Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father said to Aaron, "You, your sons, and your father's house will bear the guilt of the sanctuary; you and your sons will bear the guilt of your priesthood. Uhoraho abarira Aroni ati: “Wewe n’abahungu bawe n’abo mu nzu ya so ni mwebwe muzobazwa ibicumuro vyose bizokorerwa mw’ihema ry’ibonaniro, kandi wewe n’abahungu bawe ni mwebwe mwenyene muzobazwa ibicumuro vyose bizokorwa ku bijanye n’ubuherezi.
2 Bring your brothers too—the tribe of Levi, your father's tribe—to join and serve you, you and your sons, before the tent of the testimony. Uze uzane Abalewi bagenzawe bagufashe mu gihe wewe n’abahungu bawe muriko murakora igikorwa canyu imbere y’ihema ry’ibishinga intahe.
3 They must keep your duties and all the tent's duties, but not approach the sanctuary's sacred objects or the altar, or both they and you will die. Baze bagukorere bakore ibikorwa vy’ihema, ariko ntibaze begere ibikoresho vyera canke igicaniro, kugira ngo ntihagire uwupfa, yaba wewe canke bo.
4 They will join you and keep the charge of the tent of meeting, all its service—no outsider may come near you. Bazoba abo kugufasha mu gutunganya ivy’Ihema ry’Ibonaniro, ibikorwa vyose bijanye na ryo; kandi nta wundi yemerewe kwegera aho uri.
5 Guard the sanctuary and altar, so wrath never again falls on Israel's people. Mwebwe muzobazwa ivyo gutunganya ivy’ahera n’igicaniro, kugira ngo ishavu ryanje ntiryongere kuziriringa ku Bisirayeli.
6 I have taken your fellow Levites from Israel's sons—a gift to you, given to me, to serve at the tent of meeting. Ni jewe ubwanje narobanuye bagenzi banyu b’Abalewi ndabakuye mu bandi Bisirayeli nk’ingabire ndabahaye, yeguriwe Uhoraho kugira ngo bakore ibikorwa vyo mw’ihema ry’ibonaniro.
7 You and your sons must guard your priesthood in all matters of the altar and behind the inner curtain; serve there. I give your priesthood as a gift; any outsider who approaches must be put to death." Ariko wewe wenyene n’abahungu bawe ni mwebwe muzokora igikorwa c’ubuherezi hamwe n’ibintu vyose bijanye n’igicaniro no hirya ya ca gihuzu gikingiriye ahera. Nabahaye igikorwa c’ubuherezi nk’ingabire. Uwundi muntu wese azokwegera ahera aze yicwe.”
8 Our Father said to Aaron, "I have given you charge of my contributions, all the holy gifts of Israel's people. I have given them to you as a portion, and to your sons as a permanent share. Nuko Uhoraho abarira Aroni ati: “Ni jewe ubwanje nakujeje ibimazi vyose banshikanira; ibimazi vyose vyera Abisirayeli banshikanira ndabiguhaye wewe n’abahungu bawe nk’umugabane wawe w’ibihe vyose.
9 This is yours from the most holy things kept from the fire: all their offerings—every grain offering, every sin offering, and every guilt offering they bring me—are most holy, for you and your sons. Muze mwakire umugabane ku bimazi birusha ibindi kwera vyasigaye ku vyo baturiye. Ku mashikanwa banzanira nk’ibimazi bisumba ibindi kwera, ari ivyo ifu canke ibimazi vy’ivyaha canke vyo kwisaba, uwo mugabane uzoba ari uwawe n’abahungu bawe.
10 Eat it in the most holy place; every male may eat it—it is holy to you. Muze mubirye muzi ko ari ivyera birusha ibindi; abagabo n’abahungu bonyene ni bo bemerewe kubiryako. Muze mubifate nk’ivyera nyene.
11 This too is yours: the contribution from their gifts, all Israel's wave offerings. I've given them to you, your sons, your daughters with you—a permanent law. Anyone clean in your house may eat it. N’ibi na vyo ni ivyanyu: ibizova ku mashikanwa yo kuzungagiza atangwa n’Abisirayeli, ndabiguhaye wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe nk’umugabane wanyu ibihe vyose. Umuntu wese aba mu nzu yanyu adahumanye yemerewe kubiryako.
12 The best of the oil, new wine, and grain—the firstfruits they give me—I give you. Ndabahaye n’amavuta ya Elayo yose n’umuvinyu mushasha wose n’ingano banshikanira nk’ivyeze imbere y’ibindi mu vyimburwa vyabo.
13 The first produce of their land, brought to me, is yours. Anyone clean in your house may eat it. Ivyeze imbere y’ibindi mu gihugu banshikanira jewe Uhoraho bizoba ari ivyanyu. Umuntu wese adahumanye aba mu nzu iwawe yemerewe kubiryako.
14 Every devoted thing in Israel is to be yours. Ivyo Abisirayeli bagereye Uhoraho vyose ni ivyanyu.
15 Every firstborn of human or animal offered to me is yours—but redeem the firstborn of humans, and redeem the firstborn of unclean animals. Icavutse ubwambere cose, ari umuntu canke igitungano, bihawe Uhoraho vyose ni ivyanyu. Ariko muze mucungure imfura zanyu z’abahungu n’ivy’uburiza vy’ibikoko bizira.
16 Redeem them at one month old for about two ounces of silver, by the sanctuary standard. Mu gihe bimaze ukwezi, muze mubicungure murihe ikiguzi co kubicungura kingana na shekeli zitanu z’ifeza, zipimwe hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera, ipima gera mirongo ibiri.
17 But the firstborn cow, sheep, or goat you must not buy back—they are holy. Splash their blood on the altar, burn their fat as a food offering, a pleasing aroma to me. Ariko ntimuze mucungure iriza ry’ishuri, intama canke impene; bizoba ari ivyera. Muze mumijagire amaraso yavyo ku gicaniro muturire n’ibinure vyavyo nk’ikimazi co guturirwa, ubumote bwiza bunezera Uhoraho.
18 But their flesh is yours, as the wave-offering breast and right thigh are yours. Inyama zavyo zizoba ari izanyu, hamwe n’igikiriza c’ishikanwa ryo kuzugunzwa n’itako ry’i buryo.
19 All the holy offerings Israel brings me I give you, your sons and daughters with you, as a lasting share. It is a salt covenant forever before me, for you and your offspring with you." Ndabahaye ivyo Abisirayeli bazanye nk’amashikanwa yera; bizoba ari umugabane wanyu ibihe vyose wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe, nk’uko isezerano ry’intahava nasezeranye nawe n’uruvyaro rwawe riri.”
20 Our Father said to Aaron, "You will have no inheritance in their land, no portion among them. I am your portion and inheritance among Israel's sons." Uhoraho abarira Aroni ati: “Nta shamvu canke umugabane uzoronka mu gihugu nzoha Abisirayeli ngo kibe icabo; ni jewe mugabane n’ubutunzi bwanyu hagati mu bandi Bisirayeli.
21 "I have given the Levites all the tenth in Israel as inheritance in exchange for the service they perform, the service of the tent of meeting. Mpaye Abalewi bose ibigiracumi vyose bivuye mu Bisirayeli nk’umugabane wabo kubera igikorwa bakora kw’ihema ry’ibonaniro.
22 The Israelites must no longer approach the tent of meeting, or they will bear guilt and die. Kuva ubu Abisirayeli ntibaze begere ihema ry’ibonaniro, kuko hoba inkurikizi mbi ku caha cabo bagapfa.
23 But the Levites will serve at the tent of meeting and bear their own guilt. This is a permanent law for your generations: they get no inheritance among Israel's people. Abalewi ni bo bazokora igikorwa co kw’ihema ry’ibonaniro kandi babazwe amakosa yose yokorwa kuri ryo. Iri rize ribe itegeko ryamaho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi. Nta mugabane bazoronka mu bandi Bisirayeli.
24 For the tenth Israel's people present to me as a contribution, I have given the Levites as their inheritance. So I have told them: they will have no inheritance among Israel's people." Ariko, mpaye Abalewi nk’umugabane wabo ibigiracumi Abisirayeli bashikanira Uhoraho. Ni co gituma nabavuzeko nti: ‘Ntibazoronka umugabane mu Bisirayeli.’ ”
25 Our Father spoke to Moses, saying, Uhoraho abarira Mose ati:
26 "Speak to the Levites and tell them: When you take the tenth I have given you from Israel's people as your inheritance, bring a contribution from it to me—a tenth of the tenth. “Vugana n’Abalewi ubabwire uti: ‘Nimwakira ivyo bigiracumi ndabahaye nk’umugabane wanyu, muze mutange ikigiracumi c’ivyo mwakiriye nk’ishikanwa mushikaniye Uhoraho.
27 Your contribution will count for you as grain from the threshing floor, as full produce from the winepress. Iryo shikanwa ryanyu rizoba ari nk’ishikanwa ry’ingano canke ry’ibinyobwa abandi batanga babikuye mu vyimburwa vyabo no mu mato yabo baganiramwo inzabibu.
28 You too must present a contribution to me from all your tenth taken from Israel's people, giving from it my contribution to Aaron the priest. Uko ni ko namwe muzotanga ishikanwa k’Uhoraho rivuye mu bigiracumi muronka bivuye mu Bisirayeli. Kuri ivyo bigiracumi muze mutange umugabane w’Uhoraho uhabwa Aroni umuherezi.
29 From all your gifts, present every offering to me—from each, the best and holiest part. Muze mutange nk’umugabane w’Uhoraho umugabane urusha iyindi kwera ku bintu vyose muhawe.’
30 "So tell them: when you offer its best part, it counts for the Levites as produce of the threshing floor and winepress. Bwira Abalewi uti: ‘Nimwashikana uwo mugabane uruta iyindi, uzoba ari nk’icavuye mu vyo mwimbuye ku mbuga no mu bwato muganiramwo.
31 Eat it anywhere, you and your households—it is your wage for your service in the tent of meeting. Mwebwe n’abo mu mazu iwanyu muze murire ibisigaye aho ari ho hose kuko ari impembo yanyu kubera igikorwa canyu mukora mw’ihema ry’ibonaniro.
32 You incur no guilt from it once you have offered its best part. But you must not desecrate the holy things of Israel's sons, or you will die." Nimwashikana wa mugabane uruta iyindi ntimuzoba mucumuye kuri ico; aho rero ntimuzohumanya amashikanwa yera y’Abisirayeli, ngo bibazanire gupfa.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]