Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the first month the whole community of Israel entered the Wilderness of Zin; the people stayed at Kadesh. Miriam died there and was buried there. Mu kwezi kwa mbere Abisirayeli bose bashika mu bugaragwa bw’i Zini, baca baguma i Kadeshi. Aho ni ho Miriyamu yapfiriye aca ahambwaho.
2 Now there was no water for the community, so they gathered together against Moses and Aaron. Nuko habura amazi, abantu bahagurukira kugwanya Mose na Aroni.
3 The people argued with Moses: "If only we'd died when our brothers died in our Father's presence! Batatira Mose bavuga bati: “Iyo dupfuma dupfira rimwe na benewacu hamwe bagwa imbere y’Uhoraho!
4 Why bring our Father's assembly into this wilderness to die here, us and our livestock? Ni kuki mwazanye abantu b’Uhoraho muri ubu bugaragwa, kugira ngo twebwe n’ibitungwa vyacu dupfire hano?
5 Why did you bring us up from Egypt to this evil place? No grain, figs, vines, or pomegranates—no water to drink." Ni kuki mwatuduganye mudukuye muri Egiputa mukatuzana aha hantu habi? Nta ngano, nta misukoni, nta mizabibu canke amakomamanga; kandi nta n’amazi yo kunywa ariho!”
6 Moses and Aaron went from before the assembly to the entrance of the tent of meeting, fell facedown, and the glory of our Father appeared to them. Mose na Aroni bava imbere y’ikoraniro baja ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro bubama hasi, maze ubwiza bw’Uhoraho burababonekera.
7 Our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
8 "Take the staff, gather the community—you and Aaron your brother—and speak to the rock before their eyes; it will give its water. Bring water from the rock for them, and give the community and their livestock drink." “Akira ya nkoni yawe, ugende mwe na Aroni mukurwawe ukoranye Abisirayeli bose. Uze ubwire ico gitandara imbere yabo na co kizosuka amazi yaco. Uzokura amazi muri ico gitandara kugira ngo iryo koraniro ryose n’ibitungwa vyabo baze banywe.”
9 So Moses took the staff from before our Father, as he had commanded him. Nuko Mose afata ya nkoni ayikura imbere y’Uhoraho, nk’uko yari yamutegetse.
10 Moses and Aaron gathered the assembly in front of the rock. He said, "Listen, you rebels—must we bring water for you out of this rock?" We na Aroni bakoranya Abisirayeli bose imbere ya ca gitandara hanyuma Mose ababarira ati: “Umvirize yemwe mwa bagarariji mwe! Mbega twoshobora gukura amazi muri iki gitandara ngo munywe?”
11 Moses raised his hand and struck the rock twice with his staff; water gushed out abundantly, and the community and their livestock drank. Nuko Mose akiriza ukuboko kwiwe akubita ca gitandara kabiri na ya nkoni yiwe. Amazi aca aradudubiza, abantu baranywa n’ibitungwa vyabo.
12 But our Father told Moses and Aaron, "Because you did not trust me enough to honor me as holy before the Israelites, you will not bring this assembly into the land I have given them." Ariko Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: “Kubera yuko mutanyizigiye bikwiye ngo mumpeshe icubahiro nk’Uwera imbere y’Abisirayeli, ntimuzoshikana ubu bwoko mu gihugu ngiye kubaha.”
13 These are the waters of Meribah, where the children of Israel quarreled with our Father, and he showed himself holy among them. Ayo ni yo mazi y’i Meriba, amazi y’imitongano, aho Abisirayeli batonganije Uhoraho na we akerekana ukwera kwiwe muri bo.
14 Moses sent messengers from Kadesh to Edom's king: "Your brother Israel says: You know all the hardship that has found us. Mose arungika intumwa zivuye i Kadeshi ku mwami wa Edomu abatuma ati: “Ibi ni vyo abavukanyi banyu b’Abisirayeli babasavye: Murazi ibihe bigoye twaciyemwo.
15 Our ancestors went down to Egypt; we lived in Egypt many years, and the Egyptians mistreated us and our ancestors. Ba sogokuruza bacu bagiye muri Egiputa, hanyuma tubayo imyaka myinshi cane. Abanyegiputa badukorera ikibi cane twebwe na ba sogokuru bacu,
16 So we cried out to our Father; he heard our voice, sent a messenger, and brought us out of Egypt. Now we're at Kadesh, a town on your border's edge. ariko tumaze gutakambira Uhoraho, aratwumva aca atuma umumarayika adukura muri Egiputa. Ubu rero turi ngaha i Kadeshi, igisagara kiri ku rubibe rw’igihugu canyu.
17 Please let us pass through your land. We won't cross field or vineyard, or drink well water. We'll stay on the King's Highway, not turning right or left, until we've passed through your territory." Nimutureke duce mu gihugu canyu. Ntituzoca mu murima n’umwe canke mu mizabibu, canke ngo tunywe amazi yo mw’iriba na rimwe. Tuzoca mw’Ibarabara ry’Umwami tudahindukira i buryo canke i bubamfu kugeza turenganye igihugu canyu.”
18 Edom said to him, "You will not pass through me, or I'll come out against you with the sword." Ariko Abanyedomu babishura bati: “Ntimuze muce hano; nimwanabigerageza, tuzosohoka tubatere tubagwanishe inkota.”
19 Israel's people told him, "We'll take the highway. If we or our herds drink your water, we'll pay for it. Just let us cross on foot, nothing more." Abisirayeli babishura bati: “Tuzokwijanira ibarabara rikuru, kandi yaba twebwe canke ibitungwa vyacu bizonywa ku mazi yanyu, tuzoyariha. Ico tugomba ni ukurengana nta kindi.”
20 But he said, "You will not pass through." Edom came against him with great numbers and a strong hand. Barasubira babishura bati: “Ntimuze muce hano.” Nuko Abanyedomu baraza kubatangira ngo babagwanye bafise ingabo nyinshi kandi zikomeye.
21 So Edom refused to let Israel pass through his territory, and Israel turned away from him. Abanyedomu bamaze kubima inzira ngo bace mu gihugu cabo, Abisirayeli barahindukira bicira ahandi.
22 The whole community of the children of Israel set out from Kadesh and came to Mount Hor. Nuko Abisirayeli bose bava i Kadeshi baja ku musozi Hori.
23 At Mount Hor, on Edom's border, our Father said to Moses and Aaron, Kuri uwo musozi Hori, hafi y’urugabano rwa Edomu, Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:
24 "Aaron will be gathered to his people; he will not enter the land I gave the Israelites, because you both rebelled against my command at the waters of Meribah. “Aroni agiye gupfa ahamvye ab’iwabo. Ntazokwinjira mu gihugu ngiye guha Abisirayeli, kuko mwempi mwagararije itegeko ryanje ku mazi y’i Meriba.
25 Take Aaron and Eleazar his son, and bring them up Mount Hor. Twara Aroni n’umuhungu wiwe Eliyazeri ku musozi Hori.
26 Strip Aaron of his garments, dress Eleazar his son in them; Aaron will be gathered to his people and die there." Wambure Aroni impuzu ziwe uzambike umuhungu wiwe Eliyazeri, kuko Aroni agiye guhamvya ab’iwabo, azopfira aho nyene.”
27 Moses did as our Father commanded, and they went up Mount Hor as the whole community watched. Mose akora nk’uko Uhoraho yamutegetse: Baduga wa musozi Hori ishengero ryose ribaraba.
28 Moses stripped Aaron's garments and dressed his son Eleazar in them. Aaron died there atop the mountain; Moses and Eleazar went down. Mose yambura Aroni za mpuzu ziwe azambika umuhungu wiwe Eliyazeri. Maze Aroni apfira aho nyene ku gatwe k’uwo musozi. Mose na Eliyazeri bamanuka wa musozi,
29 The whole community saw Aaron had died, and Israel's whole house mourned him thirty days. abantu bose bamaze kumenya ko Aroni yapfuye, Abisirayeli bose baramugandarira imisi mirongo itatu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]