaso abona umwami n’abantu biwe baza aho ari, aca arunama imbere y’umwami, ashika hasi.
21 And Araunah said, "Why has my lord the king come to his servant?" David replied, "To buy the threshing floor from you, to build an altar to our Father, so that the plague may be held back from the people." Maze Arawuna avuga ati: “Ni iki kizanye umwami wanje ku musavyi wiwe?” Dawidi amwishura ati: “Nzanywe no kugura imbuga yawe, kugira ngo ndahubakire Uhoraho igicaniro, kugira ngo ikiza kiri mu bantu gihagarare.”
22 Araunah said to David, "Let my lord the king take and offer up whatever seems good to him. Look, here are the oxen for the burnt offering, and the threshing sledges and the ox yokes for the wood. Arawuna abwira Dawidi ati: “Umwami wanje niyakire ico yipfuza cose gushikana. Ng’izi n’impfizi z’ikimazi co guturirwa n’umuriro, kandi ehe n’imihini yo gusekura hamwe n’ingogo ndabitanze ngo bibe inkwi,
23 All this, O king, Araunah gives to the king." And Araunah said to the king, "May the LORD your God accept you." vyose ndabiguhaye, mwami.” Arawuna yongera abwira umwami ati: “Uhoraho Imana yemere kwakira ikimazi cawe.”
24 But the king said to Araunah, "No, I insist on buying it from you for a price. I will not offer to my Father burnt offerings that cost me nothing." So David bought the threshing floor and the oxen for about one.Two pounds of silver. Ariko umwami yishura Arawuna ati: “Oya, ndakwinginze unyemerere ndakurihe. Sinshobora gushikanira Uhoraho Imana yanje ikimazi ata co ndakiguze.” Nuko Dawidi agura iyo mbuga n’izo nka atanga, shekeli mirongo itanu z’ifeza.
25 And David built an altar there to our Father and offered burnt offerings and peace offerings. So our Father responded to the plea for the land, and the plague was held back from Israel. Dawidi yubakira Uhoraho igicaniro aca atanga ibimazi vyo guturirwa n’ivy’ishimwe. Maze Uhoraho yishura isengesho ryiwe, ikiza kiva mu Bisirayeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]