Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Elisha said, "Hear the word of our Father. This is what our Father says: By this time tomorrow, seven quarts of fine flour will sell for four ounces of silver, and fourteen quarts of barley for four ounces of silver, at the gate of Samaria." Elisa aca avuga ati: “Nimwumve ijambo ry’Uhoraho. Uhoraho avuze ati: ‘Ejo nk’aya mango, kw’irembo ry’i Samariya, ingero seya imwe y’ifu inoze neza izogurwa shekeli imwe n’ingero seya zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe.’ ”
2 Then the officer on whose arm the king leaned answered the man of our Father, "Look, even if our Father opened windows in the heavens, could this happen?" Elisha replied, "You will see it with your own eyes, but you will not eat any of it." Umukuru w’ingabo umwami yagenda yishimikije yishura uwo muntu w’Imana ati: “Naho Uhoraho yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ivyo ntivyoshoboka.” Elisa aca amubwira ati: “Uzobibona ariko ntuzobiryako!”
3 Four men with a skin disease were at the gate entrance, and said to each other, "Why sit here until we die? Kw’irembo ry’igisagara hariho abantu bane babaho bagwaye imibembe. Barabazanya bati: “Mbega ni kubera iki tuguma twicaye ngaha gushika aho twicwa n’inzara?
4 If we say, 'Let's enter the city,' the famine is there, and we die. If we stay here, we die too. So come, let's go over to the Aramean camp. If they spare us, we live; if they kill us, we die." Nitwaja mu gisagara, hariyo inzara, izotwicirayo. Kandi nitwaguma ngaha, na ho nyene izotwica. Ehe rero nimuze tuje hariya kw’ikambi y’Abasiriya, twishikane. Nibatugirira imbabazi tuzobaho. Nayo nibatwica, n’ubu turapfuye.”
5 So at twilight they rose to go to the Aramean camp. Reaching its edge, they found no one there. Uwo mugoroba nyene bafata inzira baja kw’ikambi y’Abasiriya, basanga nta muntu n’umwe ahari.
6 For the Sovereign Father had made the Aramean army hear the sound of chariots and horses, the sound of a great army, so they said to one another, "Look, the king of Israel has hired the kings of the Hittites and of Egypt to attack us!" Imana yari yatumye Abasiriya bumva urwamo rw’imikogote n’amafarasi hamwe n’abasoda benshi cane, bituma babwirana bati: “Erega noneho umwami wa Isirayeli yakoranije umwami w’Abaheti n’uwa Egiputa baza kudutera!”
7 So they got up and fled at twilight, leaving their tents, horses, and donkeys. They left the camp as it was and fled for their lives. Maze uwo mugoroba nyene bakura hasi barahunga, bata amahema yabo n’amafarasi n’indogoba zabo. Basiga ibintu vyabo vyose uko vyari biri, banyaga amagara.
8 When these men with the skin disease reached the camp's edge, they entered one tent, ate and drank, then carried off silver, gold, and clothing and hid them. They returned, entered another tent, took things from it, and hid those too. Ba bantu bagwaye imibembe bashitse aho ayo mahema yabo atangurira, binjira mw’ihema rimwe. Bararya, baranywa, bongera batora inzahabu, ifeza n’impuzu, baja kubinyegeza. Baragaruka binjira mu rindi hema, batorayo ibindi, na vyo nyene baja kubinyegeza.
9 They said to each other, "We're not doing right. This is a day of good news, and we're keeping it to ourselves. If we wait until morning light, punishment will find us. Now come, let's go at once and tell the king's household." Hanyuma barabwirana bati: “Ariko ivyo turiko turakora si vyiza. Uwu ni umusi w’inkuru nziza, none turiko turawigungana. Nitwarindira bugaca, igihano kizotugwako. Reka tugende ubu nyene kubivuga i bwami.”
10 So they came and called to the city gatekeepers, reporting: "We went to the Aramean camp—no one there, no human sound, only horses and donkeys tied up, and the tents just as they were." Nuko baragenda bahamagara abarinzi b’irembo ry’igisagara, bababwira bati: “Twinjiye mw’ikambi y’Abasiriya, nta muntu n’umwe twasanzeyo, nta n’agakacira, atari indogoba n’amafarasi biziritse, amahema na yo bayataye uko yakabaye.”
11 The gatekeepers called out the news, and it was reported inside the king's household. Ba barinzi b’irembo ry’igisagara baca barasemerera bavuga iyo nkuru nziza, maze na yo ishikira abo ku kirimba c’umwami.
12 That night the king rose and told his officials, "Let me tell you the Arameans' plan against us. They know we're starving, so they've left camp to hide in the fields, thinking: When they leave the city, we'll take them alive and get inside." Umwami aca arahaguruka iryo joro nyene, abarira abatware biwe ati: “Reka ndababwire ico Abasiriya bagomba kudukorera. Barazi ko inzara itwishe, none bavuye mw’ikambi baja kwinyegeza mu gahinga, biteze ko tuva mu gisagara kugira ngo bace badufata hamwe n’igisagara.”
13 One of his servants said, "Have some men take five of the horses left in the city. They will fare like all the Israelites left here—like all the Israelites already dead. Let us send them and see." Umwe mu bakuru b’ingabo avuga ati: “Reka turungike abantu bafata amafarasi atanu asigaye mu gisagara baje kuraba ivyo bintu. Nihagira ico baba, ni co kimwe n’aho boguma ngaha bagapfana n’Abisirayeli bose.”
14 So they took two chariots with horses, and the king sent them after the Aramean army, saying, "Go, find out." Nuko baca bafata imikogote ibiri n’indogoba zayo, umwami arabarungika ngo bakurikire abasoda b’Abasiriya. Abwira abagendera kuri ayo mafarasi ati: “Genda murabe ivyabaye.”
15 They followed them to the Jordan; the whole road was littered with clothes and gear the Arameans threw off in their haste. The messengers returned and told the king. Nuko barabakurikirana gushika kuri Yorodani, basanga ibarabara ryuzuyemwo impuzu n’ibindi bikoresho Abasiriya bagiye barata mu nzira bahunga. Za ntumwa ziragaruka zibibwira umwami.
16 The people went out and plundered the Aramean camp. So seven quarts of fine flour sold for four ounces of silver, and fourteen quarts of barley for four ounces of silver, as our Father had said. Maze abantu barasohoka, baja gusahura ivyo muri ya kambi y’Abasiriya. Ni ho ingero seya y’ifu inoze neza yagurwa shekeli imwe, n’ingero seya zibiri za sayiri zigurwa shekeli imwe, nk’uko Uhoraho yari yabivuze.
17 The king had put the captain on whose arm he leaned in charge of the gate; the crowd trampled him there, and he died—just as the man of our Father had said when the king came down to him. Wa mukuru mu ngabo umwami yagenda yishimikije ashingwa igikorwa co gucungera uruja n’uruza kw’irembo, ariko aratemba kubera umusunikano w’abantu, na bo baramuhonyanga gushika apfuye, nk’uko wa muntu w’Imana yari yabivuze igihe umwami yari aje i muhira iwe.
18 It happened just as the man of our Father told the king: "About this time tomorrow at Samaria's gate, fourteen quarts of barley will sell for four ounces of silver, and seven quarts of fine flour for four ounces of silver." Vyagenze nk’uko uwo muntu w’Imana yari yabibwiye umwami ati: “Ejo nk’aya mango, kw’irembo ry’i Samariya, ingero seya imwe y’ifu inoze neza izogurwa shekeli imwe n’ingero seya zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe.”
19 The officer had answered the man of our Father, "Look, even if our Father opened windows in the heavens, could such a thing happen?" And he replied, "You will see it with your own eyes, but you will not eat any of it." Iyo ntwazangabo yari yabwiye uwo muntu w’Imana iti: “Naho Uhoraho yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ivyo ntivyoshoboka.” Uwo muntu w’Imana arababwira ati: “Uzobirabisha amaso yawe, ariko ntuzobiryako.”
20 This is exactly what happened: the people trampled him in the gateway, and he died. Kandi vyagenze uko nyene, kuko abantu bamuhonyangiye kw’irembo ry’igisagara aca arapfa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]