Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Proverbs 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The plans of the heart belong to man, but the answer of the tongue comes from our Father. Umuntu agira imigabo mu mutima, ariko Uhoraho ni we atanga inyishu ibereye.
2 All a man's ways are pure in his own eyes, but our Father weighs the motives. Ingeso z’umuntu wese zimubera nk’izitunganye, ariko Uhoraho ni we asuzuma umutima wiwe.
3 Commit your works to our Father, and your plans will be established. Uze wegurire Uhoraho ivyo ukora vyose, ni ho ivyawe bizogenda neza.
4 Our Father has made everything for its purpose, even the wicked for the day of trouble. Uhoraho yashizeho ikintu cose afise intumbero. N’umunyakibi yamushiriyeho umusi wo kurandurwa.
5 Everyone proud of heart is detestable to our Father; be assured, he will not go unpunished. Uhoraho yanka abishira hejuru; ni ukuri ntibazobura guhanwa.
6 Loving devotion and faithfulness atone for sin, and the fear of our Father turns a person away from evil. Ahari urukundo n’ubwizigirwa, icaha kiraharirwa. Ariko iyo hari ukwubaha Uhoraho, abantu birinda ikibi.
7 When a man's ways please our Father, our Father makes even the man's enemies live at peace with him. Iyo Uhoraho anezererewe inzira z’umuntu, amuha no kubana neza n’abansi biwe.
8 Better a little with righteousness than great income with injustice. Kugira bike biciye mu bugororotsi biruta kugira ubutunzi buciye mu karenganyo.
9 The heart of man plans his way, but our Father establishes his steps. Umuntu aragira imigabo mu mutima wiwe, ariko Uhoraho ni we ashiraho intambuko ziwe.
10 A divine verdict is on the lips of a king; his mouth does not betray justice. Akanwa k’umwami kavugana ububasha; ni co gituma adakwiye kugira uwo arenganya.
11 Honest scales and balances belong to our Father; every weight and measure is his work. Iminzane itaziritse iva k’Uhoraho; amabuye y’umunzane yose ni we ayakora.
12 It is detestable for kings to do wickedness, for a throne is established through righteousness. Umwami yanka uwukora ibibi, kuko inganji yiwe yubakirwa ku kugororoka.
13 Righteous lips are the delight of kings, and they love the one who speaks what is right. Abami banezerererwa iminwa ivuga ukuri; baha agaciro umuntu atabesha.
14 A king's wrath is a messenger of death, but a wise man will appease it. Uburake bw’umwami ni intumwa y’urupfu, ariko umunyabwenge arabuhwamika.
15 In the light of a king's face is life, and his favor is like a cloud bringing the spring rain. Mu maso h’umwami hakeye, hazana ubuzima; ubuntu bwiwe bumera nk’igicu co ku mutasuro.
16 How much better to get wisdom than gold! Getting understanding is worth more than silver. Guhitamwo ubwenge biruta guhitamwo inzahabu, kandi guhitamwo ugutahura kuruta ifeza.
17 The highway of the upright turns away from evil; whoever guards his way protects his life. Inzira z’umugororotsi zizira ikibi, kandi uwurinda inzira ziwe arinda ubuzima bwiwe.
18 Pride goes before destruction, and a haughty spirit before a fall. Ubwibone buherekezwa n’ukurandurwa, ukwishira hejuru na kwo kuza imbere yo kugwa.
19 Better to be lowly in spirit among the poor than to share the plunder with the proud. Guca bugufi ukabana n’abakene biruta gusangira iminyago n’abishira hejuru.
20 Whoever heeds the word will find good, and blessed is the one who trusts in our Father. Uwumvira impanuro aratunganirwa, kandi hahiriwe uwushira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho.
21 The wise of heart is called discerning, and pleasant speech increases persuasiveness. Uwufise umutima w’ugutahura yitwa umunyabwenge, kandi amajambo yongereza ukwigishwa.
22 Understanding is a fountain of life to the one who has it, but fools are corrected by their own foolishness. Ugutahura ni isoko y’ubuzima ku bagufise, ariko ubujuju buzanira igihano ibipfu.
23 The heart of the wise makes his speech wise and adds persuasiveness to his lips. Umutima w’umunyabwenge ni wo umuzigamira akanwa, kandi iminwa yiwe yongereza ukwigisha.
24 Pleasant words are a honeycomb, sweet to the soul and healing to the bones. Amajambo meza ameze nk’ikimamara c’ubuki, aryohera umutima, akavura amagufa.
25 There is a way that seems right to a man, but its end is the way of death. Hari inzira umuntu yibwira ko ari nziza, ariko impera yayo ikamushikana mu rupfu.
26 A worker's appetite works for him; his hunger drives him on. Ni vyiza ko uwukora agira akayabagu; kuko inzara ni yo imutuma gukora.
27 A worthless man digs up evil, and on his lips is a scorching fire. Imburakimazi yigira inama yo gukora ikibi, kandi amajambo yiwe ameze nk’umuriro utongora.
28 A perverse man spreads strife, and a gossip separates close friends. Umuntu yapfapfanye atera imivurungano, kandi umunyarusaku atandukanya abagenzi pfampfe.
29 A violent man entices his neighbor and leads him down a harmful path. Abanyamiryano bazimiza ababanyi babo, bakabacisha mu nzira mbi.
30 Whoever winks his eyes plots perversity; whoever purses his lips is bent on evil. Uwuvuna akagohe aba ategura icago; kandi uwukurikira akanwa kiwe agwa mu kibi.
31 Gray hair is a crown of glory; it is gained in the way of righteousness. Imvi ni urugori rw’ubwiza; kironkwa n’abagendera mu bugororotsi.
32 Better a patient person than a mighty one, and one who rules his spirit than one who takes a city. Uwitonda aruta intwari ku rugamba, kandi uwuganza ishavu ryiwe aruta uwigarurira igisagara.
33 The lot is cast into the lap, but its every decision is from our Father. Abantu bakora ubupfindo ngo bamenye ivya kazoza ariko Uhoraho, ni we agena ikivamwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]