Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Chronicles 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Joash became king at seven, and reigned forty years in Jerusalem. His mother Zibiah was from Beersheba. Yowashi yari afise imyaka indwi igihe yaba umwami, aca aganza imyaka mirongo ine ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Zibiya w’i Berisheba.
2 Joash did what was right in our Father's eyes all the days of Jehoiada the priest. Yowashi akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu myaka yose Yehoyada yamaze ari umuherezi.
3 Jehoiada chose two wives for him, and Joash had sons and daughters. Yehoyada amuhitiramwo abagore babiri, maze avyara abahungu n’abakobwa.
4 Some time later, Joash set his heart on restoring the house of our Father. Haciye igihe Yowashi afata ingingo yo gusanura Ingoro y’Uhoraho.
5 He gathered the priests and Levites, told them, "Go to Judah's cities, collect money from all Israel yearly to repair your Father's house—hurry." But the Levites didn't hurry. Akoranya abaherezi n’Abalewi arababwira ati: “Nimuje mu bisagara vy’i Buyuda mwegeranye amahera ategekanijwe kurihwa uko umwaka utashe mu Bisirayeli bose kugira ngo dusanure Ingoro y’Imana yacu. Mubikore ubu nyene.” Ariko Abalewi ntibaca babikora ubwo nyene.
6 The king summoned Jehoiada the chief priest: "Why haven't you required the Levites to bring the tax from Judah and Jerusalem that Moses, our Father's servant, and the assembly set on Israel for the tent of testimony?" Nuko umwami atumako Yehoyada umuherezi mukuru amubwira ati: “Ni kuki utabwiye Abalewi ngo baje mu bisagara vyose vy’i Buyuda n’i Yerusalemu kwegeranya amatagisi yose yategetswe na Mose umusavyi w’Uhoraho ngo atangwe n’ikoraniro ry’Abisirayeli ku bw’Ihema ry’Ibonaniro?”
7 Athaliah's sons, that wicked woman, broke into our Father's house and even used all the holy things of our Father's house in worship of the Baals. Kuko abahungu ba wa mugore mubi Ataliya batobaguye Ingoro y’Imana bagafata ibintu vyose vyari vyaragizwe inyegu y’Uhoraho bakaja kubikoreshereza Bayali.
8 At the king's order, they made a chest and set it outside our Father's house gate. Nuko umwami ategeka ko bakora isandugu bakayishira hafi y’umuryango w’Ingoro y’Uhoraho.
9 They announced in Judah and Jerusalem: bring our Father the tax Moses, our Father's servant, set on Israel in the wilderness. Hanyuma baca bamenyesha Abayuda n’ab’i Yerusalemu bose ko bazanira Uhoraho itagisi Mose umusavyi w’Imana yari yarategetse Abisirayeli mu bugaragwa.
10 All the officials and all the people rejoiced, bringing and dropping their gifts into the chest until full. Abakuru bose n’abantu bose bazana amashikanwa yabo babikunze, bakayakororera muri iyo sandugu gushika aho yuzura.
11 Whenever the Levites brought the chest to the king's officials and saw it full of money, the royal secretary and chief priest's officer emptied it and returned it to its place. Daily they collected much money. Igihe cose iyo sandugu yaba yuzuye, Abalewi baca bayishira abanyabigega b’umwami. Umunyamabanga w’umwami n’umukozi w’umuherezi mukuru baca baza bagacuranura iyo sandugu bakayisubiza mu kibanza cayo hafi y’umuryango w’Ingoro. Bakora batyo ubudasiba maze begeranya amahera menshi.
12 The king and Jehoiada gave it to workers on our Father's house, who hired masons and carpenters to restore it, and iron and bronze workers to repair our Father's house. Umwami na Yehoyada bafata ayo mahera bayaha abantu bakurikirana ivyo gusanura iyo ngoro. Baciye bashiraho abubatsi b’impome n’abamanika ngo basanure Ingoro y’Uhoraho, hamwe n’abahinga bacura ivyuma n’ibikozwe mu butare bw’umwakaka vyo kuyisanura.
13 Workers labored; repair progressed by their hands. They restored our Father's house to its form and strengthened it. Abo bantu bashinzwe ico gikorwa batangura gukora, kandi ibikorwa vyo kuyisanura bigenda neza kuko babikurikirana. Basubiramwo Ingoro y’Imana bayigira nk’uko yari imeze ubwa mbere barayikomeza.
14 When finished, they brought the rest of the money to the king and Jehoiada, making from it articles for our Father's house: vessels for service and burnt offerings, dishes, gold and silver vessels. They offered burnt offerings in our Father's house continually, all Jehoiada's lifetime. Bahejeje, bazanira umwami na Yehoyada amahera yasigaye, baca bayakoreshamwo ivyo mu Ngoro y’Uhoraho: ivyo bakoresha mu Ngoro no mu bimazi vyo guturirwa n’umuriro, hamwe n’amasahani n’ibindi vy’inzahabu n’ifeza. Mu gihe cose Yehoyada yabayeho, ibimazi vyo guturirwa vyama bishikanirwa Uhoraho ubudasiba.
15 Jehoiada grew old and full of years, then died; at his death he was 130 years old. Ico gihe Yehoyada yari ashaje amaze imyaka myinshi, maze apfa yisaziye neza amaze imyaka ijana na mirongo itatu.
16 They buried him in the City of David among the kings, for doing good in Israel toward our Father and his house. Ahambwa hamwe n’abami mu Gisagara ca Dawidi, ku bw’ivyiza yari yarakoze mu Bisirayeli, akongera akabikorera Imana n’Ingoro yayo.
17 After Jehoiada died, Judah's officials came and bowed to the king, and he listened to them. Yehoyada amaze gupfa, abakuru b’i Buyuda baza kwunamira umwami, na we arabumviriza.
18 They abandoned our Father's house, God of their ancestors, served Asherah poles and idols—so anger came on Judah and Jerusalem for this guilt. Baheba kuja mu Ngoro y’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, ariko basenga inkingi za Ashera n’ibindi bigirwamana. Kubera ico caha cabo, uburake bw’Imana buza ku Bayuda n’ab’i Yerusalemu.
19 Yet our Father sent them prophets to bring them back to himself; they warned them, but they wouldn't listen. Naho Uhoraho yatumye abavugishwa biwe kuri abo bantu ngo babagarukane kuri we, kandi naho babagirije ibibi bakora, ntibabumviye.
20 Then the Spirit of our Father came on Zechariah son of Jehoiada the priest. He stood before the people and said, "This is what our Father says: Why break his commands? You won't succeed—you abandoned him, so he abandons you." Nuko Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Zakariya mwene Yehoyada umuherezi. Ahagarara imbere y’abantu avuga ati: “Ibi ni vyo Imana ivuze, ngo: ‘Ni kuki mwihaye kugarariza amabwirizwa y’Uhoraho? Ntaco muzoshikako. Kubera ko mwahevye Uhoraho, na we arabahevye.’ ”
21 They conspired against him, stoning him in our Father's house courtyard at the king's command. Ariko baja inama yo kumugirira nabi; maze umwami ategeka ko bamuterera amabuye ku mbuga y’Ingoro y’Uhoraho agapfa.
22 King Joash forgot the kindness Zechariah's father Jehoiada had shown him and killed his son. As Zechariah was dying he said, "May our Father see and require it." Umwami Yowashi ntiyibuka urukundo Yehoyada se wa Zakariya yari yaramweretse, ariko yica umuhungu wiwe. Igihe Zakariya yariko aracikana, avuga ati: “Uhoraho aze arabe ivyo mukoze, azobibaharureko.”
23 At the turn of the year Aram's army attacked Joash, invaded Judah and Jerusalem, killed all the people's officials, sent all their plunder to Damascus's king. Umwaka uheze, ingabo z’i Siriya ziza gutera Yowashi; zitera i Buyuda n’i Yerusalemu, bica abakuru baho bose. Barungikira umwami wabo i Damasiko ivyo basahuye vyose.
24 Though Aram's army came with few men, our Father gave a much larger army into their hand, since Judah abandoned our Father, the God of their ancestors. So judgment fell on Joash. Naho ingabo z’Abasiriya zari zaje ari nke, Uhoraho agabura mu maboko yabo ingabo zibasumvya ubwinshi z’Abayuda. Kubera ko Abayuda bari barahevye Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, ni co catumye urubanza Imana yaciriye Yowashi rumushikako.
25 When the Arameans left, leaving him badly wounded, his servants conspired against him for the blood of Jehoiada the priest's son, killing him on his bed. He died and was buried in the City of David, not in the kings' tombs. Abo Basiriya bagiye, basize Yowashi yakomeretse cane. Abakuru bakora i bwami bagira inama yo kumwica kuko yishe mwene Yehoyada umuherezi, baca bamutsinda mu buriri aho yari aryamye. Nuko arapfa, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi, ariko ntibamuhamba mu mva z’abami.
26 Conspirators against him: Zabad son of Shimeath, Ammonite woman, and Jehozabad son of Shimrith, Moabite woman. Abamugiriye inama bari Zabadi, umuhungu w’umugore yitwa Shimeyati w’Umwamonikazi, hamwe na Yehozabadi, umuhungu w’umugore yitwa Shimurite w’Umunyamowabukazi.
27 His sons, the many prophecies against him, and rebuilding our Father's house are written in the Book of the Kings' commentary; his son Amaziah reigned in his place. Inkuru z’abahungu ba Yowashi, ivyavugishijwe vyinshi kuri we, n’ivyerekeye isanurwa ry’Ingoro y’Imana vyose vyanditswe mu gitabu c’abami. Maze Amaziya umuhungu wiwe amusubirira ku ngoma, aba umwami mu gishingo ciwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]