Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Solomon finished praying, fire fell from heaven and consumed the burnt offering and sacrifices, and our Father's glory filled the house. Salomo ahejeje gusenga, umuriro urakoroka uvuye mw’ijuru utongora ikimazi co guturirwa n’ibimazi vyose, maze ubwiza bw’Uhoraho bwuzura iyo Ngoro.
2 The priests couldn't enter our Father's house, because our Father's glory filled it. Abaherezi ntibashobora kwinjira mu Ngoro y’Uhoraho kuko ubwiza bw’Uhoraho bwari buyuzuye.
3 When all the Israelites saw the fire fall and our Father's glory on the house, they knelt, faces to the ground on the pavement, worshiping and thanking our Father: "He is good; his faithful love endures forever." Abisirayeli bose babonye umuriro umanutse kandi ubwiza bw’Uhoraho buri hejuru y’iyo Ngoro, bapfukama ku musezero, bubama hasi, basenga bashimira Uhoraho, bavuga bati: “Uri mwiza; urukundo rwawe rwamaho ibihe bidashira.”
4 Then the king and all the people offered sacrifices before our Father. Nuko umwami n’abantu bose bashikanira ibimazi Uhoraho.
5 King Solomon sacrificed 22,000 oxen and 120,000 sheep; the king and all the people dedicated the house of our Father. Umwami Salomo araheza atanga ikimazi kigizwe n’impfizi ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongo ibiri. Uko ni ko umwami n’abantu bose bashikirije Imana iyo Ngoro.
6 The priests stood at their posts; the Levites stood with the musical instruments for our Father that King David made for giving thanks to our Father—"for his faithful love endures forever"—whenever David praised through the instruments. Opposite them the priests blew the trumpets, and all Israel stood. Abaherezi baja mu bibanza vyabo, n’Abalewi ni uko bafise ibicurarangisho vy’Uhoraho, ivyo umwami Dawidi yari yarakoze vyo gutazira Uhoraho, vyakoreshejwe mu gutazira igihe yashima avuga ati: “Urukundo rwayo rwamaho ibihe bidashira.” Ku rundi ruhande rurabana n’aho Abalewi bari bari, hari abaherezi bavuza inzamba, Abisirayeli bose na bo bari bahagaze.
7 Solomon dedicated the courtyard's middle, in front of our Father's house, for there he offered the burnt offerings and fat of the peace offerings, since the bronze altar he had made could not hold the burnt offering, grain offering, and fat. Maze umwami ashikiriza Uhoraho ikibanza kiri imbere y’Ingoro, ahatangira n’ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu hamwe n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, kuko igicaniro yari yarakoze mu butare bw’umwakaka kitashobora gukwirwako ibimazi vyo guturirwa, ivy’ifu hamwe n’ibinure vy’ibimazi.
8 At that time Solomon kept the feast seven days, and all Israel with him—a vast assembly—from Lebo-hamath to the Brook of Egypt. Nuko umwami Salomo ari kumwe n’Abisirayeli bose bamara imisi indwi bagira imisi mikuru. Hari hakoraniye abantu isinzi bari baje bava i Lebo-Hamati gushika ku mugezi wa Egiputa.
9 On the eighth day they held a closing assembly, having kept the altar's dedication seven days and the feast seven days. Ku musi ugira umunani bagira ikoraniro ryo kurangiza, kuko bari bamaze imisi indwi bashikiriza Uhoraho igicaniro, bongera bamara imisi indwi bagira umusi mukuru w’insago.
10 On the twenty-third day of the seventh month, he sent the people home, joyful and glad at heart for the goodness our Father showed to David, to Solomon, and to Israel his people. Ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kw’indwi arungika abantu iwabo, bataha banezerewe cane, imitima yabo inezerejwe n’ivyo Uhoraho yakoreye Dawidi na Salomo n’abantu biwe b’Abisirayeli.
11 Solomon finished the house of our Father and the royal palace. Everything Solomon set his heart to do in the house of our Father and his own house, he did successfully. Nuko Salomo ahejeje Ingoro y’Uhoraho n’ikirimba c’umwami, akarangiza neza n’ivyo yari yarateguye gukora mu Ngoro y’Uhoraho no ku kirimba ciwe bwite,
12 Then our Father appeared to Solomon at night and said to him: "I have heard your prayer and chosen this place for myself as a house of sacrifice. Uhoraho aramwiyereka mw’ijoro amubwira ati: “Numvise ugusenga kwawe kandi ntoranije aha hantu ngo habe ahanje, habe Ingoro yo gushikaniramwo ibimazi.
13 "If I shut the skies so no rain falls, or command locusts to devour the land, or send a plague among my children, Ninugara ijuru ngo imvura ntigwe, canke nkarekura inzige ngo zirye imirima canke nkarekura ikiza mu bantu banje,
14 if my children—who bear my name—humble themselves, pray, seek my face, and turn from their evil ways, I will hear from heaven, forgive their sin, and heal their land. abantu banje, bitirirwa izina ryanje, nibicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bakava mu nzira zabo mbi, nanje nzobumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo.
15 Now my eyes will be open and my ears attentive to the prayer offered in this place. Guhera ubu inyonga zanje zizokwama kuri bo n’amatwi yanje azokwama yumviriza amasengesho bazosengera aha hantu.
16 Now I have chosen and dedicated this house, so my name remains there forever; my eyes and heart will be there always. Ndobanuye iyi Ngoro kandi ndayitoranije kugira ngo izina ryanje rihabe ibihe bidashira. Amaso yanje n’umutima wanje bizokwama kuri yo.
17 As for you—if you walk before me as David your father walked, doing all I commanded you and keeping my statutes and judgments, Nawe niwagendera imbere yanje nk’uko so Dawidi yabigira, ugakora ivyo nagutegetse vyose, ugakurikiza amategeko n’amabwirizwa yanje;
18 then I will confirm your kingdom's throne, as I covenanted with David your father: "A man of yours will always rule over Israel." nanje nzokomeza intebe yawe y’ubwami, nk’uko nasezeraniye so Dawidi igihe navuga nti: ‘Ntuzokwigera ubura uwo kuganza Abisirayeli.’
19 But if you turn away, abandon my statutes and commands I set before you, and go serve other gods and worship them, Ariko nimwahindukira mugata amategeko n’amabwirizwa nabahaye, mukaja gukorera izindi mana mukazisenga,
20 then I will uproot Israel from my land I gave them, cast from my sight this temple I set apart for my name, and make it an example and taunt among all peoples. nanje nzorandura Abisirayeli ndabakure mu gihugu canje nari narabahaye; n’iyi Ngoro neguriye izina ryanje nzoyita imve mu maso. Nzoyigira iciro ry’imigani n’agatwengo mu mahanga yose.
21 This house, once so exalted, will leave everyone who passes by appalled, saying, "Why did the LORD do this to this land and this house? Kandi naho iyi Ngoro yari iteye igomwe, abazoyica i ruhande bazogira ubwoba batangare bavuge bati: ‘Ni igiki catumye Uhoraho agirira atya iki gihugu n’iyi Ngoro?’
22 They will answer, "Because they abandoned the LORD, God of their ancestors, who brought them out of the land of Egypt, and clung to other gods, bowing and serving them—that's why he brought all this disaster on them." Abantu bazobishura bati: ‘Ni ukubera bataye Uhoraho Imana ya ba sekuruza yabakuye muri Egiputa, bagahindukirira izindi mana, bakazisenga kandi bakazikorera; ni co gituma Uhoraho yabateje ivyo vyago vyose.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]