Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Elisha had told the woman whose son he revived, "Rise, go, you and your household, and stay wherever you can, for our Father has called for the famine, coming on the land seven years." Elisa yari yarabwiye wa mugore w’i Shunemu, nyina wa wa mwana yasubiza ubuzima, ati: “Raba iyo uja n’umuryango wawe muve ngaha mumareyo igihe, kuko Uhoraho agira ateze inzara izomara imyaka indwi muri Isirayeli.”
2 The woman rose, did as the man of our Father said, and went, she and her household, to live in Philistine land seven years. Uwo mugore aca abikora nk’uko uwo muntu w’Imana yari yabimubwiye. Ahitana umuryango wiwe aja kuba mu guhugu c’Abafilisitiya, amarayo imyaka indwi.
3 After seven years the woman returned from Philistia and went to plead with the king for her house and land. Iyo myaka indwi iheze, aragaruka ava mu gihugu c’Abafilisitiya, aja gusaba umwami inzu n’itongo.
4 The king was talking with Gehazi, servant of the man of our Father: "Tell me all the great things Elisha has done." Ashitse asanga umwami ariko aganira na Gehazi amubaza ati: “Mbwira ibintu bihambaye vyose Elisa yakoze.”
5 While Gehazi was telling the king how Elisha revived the dead, the woman whose son he revived came crying to the king for her house and field. Gehazi said, "My lord the king, this is the woman, and this is her son Elisha revived." Gehazi akiriko arabwira umwami ingene Elisa yasengeye umwana yapfuye akongera akaba muzima, uwo mugore nyina w’uwo mwana arashika, asaba umwami inzu hamwe n’itongo. Gehazi aca avuga ati: “Mwami wanje, uwo ni wa mugore nakubwira Elisa yasubiriza umwana ubuzima kandi na nya mwana ni uwu.”
6 The king asked the woman, and she explained. So he assigned her one official: "Restore everything of hers, plus all the field's produce from the day she left the land until now." Umwami aca amubaza ingene vyagenze na we arabimwiganira. Umwami aca ategeka umutware kumukurikiranira ibintu vyiwe no kubimusubiza, harimwo n’igiciro c’ivyo bimbuye vyose muri iryo tongo igihe atari ho ari.
7 Elisha came to Damascus. Ben-hadad king of Aram, being sick, was told, "The man of God has come here." Umusi umwe, Elisa aja i Damasiko, kandi ico gihe Beni-Hadadi, umwami w’i Siriya, yari agwaye. Haza umuntu amubwira ati: “Wa muntu w’Imana yashitse ino.”
8 The king told Hazael, "Take a gift, go meet the man of God, and ask the LORD through him: Will I recover from this sickness?" Umwami avyumvise, abarira Hazayeli ati: “Tora amashikanwa uje kumusanganira, umubwire ambarize Uhoraho ko nzokira iyi ngwara.”
9 Hazael went to meet him, taking a gift of all Damascus's good things, forty camel-loads. He stood before Elisha: "Your son Ben-hadad king of Aram sent me to ask, 'Will I recover from this illness?'" Hazayeli aja gusanganira Elisa atwaye amashikanwa agizwe n’ibintu vy’agaciro vy’i Damasiko, vyikorewe n’ingamiya mirongo ine. Aragenda ahagarara imbere yiwe amubwira ati: “Umusavyi wawe Beni-Hadadi, umwami w’i Siriya, andungitse kukubaza ko azokira ingwara agwaye.”
10 Elisha said, "Go tell him, 'You will surely recover,' but our Father showed me he will certainly die." Elisa amwishura ati: “Genda umubwire uti: ‘Uzokira.’ Ariko Uhoraho yampishuriye ko azopfa.”
11 He held his gaze until Hazael was ashamed. Then the man of our Father wept. Aca ahagarara imbere ya Hazayeli amuraba mu maso gushika aho yumva isoni. Uwo muntu w’Imana aca atangura kurira.
12 "Why does my lord weep?" Hazael asked. He answered, "Because I know the harm you'll do to Israelites: burn their fortresses, kill their young men with the sword, dash their little ones to the ground, and rip open their pregnant women." Hazayeli aramubaza ati: “Mbega nyakwubahwa ni iki gitumye urira?” Na we amwishura ati: “Ni kubera nzi ivyago uzoteza Abisirayeli. Uzoturira ibisagara vyabo bizitiye, umarishe inkota imikangara yabo, ufyonyagure inzoya zabo, ufomoze n’inda abagore babo bibungenze.”
13 Hazael replied, "What is your servant, a mere dog, that he should do this great thing?" Elisha answered, "Our Father has shown me you will become king over Aram." Hazayeli aramubaza ati: “Mbega umusavyi wawe nkanje ata co amaze, nokora ibintu bihambaye gutyo nte?” Elisa amwishura ati: “Uhoraho yanyeretse ko uzoba umwami w’i Siriya.”
14 Hazael left Elisha and returned to his master, who asked, "What did Elisha say?" He replied, "He told me you would surely recover." Hazayeli aca asiga Elisa aho, asubira kwa shebuja. Beni-Hadadi amubajije ati: “Elisa yakubwiye ngw’iki?” Na we amwishura ati: “Yambwiye ko ata nkeka, uzokira.”
15 Next day, Hazael took the thick cloth, dipped it in water, spread it over the king's face, and he died. Hazael reigned instead. Ariko bukeye, Hazayeli afata uburengeti abuzinga incuro nyinshi, abwinika mu mazi, hanyuma abutsindagira mu maso h’umwami gushika acikanye. Hazayeli aca aba ari we amusubirira ku ngoma.
16 In year five of Ahab's son Joram, Israel's king, when Jehoshaphat was king of Judah, Jehoshaphat's son Jehoram began reigning as Judah's king. Mu mwaka ugira gatanu Yoramu mwene Ahabu ari umwami wa Isirayeli, ni ho Yehoramu mwene Yehoshafati umwami w’Abayuda, na we yaba umwami w’i Buyuda.
17 He was thirty-two years old when he became king, and he reigned eight years in Jerusalem. Ico gihe yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri, amara imyaka umunani aganza ari i Yerusalemu.
18 He followed the ways of Israel's kings, as Ahab's house did, for he had married Ahab's daughter. And he did what was evil in the eyes of our Father. Agendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bakora, kuko yarongoye umukobwa wa Ahabu. Akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho.
19 Yet our Father would not destroy Judah, for David his servant's sake, as he promised to give a lamp to David and to his sons forever. Ariko kubera isezerano Uhoraho yari yaragiraniye na Dawidi umusavyi wiwe, Uhoraho ntiyashaka guherengeteza Ubuyuda. Yari yarasezeranye kugumizaho itara ryiwe n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose.
20 In his days Edom rebelled against the rule of Judah and set up its own king. Mu gihe Yehoramu yari ku ngoma, Abanyedomu bagarariza Abayuda biyimikira umwami wabo.
21 Joram crossed to Zair with all his chariots, rose by night, struck the Edomites surrounding him and the chariot commanders, but the troops fled to their tents. Maze Yoramu aca aja gutera i Zayiri ajanye n’imikogote yiwe yose. Abanyedomu baramukikuza, ariko mw’ijoro aravyuka arasohoka, yicira inzira muri bo aragenda, ingabo ziwe na zo zirahunga zisubira i muhira.
22 To this day Edom has rebelled against Judah's rule. Libnah rebelled at the same time. Kuva ico gihe Abanyedomu baca barikukira, bikura ku Buyuda gushika n’ubu. N’igisagara c’i Libuna na co nyene gica kiragarariza.
23 The rest of Joram's acts, everything he did—aren't they written in the Book of the Chronicles of the Kings of Judah? Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yoramu hamwe n’ivyo yakoze vyanditse mu gitabu c’ivyabaye ku bami b’i Buyuda.
24 Joram died, buried with his fathers in the City of David; his son Ahaziah reigned in his place. Hanyuma Yoramu ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Ahaziya amusubirira ku ngoma.
25 In Joram son of Ahab king of Israel's twelfth year, Ahaziah son of Jehoram king of Judah began ruling. Mu mwaka ugira mirongo ibiri Yoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli ari ku ngoma, Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda ni ho yima nk’umwami.
26 Ahaziah became king at twenty-two; he reigned one year in Jerusalem. His mother Athaliah was granddaughter of Omri king of Israel. Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yaba umwami, aganza umwaka umwe ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Ataliya umwuzukuru wa Omuri umwami w’Abisirayeli.
27 He walked the way of Ahab's house, did evil in our Father's eyes like Ahab's house, since he was son-in-law to Ahab's house. Agendera mu ngeso z’ab’inzu ya Ahabu, akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, kuko yari afitaniye ubucuti n’umuryango wa Ahabu.
28 He went with Joram son of Ahab to fight Hazael king of Aram at Ramoth-gilead, where Arameans wounded Joram. Ahaziya ajana na Yoramu mwene Ahabu kugwanya Hazayeli umwami w’i Siriya i Ramoti Gileyadi, maze Abasiriya bakomeretsa Yoramu.
29 King Joram went back to Jezreel to heal from wounds the Arameans dealt him at Ramah, fighting Hazael king of Aram. Ahaziah son of Jehoram, king of Judah, went down to see the wounded Joram son of Ahab at Jezreel. Nuko umwami Yoramu aca asubira i Yezireyeli kugira ngo akirireyo ibikomere Abasiriya bamukomerekereje i Ramoti igihe yariko aragwana na Hazayeli umwami w’i Siriya. Maze Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda aramanuka aja i Yezireyeli gusuhuza Yoramu mwene Ahabu kuko yari yarakomeretse.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]