Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Kings 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After the death of Ahab, Moab rebelled against Israel. Ahabu amaze gupfa, Abanyamowabu baca bagarariza Isirayeli.
2 Ahaziah fell through the lattice of his upper room in Samaria and was hurt. He sent messengers: "Go, ask Baal-zebub, god of Ekron, whether I'll recover from this injury." Umusi umwe umwami mushasha wa Isirayeli yitwa Ahaziya akoroka aciye mw’idirisha ry’icumba ciwe co hejuru i Samariya, arakomereka cane. Aca atuma intumwa ziwe kumubariza Bayali-Zebubi, ikigirwamana co muri Ekuroni, nimba azokira ico gikomere.
3 But our Father's messenger told Elijah the Tishbite, "Get up, meet Samaria's king's messengers and ask them, 'Is there no Father in Israel, that you go to consult Baal-zebub, god of Ekron?' Ariko umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi ati: “Haguruka ugende guhura n’intumwa z’umwami w’i Samariya uzibaze uti: ‘Mbega ni kubera yuko muri Isirayeli ata Mana iriho aho muja kubaza Bayali-Zebubi, ikigirwamana c’abo muri Ekuroni?’
4 So our Father says: 'You will not leave the bed you climbed into; you will surely die.'" And Elijah left. None rero uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Aho uryamye ntuzohavyuka, nta nkeka uzopfa.’ ” Nuko Eliya aragenda arabibabwira.
5 When the messengers returned to the king, he asked them, "Why have you come back?" Za ntumwa zisubiye inyuma, umwami arazibaza ati: “Ni kubera iki munyarutse kugaruka?”
6 They answered, "A man came to meet us and said, 'Go back to the king who sent you and tell him: This is what our Father says: Is there no Father in Israel, that you send men to ask Baal-zebub, the god of Ekron? So you will not leave the bed you climbed into; you will surely die.'" Na zo ziramwishura ziti: “Hari umugabo twahuye, atubwira ati: ‘Subira inyuma ku mwami yabarungitse mumubwire muti: Uhoraho avuze ati: Mbega aho muja kubaza Bayali-Zebubi, ikigirwamana c’abo muri Ekuroni, ni kubera yuko ata Mana iri muri Isirayeli? Ati none rero ubwo buriri uryamyeko ntuzobuvako, nta nkeka uzopfa.’ ”
7 The king asked, "What kind of man was it who came to meet you and told you this?" Umwami na we arababaza ati: “Uwo muntu mwahuye akababwira ivyo yari ameze gute?”
8 They said, "He wore a garment of hair, with a leather belt at his waist." The king said, "Elijah the Tishbite." Bamwishura bati: “Yari umugabo yambaye umutamana w’ubwoya, akenyeje umukanda w’urusato.” Umwami aca avuga ati: “Uwo ni Eliya w’i Tishubi, nta wundi.”
9 The king sent a captain with his fifty men to Elijah. The captain went up to him as he sat on a hilltop, and said to him, "Man of our Father, the king says, 'Come down.'" Aca arungika umukuru w’abasoda mirongo itanu hamwe n’ingabo ziwe kuja gufata Eliya. Basanga yicaye hejuru ku gasozi. Uwo mukuru w’abasoda amubwira ati: “Muntu w’Imana, umwami avuze ngo nuze tumanukane.”
10 Elijah answered the captain, "If I am a man of our Father, may fire fall from heaven and consume you and your fifty." And fire fell from heaven and consumed him and his fifty. Eliya amwishura ati: “Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro numanuke uvuye mw’ijuru, ubatikize mwese n’abasoda bawe uko ari mirongo itanu!” Ubwo nyene umuriro uca urakoroka uvuye mw’ijuru, utongora uwo mukuru w’abasoda n’abasoda biwe bose.
11 Again the king sent another captain with fifty men, who said, "Man of our Father, the king says: 'Come down quickly.'" Umwami arasubira arungika umukuru w’abasoda mirongo itanu hamwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mukuru w’abasoda aragenda amubwira ati: “Muntu w’Imana, umwami avuze ngo umanuke vuba!”
12 Elijah answered, "If I am a man of our Father, may fire fall from heaven and consume you and your fifty." And the fire of our Father fell from heaven and consumed him and his fifty. Eliya amwishura ati: “Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro numanuke uvuye mw’ijuru, ubatikize mwese n’abasoda bawe uko ari mirongo itanu!” Ubwo nyene umuriro uca urakoroka uvuye mw’ijuru, utongora uwo mukuru w’abasoda n’abasoda biwe bose.
13 The king sent a third captain with his fifty. This one went up, knelt before Elijah, and pleaded, "Man of our Father, please let my life and the lives of your servants, these fifty, be precious in your eyes. Umwami aca arongera arungika umukuru w’abasoda mirongo itanu agira gatatu hamwe n’izo ngabo ziwe. Uwo mukuru araduga, ashikira Eliya aramupfukamira, amubwira amwinginga ati: “Muntu w’Imana, ndakwinginze ugirire impuhwe amagara yanje n’ay’aba basavyi bawe mirongo itanu.
14 Fire came from heaven and consumed the two earlier captains with their fifties. Now let my life be precious to you." Raba umuriro umaze gukoroka kabiri kose utongora abakuru b’ingabo hamwe n’ingabo zabo zose. Ndakwinginze ugirire imbabazi ubuzima bwanje.”
15 The messenger of our Father told Elijah, "Go down with him; don't be afraid of him." So Elijah went down with him to the king. Umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya ati: “Manukana na we, kandi ntugire ubwoba.” Eliya aca arahaguruka amanukana na we aho umwami yari ari.
16 He told the king, "This is what our Father says: You sent messengers to consult Baal-zebub, god of Ekron—is there no Father in Israel to ask his word?—so you will not leave the bed you climbed into; you will surely die." Ashitse aca abwira umwami ati: “Uhoraho avuze ati: ‘Mbega ni kubera yuko muri Isirayeli ata Mana iriho aho utuma intumwa kubaza Bayali-Zebubi, imana y’abo muri Ekuroni nimba uzokira? Ko wakoze ivyo, ubwo buriri uryamyeko ntuzobuvako, nta nkeka uzopfa.’ ”
17 Ahaziah died, as our Father's word through Elijah said. Since Ahaziah had no son, Jehoram succeeded him, in the second year of Judah's king Jehoram son of Jehoshaphat. Hanyuma Ahaziya arapfa nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryaciye kuri Eliya ryari ryavuze. Kubera ko Ahaziya ata muhungu yari yaravyaye, mwenewabo Yoramu ni we yaciye amusubirira ku ngoma ya Isirayeli, aho hari mu mwaka ugira kabiri Yehoramu mwene Yehoshafati ari ku ngoma i Buyuda.
18 The rest of Ahaziah's acts, what he did, are they not written in the Book of the Chronicles of the Kings of Israel? Ibindi vyabaye ku ngoma ya Ahaziya n’ivyo yakoze vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku bami ba Isirayeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]