Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now these are the last words of David. The oracle of David son of Jesse, the oracle of the man raised on high, anointed by the God of Jacob, our Father, Israel's beloved singer of songs: Aya ni yo majambo ya nyuma ya Dawidi: “Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, uwashizwe hejuru n’Iyisumbavyose, umuntu yasizwe amavuta n’Imana ya Yakobo, umuririmvyi aririmba indirimbo ya Isirayeli.
2 The Spirit of our Father spoke through me; his word was on my tongue. Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe; ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.
3 Our Father, the God of Israel, has spoken; the Rock of Israel said to me: "When one rules over people in righteousness, ruling in the fear of God, Imana y’Abisirayeli yaravuze, gitandara c’Abisirayeli yarambwiye ati: ‘Uwuganza abantu mu bugororotsi, igihe aganza yubaha Imana,
4 he is like the light of morning when the sun rises on a cloudless dawn, like the brightness after rain that brings grass from the earth. aba ameze nk’umuco wo mu gitondo igihe izuba riserutse mu gitondo kitagira ibicu, nk’ugukayangana kw’ijuru inyuma y’imvura kumwe gutuma ivyatsi bimera biva mw’ivu.’
5 Is not my house like this with our Father? For he has made with me an everlasting covenant, ordered in all things and secure. Will he not bring to fruition all my salvation and all my desire? Mbega inzu yanje ntiri amahoro ku Mana? Ntiyagiranye nanje isezerano rihoraho, ryashizweho rigakomezwa impande zose? Mbega ntizoshitsa ivy’agakiza kanje igashitsa n’ivyo nipfuza?
6 But worthless men are all like thorns thrown away, for they cannot be picked up barehanded. Ariko abantu babi bazotabwa nk’amahwa, umuntu adashobora kwegeranya n’intoke gusa.
7 The one who would touch them arms himself with iron and the shaft of a spear, and they are burned with fire on the spot." Uwukoze ku mahwa wese akoresha icuma canke uruti rw’icumu; maze agaturirirwa aho arunze.”
8 These are the names of David's mighty warriors: Josheb-basshebeth the Tahkemonite, chief of the three, raised his spear against 800 men, killing them at once. Aya ni yo mazina y’abahizi ba Dawidi: Yoshebu Bashebeti, Umutakemoni, yari umukuru wa bamwe batatu; yatoye icumu agwanya abantu amajana umunani, maze bose abicira icarimwe.
9 Next was Eleazar son of Dodo the Ahohite, one of the three mighty men with David when they defied the Philistines gathered for battle there, and Israel's men retreated. Yakurikirwa na Eliyazeri mwene Dodayi Umwahohi, yari umwe muri bamwe batatu b’abahizi mu ntambara, yari kumwe na Dawidi igihe bahagarara imbere y’Abafilisitiya bari batonze urugamba i Pasi-Damimu. Maze ingabo z’Abisirayeli zirahunga,
10 He rose up, struck the Philistines until his hand tired and clung to the sword. Our Father won a great victory that day, and the troops returned behind him only to strip the dead. ariko we ararinda agwanya Abafilisitiya gushika aho ukuboko kugwa ibinyanya ku buryo atari agishobora kubangura inkota. Uhoraho atanga intsinzi ihambaye kuri uwo musi. Ingabo zahavuye zigaruka aho Eliyazeri ari, ariko bari baje gukoba imivyimba.
11 Next was Shammah son of Agee the Hararite. The Philistines massed at Lehi, in a field full of lentils, and the troops fled from them. Uwa gatatu yari Shama mwene Ageyi Umuharari. Igihe Abafilisitiya bahurira hamwe mu murima wuzuye ibiharage, ingabo z’Abisirayeli zaciye zibahunga;
12 But Shammah stood in the middle of the field, defended it, and struck down the Philistines. And our Father brought a great victory. ariko Shama arabarinda ari hagati muri uwo murima. Arawugwanira maze yica Abafilisitiya, kandi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.
13 At harvest three of the thirty chief men went down to David at the cave of Adullam, while a band of Philistines camped in the Valley of Rephaim. Mu gihe c’iyimbura, batatu bo mu bahizi biwe mirongo itatu baramanuka basanga Dawidi aho yari ari mw’isenga ry’ibuye i Adulamu. Ico gihe umugwi w’Abafilisitiya wari ucumbitse mu kiyaya c’i Refayimu.
14 David was then in the stronghold, and a Philistine garrison was at Bethlehem. Muri ico gihe Dawidi yari mu kinyegero, kandi umuce w’ingabo z’Abafilisitiya wari i Betelehemu.
15 David longed for water and said, "If only someone would give me a drink of water from the well by the gate in Bethlehem!" Dawidi yumva agomba amazi, maze aca avuga ati: “Ese icompa hakagira uwunzanira amazi yo kunywa yo kw’iriba riri kw’irembo ry’i Betelehemu!”
16 So the three warriors broke through the Philistine camp, drew water from the well of Bethlehem by the gate, and brought it to David. But he refused to drink it; he poured it out to our Father. Nuko ba bahizi batatu baragenda, baca hagati y’ingabo z’Abafilisitiya, bavoma ayo mazi yo kw’iriba ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu bayashira Dawidi. Ariko Dawidi yanka kuyanywa; ayasesa hasi imbere y’Uhoraho.
17 He said, "Far be it from me, my Father, that I should do this! Is this not the blood of the men who risked their lives?" So he would not drink it. Such were the deeds of the three warriors. Avuga ati: “Ntibikabe, ewe Uhoraho ko nokora ivyo! Nokwubahuka kunywa amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo?” Dawidi ntiyemera kuyanywa. Ivyo ni vyo vy’ubuhizi abo bagabo batatu bakoze.
18 Abishai, Joab's brother, son of Zeruiah, was chief of the thirty. He raised his spear against 300, killed them, and won fame among the three. Abishayi mwene nyina wa Yowabu mwene Zeruwiya yari umukuru w’abo batatu. Yishe abantu amajana atatu akoresheje icumu ryiwe, bituma aba rurangiranwa nka bamwe batatu.
19 Was he not the most honored of the thirty? He became their commander, though not one of the three. Mbega ntiyabaye uw’icubahiro kurusha abo batatu? Mbere yabaye umutware wabo, naho atashizwe mu gitigiri cabo.
20 Benaiah son of Jehoiada was a valiant man from Kabzeel, a man of great deeds. He struck down Moab's two mighty warriors. He went down into a pit on a snowy day and killed a lion there. Benaya mwene Yehoyada yari umugwanyi w’umuhizi yava i Kabuzeyeli, kandi yakoze ibihambaye. Yishe abahizi babiri baruta abandi mu ngabo z’Abanyamowabu. Umusi umwe shelegi iriko iragwa, amanuka mu rwobo, yica intambwe.
21 He also struck down an impressive Egyptian. The Egyptian held a spear, but Benaiah came at him with only a staff, wrenched the spear from his hand, and killed him with his own spear. Ni we yishe Umunyegiputa w’ikigatanya. Naho uwo Munyegiputa yari afise icumu mu minwe, Benaya yagiye kumugwanya afise inkoni, amushikura rya cumu mu minwe, aba ari ryo amwicisha.
22 These were the deeds of Benaiah son of Jehoiada, who won a name among the three mighty men. Ivyo ni vyo bikorwa vy’ubuhizi Benaya mwene Yehoyada yakoze; na we nyene yari rurangiranwa nka bamwe batatu.
23 He was more honored than the thirty, but not among the three. David put him over his bodyguard. Yari afise icubahiro kuruta bamwe mirongo itatu, ariko ntiyari uwo muri bamwe batatu. Maze Dawidi aca amugira umukuru w’abacungera umutekano wiwe.
24 Among the thirty were: Asahel the brother of Joab; Elhanan son of Dodo of Bethlehem; Muri abo mirongo itatu harimwo: Asaheli yavukana na Yowabu, Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,
25 Shammah the Harodite; Elika the Harodite; Shama w’i Harodi, Elika w’i Harodi,
26 Helez the Paltite; Ira son of Ikkesh the Tekoite; Helezi w’i Paluti, Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa,
27 Abiezer the Anathothite; Mebunnai the Hushathite; Abiyezeri w’i Anatoti, Mebunayi Umuhushati,
28 Zalmon the Ahohite; Maharai the Netophathite; Zalumoni w’Umwahohi, Maharayi w’i Netofati
29 Heleb son of Baanah the Netophathite; Ittai son of Ribai from Gibeah of the Benjaminites; Heledi mwene Bayana w’i Netofati, Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu Bubenyamini,
30 Benaiah the Pirathonite; Hiddai from the ravines of Gaash; Benaya w’i Piratoni, Hidayi wo mu bihomoka vy’i Gayashi,
31 Abi-albon the Arbathite; Azmaveth the Barhumite; Abi-Aluboni Umwarubati, Azumaveti Umubahurimu,
32 Eliahba the Shaalbonite; the sons of Jashen; Jonathan; Eliyaba Umushaluboni, Bene Yasheni, Yonatani
33 Shammah the Hararite; Ahiam son of Sharar the Hararite; mwene Shama Umuharari, Ahiyamu mwene Sharari Umuharari,
34 Eliphelet son of Ahasbai the Maacathite; Eliam son of Ahithophel the Gilonite; Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni,
35 Hezro the Carmelite; Paarai the Arbite; Heziro w’i Karumeli, Payari w’i Arubi,
36 Igal son of Nathan of Zobah; Bani the Gadite; Igali mwene Natani w’i Zoba, Bani w’i Gadi,
37 Zelek the Ammonite; Naharai the Beerothite, the armor-bearer of Joab son of Zeruiah; Zeleki Umwamoni, Naharayi Umuberoti, uwatwaza Yowabu mwene Zeruwiya ibigwanisho,
38 Ira the Ithrite; Gareb the Ithrite; Ira w’i Ituri, Garebu w’i Ituri
39 and Uriah the Hittite—thirty-seven in all. na Uriya Umuheti. Bose hamwe bari mirongo itatu n’indwi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]