Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Solomon said, "Our Father has said that he would dwell in thick darkness. Maze Salomo avuga ati: “Ewe Uhoraho, wavuze ko uba mu gicu c’umwijima w’umuzitanya.
2 But I have built you an exalted house, a place for you to dwell in forever." Ariko jewe nakwubakiye Ingoro y’igitangaza, ikibanza uzokwiberamwo ibihe vyose.”
3 Then the king turned and blessed the whole assembly of Israel as they all stood. Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rigihagaze ngaho, umwami arahindukira arabahezagira.
4 He said, "Praise our Father, the God of Israel, whose hand has fulfilled what his mouth promised my father David, saying, Maze avuga ati: “Uhoraho, Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, we ashikije n’amaboko yiwe ivyo yari yarasezeraniye data Dawidi n’akanwa kiwe, aho yavuga ati:
5 'Since the day I brought my people out of Egypt, I chose no city from all the tribes of Israel to build a house for my name to be there, nor any man to rule my people Israel. ‘Uhereye umusi nakuriye ubwoko bwanje mu gihugu ca Egiputa, sinigeze ntoranya igisagara na kimwe co mu miryango ya Isirayeli ngo cubakwemwo Ingoro yitirirwa izina ryanje, canke ngo ntoranye umuntu n’umwe ngo abe uwo kurongora ubwoko bwanje bw’Abisirayeli.
6 But I chose Jerusalem for my name to be there, and I chose David to lead my people Israel.' Ariko ubu ntoranije Yerusalemu ngo izina ryanje rihabe, kandi ntoranije Dawidi kugira ngo abe ari we aganza abantu banje b’Abisirayeli.’
7 David my father had it in his heart to build a house for the name of our Father, the God of Israel. Data Dawidi yari afise umugambi mu mutima wo kwubakira Ingoro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli;
8 But our Father told David my father, 'Because building a house for my name was in your heart, you did well to intend this. ariko Uhoraho amubwira ati: ‘Wagize neza kwiyumvira kwubakira Ingoro izina ryanje,
9 But you will not build the house; your son, from your own body—he will build the house for my name.' ariko si wewe uzoyubaka. Umuhungu wawe, uwo wivyariye, ni we azokwubakira Ingoro izina ryanje.’
10 Now our Father has fulfilled the word he spoke: I have succeeded David my father and sit on Israel's throne, as he promised, and I have built the house for the name of our Father, the God of Israel. Uhoraho yazigamye isezerano ryiwe. Yansubije mu gishingo ca data Dawidi; none ubu nicaye ku ntebe y’ubwami bwa Isirayeli, nk’uko Uhoraho yabisezeranye, kandi nanje nubatse Ingoro yo guhesha icubahiro izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli.
11 There I placed the ark, holding the covenant our Father made with the people of Israel." Aho ni ho nashize ya sandugu irimwo rya sezerano Uhoraho yagiranye n’ubwoko bw’Abisirayeli.”
12 Then Solomon stood before our Father's altar in the presence of the whole assembly of Israel and spread out his hands. Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho n’imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko yiwe.
13 Solomon had made a bronze platform about seven and a half feet long, seven and a half feet wide, four and a half feet high, and set it in the middle of the court. He stood on it, knelt before the whole assembly of Israel, and spread his hands toward heaven. Salomo yari yarubatse hagati na hagati muri rwa rugo, ahantu hataramutse ho guhagarara mu butare bw’umwakaka, hangana n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’uburebure n’ubwaguke, hakagira n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’igihagararo. Ahagararaho, araheza apfukama imbere y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli agorora amaboko ayerekeje mw’ijuru.
14 He said, O my Father, God of Israel, no Father is like you in heaven or on earth, keeping covenant and showing loyal love to your servants who walk before you wholeheartedly. Nuko aravuga ati: “Ewe Uhoraho Mana ya Isirayeli, nta yindi Mana ihwanye nawe mw’ijuru no mw’isi, wewe uzigama isezerano wagiriye abasavyi bawe, bagukurikira n’imitima yabo yose.
15 You kept your promise to your servant David my father; what you spoke with your mouth you fulfilled with your hand today. Wazigamye isezerano wagiriye data Dawidi umusavyi wawe, urisezeranishije akanwa kawe, none uwu musi urishikishije amaboko yawe.
16 So now, my Father, God of Israel, keep for your servant David my father what you promised: "You will never lack a man before me on Israel's throne, if only your sons watch their way to walk in my law, as you have walked before me." None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, zigamira umusavyi wawe Dawidi ari we data, isezerano wamugiriye, aho wavuga uti: ‘Mu ruvyaro rwawe, ntihazokwigera habura uwuba ku ngoma ya Isirayeli, nirwagendera mu Vyagezwe vyanje nk’uko wabigendeyemwo.’
17 And now, my Father, God of Israel, let the word you spoke to your servant David be confirmed. None rero Uhoraho, Mana ya Isirayeli, shitsa isezerano wasezeraniye data Dawidi umusavyi wawe.
18 But will our Father really live with people on earth? The heavens and highest heavens can't hold you—how much less this house I built. Ariko none vy’ukuri Imana izoba hano kw’isi ibane n’abantu? Ko amajuru, mbere n’amajuru asumba ayandi, udashobora kuyakwirwamwo, mbe ndareka iyi Ngoro nubatse!
19 Yet hear the prayer of your servant and his plea, O my Father, and hear the cry and prayer your servant prays before you. Ariko wumvirize ugusenga n’ukwinginga kwanje, Uhoraho Mana yanje. Wumve ugutakamba n’ugusenga kw’umusavyi wawe ari imbere yawe.
20 May your eyes be open toward this house day and night, toward the place where you said you'd put your name, to hear the prayer your servant prays toward this place. Inyonga zawe zize zame ziri kuri iyi Ngoro ku murango no mw’ijoro, aha hantu wavuze ko uzoshira izina ryawe. Uzokwame wumva amasengesho umusavyi wawe azosengera hano hantu.
21 Hear your servant's and your people Israel's pleas when they pray toward this place. Hear from heaven, your dwelling; and when you hear, forgive. Uze wumvirize ukwinginga kw’umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli nibasenga batumbereye iyi ngoro. Uze ubumvirize uri mw’ijuru, aho uba; kandi niwabumva, ubaharire.
22 If a man sins against his neighbor and must swear an oath, and he comes and swears his oath before your altar in this house, Umuntu niyagirira nabi mugenziwe maze bigasabwa ko bamurahiza ko atabikoze, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe kiri muri iyi Ngoro,
23 then hear from heaven and act. Judge your servants: pay back the guilty for their deeds, and clear the righteous, rewarding them by their righteousness. uze uvyumve uri mw’ijuru ucire urubanza abantu bawe. Uwakoze ikibi atsindwe, ivyo yakoze bimusubire ku mutwe kandi hatsinde uwutacumuye, umwerekane kandi bimenyekane ko ata kimwagira.
24 If your people Israel, defeated by enemies for sinning against you, turn back to praise your name, pray, and plead with you in this house, Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kuko bagucumuyeko maze bagahindukira bagahimbaza izina ryawe, bagasenga binginga imbere yawe bari muri iyi Ngoro,
25 then hear from heaven, forgive the sin of your people Israel, and bring them back to the land you gave to them and their ancestors. uzobumve uri mw’ijuru uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli ubagarukane mu gihugu wabahaye bo na ba sekuruza.
26 When the sky is shut with no rain because they sinned against you, if they pray toward this place, praise your name, and turn from their sin when you make them suffer, Ijuru niryugarwa imvura ntigwe kuko abantu bawe bagucumuyeko, maze bagasenga batumbereye aha hantu bagahimbaza izina ryawe, bagahindukira bakava mu caha cabo, umaze kubateza ivyago,
27 then hear from heaven, forgive your servants' sin, your people Israel, when you teach them the good path to walk, and send rain on your land, which you gave your people as their inheritance. uze ubumve uri mw’ijuru, uharire icaha c’abasavyi bawe, ari bo bwoko bwawe bw’Abisirayeli. Uze ubigishe inzira zawe, maze urekurire imvura mu gihugu wahaye abantu bawe kw’umugabane.
28 If famine, plague, blight, mildew, locust, or caterpillar strikes the land; if enemies besiege them in their towns—whatever plague or sickness comes, Ikigoyi canke ikiza nivyatera mu gihugu, canke akaranda canke ururyi, inzige canke ibihori, canke abansi babo bakabugariza mu gisagara kimwe mu vyo babamwo, ikiza ico ari co cose canke ingwara iyo ari yo yose nivyabashikako,
29 whatever prayer or plea anyone or all your people Israel makes, each knowing his own suffering and pain and spreading his hands toward this house, maze hakagira na bamwe bo mu Bisirayeli basenga ku bw’imibabaro yo mu mitima yabo, bakarabisha ibiganza vyabo kuri iyi Ngoro,
30 then hear from heaven, your home, and forgive, and repay each according to all his ways, since you know his heart—for you alone know every human heart, nawe uze wumve uri mw’ijuru, aho wibera. Uze ubaharire, kandi ugirire umuntu wese ibihwanye n’ivyo yakoze, kuko uzi imitima yabo: ni wewe wenyene uzi imitima y’abana b’abantu.
31 so they may fear you and walk in your ways as long as they live on the land you gave our ancestors. Ni ho bazogutinya bakagendera mu nzira zawe ibihe vyose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza.
32 Also, when a foreigner not of your people Israel comes from a distant land for your great name, your mighty hand, and your outstretched arm—when they come and pray toward this house, Mbere n’aho yoba umunyamahanga atari uwo mu bwoko bwawe bw’Abisirayeli, ariko akaza avuye mu gihugu ca kure ku bw’izina ryawe rihambaye n’ukuboko kwawe kw’inkomezi kandi kuramvuye; niyaza akagusenga atumbereye iyi Ngoro,
33 then hear from heaven where you live, and do all the foreigner asks, so all the earth's peoples may know your name and fear you, as your people Israel do, and know this house I built bears your name. uze umwumve uri mw’ijuru, aho uba, ukorere uwo munyamahanga ico azoba agusavye cose, kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye izina ryawe akwubahe, nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bakora, kandi bamenye ko iyi Ngoro nubatse yitirirwa izina ryawe.
34 If your people go to war against their enemies wherever you send them, and pray to you toward this city you have chosen and the house I built for your name, Abantu bawe nibaja mu ntambara kugwanya abansi babo, aho uzobarungika hose, maze bakagusenga batumbereye iki gisagara watoranije n’iyi Ngoro nubakiye izina ryawe,
35 then hear from heaven their prayer and their plea, and uphold their cause. nuko uze wumve ugusenga kwabo no kwinginga kwabo uri mw’ijuru, ubatabare.
36 If they sin against you—for no one is without sin—and you are angry with them and hand them to an enemy who takes them captive to a land far or near, Nibaramuka bagucumuyeko, kuko ata muntu adacumura, hanyuma uburake bwawe bukabaziriringira, maze ukabarekurira mu maboko y’abansi babo bakabatwara nk’inyagano mu bihugu vyabo, vyaba ivya hafi canke ivya kure;
37 yet if in the land of their captivity they take it to heart, and turn back and plead with you there, saying, "We have sinned, we did wrong, we acted evilly," maze nibahindukira mu mitima yabo bari mu gihugu bajanywemwo nk’inyagano, bakihana bakagusaba imbabazi bari muri ico gihugu c’ababanyaze bakavuga bati: ‘twaracumuye, twakoze nabi, twakoze ivyo kwankwa urunuka’;
38 if they turn back to you with all their heart and soul in the land of their captivity where they were taken, and pray toward their land you gave their ancestors, the city you chose, and the house I built for your name, maze bakagaruka kuri wewe n’imitima yabo yose n’imishaha yabo yose, bari mu gihugu c’abansi babo babagize inyagano, hanyuma bagasenga baraba mu gihugu wahaye ba sekuruza babo, no ku gisagara watoranije hamwe no kuri iyi Ngoro nubakiye izina ryawe;
39 then hear from heaven, your dwelling place, their prayer and pleas, uphold their cause, and forgive your people who sinned against you. nuko uri mw’ijuru, aho uba, uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo, uheze ubagwanirire. Uheze uharire abantu bawe, bagucumuyeko.
40 Now, my Father, let your eyes be open and your ears attentive to the prayer of this place. None rero, Mana yanje, inyonga zawe zame kuri aha hantu kandi amatwi yawe uyashire ku gusenga kwose kuzobera aha hantu.
41 And now arise, my Father, and come to your resting place, you and the ark of your might. Let your priests, my Father, be clothed with salvation, and let your faithful ones rejoice in your goodness. Nuko rero haguruka, ewe Uhoraho Mana, uze mu buruhukiro bwawe, wewe n’Isandugu, ari co kimenyetso c’inkomezi zawe. Abaherezi bawe, yewe Uhoraho Mana, nibambare agakiza kawe, abizigirwa bawe banezererwe ukugira neza kwawe.
42 My Father, do not reject your anointed one. Remember your covenant love for David your servant. Yewe Uhoraho Mana, ntushiburire kure uwo warobanuje amavuta. Wibuke urukundo ruhambaye wasezeraniye Dawidi umusavyi wawe.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]