Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Amaziah became king at twenty-five and reigned twenty-nine years in Jerusalem. His mother was Jehoaddan of Jerusalem. Amaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza imyaka mirongo ibiri n’icenda ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yehoyadini, w’i Yerusalemu.
2 He did what was right in the eyes of our Father, but not wholeheartedly. Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, ariko ntiyabikorana umutima wiwe wose.
3 Once the kingdom was firmly his, he executed the servants who had killed his father the king. Amaze gukomeza ubwami bwiwe, aca afata abatware bishe umwami ari we se arabica.
4 But he did not put their children to death, as written in the Law, the book of Moses, where our Father commanded, "Parents must not die for their children, nor children for their parents; each dies for his own sin." Ariko ntiyica abana babo, kuko yubashe ijambo ry’Uhoraho ryanditswe mu Gitabu c’Ivyagezwe vya Mose rivuga riti: “Ntihaze hagire umuvyeyi yicwa azira abana biwe, canke abana ngo bicwe bazira abavyeyi babo, umwe wese azozire ivyaha vyiwe.”
5 Amaziah gathered Judah, organized them by ancestral houses under commanders of thousands and hundreds, for all Judah and Benjamin. He counted those twenty and up: 300,000 chosen men fit for war, handling spear and shield. Amaziya atumako Abayuda bose ngo bakoranire hamwe, abashira mu migwi akurikije imiryango yabo, abaha abakuru b’ingabo igihumbi n’abatwara ijanijana, i Buyuda n’i Bubenyamini hose. Maze agira rusansuma rw’abafise imyaka mirongo ibiri canke irenga asanga hari abagabo ibihumbi amajana atatu bashobora kuja ku rugamba, kandi bashobora no gukoresha icumu n’inkinzo.
6 He also hired 100,000 strong warriors from Israel for about 7,500 pounds of silver. Yongera arondera abandi bagwanyi b’abacangero ibihumbi ijana bavuye mu Bisirayeli, abahemba italanto ijana z’ifeza.
7 A man of our Father came to him: "King, don't let Israel's army go with you, for our Father is not with Israel—all these Ephraimites. Ariko umuntu w’Imana aza aho ari, aramubwira amubwira ati: “Yewe mwami, izi ngabo zivuye mu Bisirayeli ntuzijane ku rugamba, kuko Uhoraho atari kumwe n’Abisirayeli canke n’umuntu n’umwe wo mu Befurayimu.
8 Even if you fight bravely, our Father will overthrow you before the enemy, for our Father has power to help or overthrow." Kandi niwapfa kujana na bo, naho wogenda ukagwana n’ubuhizi bwinshi ku rugamba, Uhoraho azotuma utsindwa imbere y’umwansi, kuko Imana ifise ububasha bwo gutuma utsinda canke utsindwa.”
9 Amaziah asked the man of our Father, "But what about the roughly 7,500 pounds of silver I gave Israel's troops?" He replied, "Our Father can give you far more than this." Amaziya abaza uwo muntu w’Imana ati: “None ivya za talanto ijana nahemvye ba bagwanyi b’Abisirayeli bizogenda gute?” Uwo muntu w’Imana amwishura ati: “Uhoraho ashobora kuguha ibirengeye ivyo cane.”
10 So Amaziah sent home the troops that came to him from Ephraim. They burned with anger against Judah and returned home enraged. Nuko Amaziya aca afata izo ngabo zari zaje zivuye mu Befurayimu azirungika iwabo. Bituma bashavurira Abayuda, baca basubira iwabo bashangashiwe cane.
11 But Amaziah took courage, led out his people to the Valley of Salt, and struck down 10,000 men of Seir. Maze Amaziya arinanata, aca atwara ingabo ziwe mu Kiyaya c’Umunyu, aho yiciye abantu b’i Seyiri ibihumbi cumi.
12 Judah's men also captured 10,000 alive, took them to the cliff top, and threw them down, smashing them all to pieces. Ingabo z’i Buyuda zongera gufata mpiri abandi ibihumbi cumi, babadugana hejuru ku kimanga c’igitandara, maze babatembagariza mu mwonga, bose baravunagurika, barapfa.
13 Meanwhile the troops Amaziah sent back, not letting them join the battle, raided Judah's cities from Samaria to Beth-horon, struck down 3,000 people, and carried off much plunder. Muri ico gihe, za ngabo Amaziya yasubiza inyuma ntazemerere kujana na we mu ntambara, zitera ibisagara vy’i Buyuda kuva i Samariya gushika i Beti-Horoni. Zica abantu ibihumbi bitatu, zihasahura n’ibintu vyinshi cane.
14 After Amaziah defeated the Edomites, he brought back the gods of Seir's people, set them up as his own gods, bowed to them, and burned offerings to them. Amaziya agarutse avuye kwica ba Banyedomu, azana ibigirwamana vy’abantu b’i Seyiri, aca abishinga nk’imana ziwe bwite, aravyunamira, abishikanira ibimazi bituriwe.
15 So our Father's anger burned against Amaziah, and he sent a prophet, who asked, "Why seek this people's gods, which couldn't save their own from your hand?" Uburake bw’Uhoraho buziriringira Amaziya, aca amutumako umuvugishwa, amubaza ati: “Ni kuki usiguza izo mana z’abo bantu, zitashoboye gukiza benezo ukuboko kwawe?”
16 As he spoke, the king said, "Did we make you the king's counselor? Stop! Why be killed?" The prophet stopped but said, "I know our Father has determined to destroy you, because you did this and ignored my counsel." Akiriko aravuga, umwami amubwira ati: “Hari uwakugize umuhanuzi w’umwami? Hora! Ni kuki wikwegera urupfu?” Maze uwo muvugishwa ntiyasubira kuvuga, ariko yongerako ati: “Ndazi ko Uhoraho yafashe ingingo yo kukwica, kuko wakoze ivyo ntiwumvire impanuro zanje.”
17 Amaziah king of Judah consulted his advisers, then sent to Joash son of Jehoahaz, son of Jehu, king of Israel: "Come, let us face each other in battle." Amaziya umwami w’i Buyuda amaze gusiguza abahanuzi biwe, atuma kuri Yowashi mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu umwami wa Isirayeli, amubwira ati: “Ingo duhure, tugwane imbonankubone!”
18 Joash king of Israel answered Amaziah king of Judah: "A Lebanon thistle sent to a Lebanon cedar, saying, 'Give your daughter to my son as wife.' But a wild Lebanon beast passed and trampled the thistle. Ariko Yowashi umwami wa Isirayeli yishura Amaziya umwami w’i Buyuda ati: “Muri Libani habaye igitovu, kibwira isederi ry’i Libani kiti: ‘Mpa umukobwa wawe abe umugore w’umuhungu wanje.’ Ariko haca haza igikoko kinini gihonyanga ca gitovu.
19 You said, 'Look, I have struck down Edom,' and your heart grew proud, boasting. Stay home. Why court disaster and fall—you and Judah with you?" Wibwira ngo waranesheje Edomu none wuzuye ubwibone. Nezererwa intsinzi yawe hanyuma ugume iwawe. Ni kubera iki wikwegera amakuba, ukayakwegera n’Ubuyuda bwose?”
20 But Amaziah wouldn't listen—this was from our Father, to hand them over for seeking Edom's gods. Ariko Amaziya ntiyamwumvira, kuko Imana yashaka kubatanga mu maboko ya Yehowashi, kuko barondeye imana zo muri Edomu.
21 So Joash king of Israel marched up, and he and Amaziah king of Judah faced off at Beth-shemesh in Judah. Nuko Yowashi umwami w’Abisirayeli aratera. We na Amaziya umwami w’i Buyuda bahanganira i Beti-Shemeshi mu Buyuda.
22 Judah was defeated by Israel, and everyone fled to his own home. Abayuda baneshwa n’Abisirayeli, umusoda wese ahunga ataha i muhira iwe.
23 Joash king of Israel captured Amaziah king of Judah, son of Joash, son of Jehoahaz, at Beth-shemesh, took him to Jerusalem, and broke down its wall from the Ephraim Gate to the Corner Gate—about 600 feet. Yehowashi umwami wa Isirayeli acakira Amaziya umwami w’i Buyuda mwene Yowashi, Yowashi mwene Ahaziya, amufatira ahitwa Beti-Shemeshi. Maze Yehowashi aca amutwara i Yerusalemu, asenyurira hasi uruzitiro rw’i Yerusalemu, uhereye kw’Irembo rya Efurayimu ugashitsa kw’Irembo ryo mu Mfuruka, ahantu hangana n’ingero z’igice c’ukuboko amajana ane.
24 He took all the gold, silver, and articles found in the house of our Father in Obed-edom's care, plus the palace treasures and hostages, and returned to Samaria. Asahura inzahabu n’ifeza n’ibindi bikoresho vyose vyari mu Ngoro y’Uhoraho vyarabwa na Obedi-Edomu, hamwe n’ubutunzi bwose bwari mu ngoro y’umwami. Afata n’abantu abagira inyagano, hanyuma asubira i Samariya.
25 Amaziah son of Joash, king of Judah, lived fifteen years after Joash son of Jehoahaz, king of Israel, died. Amaziya mwene Yowashi umwami w’i Buyuda yamaze imyaka cumi n’itanu inyuma y’urupfu rwa Yehowashi mwene Yehowahazi umwami w’Abisirayeli.
26 The rest of Amaziah's acts, first to last, are they not written in the Book of the Kings of Judah and Israel? Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Amaziya, uhereye ku ntango ukageza ku mpera, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’abami b’i Buyuda na Isirayeli?
27 After Amaziah turned from following our Father, they conspired against him in Jerusalem, and he fled to Lachish. But they sent men after him there and killed him. Kuva igihe Amaziya yatera ibitugu Uhoraho, ntabe akimwumvira, i Yerusalemu haciye haba inama y’abantu bagomba kumwica, na we aca arahunga aja i Lakishi, ariko barungika abantu bamusanga i Lakishi bamutsindayo.
28 They brought him back on horseback and buried him with his ancestors in the City of Judah. Bamugarukana kw’ifarasi, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Yuda.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]