Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The people complained about their hardship where our Father could hear; he heard, his anger burned, and the fire of our Father blazed among them, consuming the camp's edge. Muri iyo misi, Abisirayeli bidodombera Uhoraho kubera ingorane barimwo. Uhoraho avyumvise araraka. Maze umuriro uvuye k’Uhoraho urarurumba uturira abari ku mpera y’aho bari bacumbitse.
2 The people cried out to Moses, Moses prayed to our Father, and the fire died down. Abantu batakambiye Mose, aca arasenga Uhoraho uwo muriro urazima.
3 So that place was named Taberah, because the fire of our Father had blazed among them. Aho hantu haca hitwa Tabera bisigura “Guturira”, kuko umuriro uvuye k’Uhoraho watse hagati muri bo.
4 The mixed crowd among them craved intensely; Israel's people also wept again, saying, "If only we had meat to eat! Hanyuma, ikivange c’abanyamahanga bakurikiye Abisirayeli batangura kwipfuza inyama. N’Abisirayeli na bo nyene batangura kwidodomba bavuga bati: “Icoduha inyama zo kurya!
5 We remember the fish we ate in Egypt free, the cucumbers, melons, leeks, onions, and garlic. Twibutse amafi ya gusa twarya muri Egiputa n’amakonkomburi, imyungu, amapwaro, ibitunguru na tungurusumu.
6 But now our appetite is gone; there is nothing at all to see but this manna." Ariko ubu n’akayabagu kaheze; nta kindi turonka atari iyi manu gusa!”
7 Now the manna was like coriander seed, and it looked like pale resin. Manu yari imeze nk’utubuto tw’igiti citwa koriyanderi, igasa n’ubukame bw’igiti.
8 The people went about gathering it, ground it in mills or crushed it in mortars, boiled it in pots, and shaped it into cakes. It tasted like pastry made with oil. Abantu barasohoka bakayegeranya, hanyuma bakayisya ku rusyo canke bakayisekura mw’isekuro. Bayiteka mu nkono canke bakayicumbamwo udukate. Mu kanwa yari imeze nk’ivyakaranzwe n’amavuta ya elayo.
9 When the dew fell on the camp at night, the manna fell with it. Urume rutonze aho bacumbitse mw’ijoro, manu na yo nyene yazanana na rwo.
10 Moses heard the people weeping by their clans, each at his tent entrance. The anger of our Father burned greatly, and it seemed wrong to Moses. Mose yumva abantu bo mu miryango yose bariko baridodomba, umwe wese imbere y’ihema ryiwe. Uhoraho arashavura cane, na Mose arababara.
11 Moses said to our Father, "Why have you mistreated your servant? Why haven't I found favor with you, that you put this whole people's burden on me? Abaza Uhoraho ati: “Mbega ni kuki wanteje uwu mubabaro jewe umusavyi wawe? Mbega nakoze iki cakubabaje catumye undemeka umuzigo ungana utya w’aba bantu?
12 Did I conceive all these people? Did I give birth to them, that you'd tell me, 'Carry them in your arms, as a caregiver carries a nursing baby,' to the land you swore to give their ancestors? Mbega ni jewe nabatwaye inda? Canke ni jewe nabavyaye? None ni igiki gituma ubantererana ngo ndabaterure mu maboko yanje, nk’uko umurezi aterura uruyoya, ngo ndabajane mu gihugu warahiye ba sekuruza ko uzokibaha?
13 Where can I get meat for all these people? They keep weeping to me, saying, 'Give us meat to eat!' Mbega nokura hehe inyama zikwiye aba bantu? Ko baguma banyidodombera bati: ‘Duhe inyama turye!’
14 I cannot carry all these people by myself; it is too heavy for me. Jewe sinshobora kwiremeka aba bantu bose jenyene; uyu mutwaro uraremereye cane.
15 If this is how you treat me, please kill me now—if I have found favor in your eyes—and don't let me see my own misery." Nimba uku ari ko bizohora, nunyicire ngaha ubu nyene, ungirire ubuntu mu nyonga zawe, kugira ngo undinde aya magorwa.”
16 Then our Father told Moses, "Gather for me seventy men from Israel's elders, whom you know as elders and officers of the people, and bring them to the meeting tent, and let them stand there with you. Uhoraho abarira Mose ati: “Ntorera abakuru mirongo indwi mu Bisirayeli basanzwe bubahwa. Ubazane kw’Ihema ry’Ibonaniro, kugira ngo bahagararane nawe.
17 I will come down, speak with you there, take some of the Spirit on you, and put it on them. They will carry the people's burden with you, so you won't carry it alone. Nanje ndaza mvuganire nawe aho hantu, mpeze mfate ku Mpwemu iri kuri wewe nce ndayishira kuri bo. Bazogufasha kwikorera uwo mutwaro w’ubu bwoko kugira ngo ntubatware wenyene.
18 Tell the people: Dedicate yourselves for tomorrow—you will eat meat. You wept in our Father's hearing, saying, 'If only we had meat to eat! We were better off in Egypt.' So our Father will give you meat, and you will eat. Ubwire abantu uti: ‘Mwitegure mwiyeze kubera umusi w’ejo, aho muzorya inyama. Uhoraho yabumvise igihe mwidodomba ngo: “Icoduha inyama zo kurya! Twari tumerewe neza muri Egiputa!” Nuko Uhoraho azobaha inyama, namwe muzozirya.
19 Not for one day, two, five, ten, or twenty days will you eat it, Ntimuzozirya gusa umusi umwe, canke imisi ibiri, canke itanu, canke icumi canke mirongo ibiri,
20 but a whole month, until it comes out your nostrils and disgusts you—because you rejected our Father among you, weeping before him, saying, 'Why did we ever leave Egypt?'" ariko ni ukwezi kwose, gushika aho zibaduhira zikabaca mu mazuru, kuko mwateye ibitugu Uhoraho, ari muri mwebwe, mukidodombera imbere yiwe, muvuga muti: “Mbega ni kuki twavuye muri Egiputa?” ’ ”
21 Moses said, "The people I'm with number 600,000 on foot, yet you say, 'I will give them meat to eat for a whole month'?" Ariko Mose aravuga ati: “Aba bantu bankikuje ntibari musi y’ibihumbi amajana atandatu bigize ikoraniro, none uvuze ngo: ‘Nzobaha inyama zo kurya ukwezi kwose!’
22 Could flocks and herds be slaughtered to satisfy them? Could all the fish of the sea be gathered to satisfy them? Mbega uwobabagira amasho n’imikuku vyo vyokwira? Mbega ifi zose zo mu kiyaga zorobwa zobakwira?”
23 Our Father said to Moses, "Is my hand too short? Now you'll see whether my word comes true for you or not." Uhoraho yishura Mose ati: “Mbega ukuboko kw’Uhoraho ni kugufi? Uzokwibonera ubwawe ko ivyo ndakubwiye bidashika kuri mwebwe.”
24 Moses went out and told the people our Father's words. He gathered seventy men from the people's elders and stationed them around the tent. Nuko Mose arasohoka abarira abantu ivyo Uhoraho yavuze. Atoranya ba bakuru mirongo indwi bahagarara bazungurutse Ihema ry’Ibonaniro.
25 Then our Father came down in the cloud, spoke to him, took some of the Spirit on him, and put it on the seventy elders. When the Spirit rested on them, they prophesied—but not again. Nuko Uhoraho aramanuka ari muri ca gicu avugana na we, aca yakira ku Mpwemu yari kuri we ayishira kuri ba bakuru mirongo indwi. Igihe Mpwemu yabazako, baravugishijwe, ariko ntibasubira kuvugishwa hanyuma.
26 Two men had remained in the camp, one named Eldad, the other Medad, and the Spirit rested on them—they were among those registered but had not gone out to the tent—yet they prophesied in the camp. Ariko hari abagabo babiri, amazina yabo yari Eludadi na Medadi, bari basigaye aho bacumbitse. Bari kuri rwa rutonde rw’abakuru mirongo indwi, ariko ntibasohoka ngo baje kw’ihema. Ariko na bo nyene Mpwemu abazako, kandi bavugishirizwa aho bacumbitse.
27 A young man ran and reported to Moses, "Eldad and Medad are prophesying in the camp." Umusore umwe araza yiruka abarira Mose ati: “Eludadi na Medadi bariko baravugishirizwa aho ducumbitse.”
28 Joshua son of Nun, Moses' assistant from his youth, said: "My lord Moses, hold them back!" Yosuwa mwene Nuni, yari umwunganizi wa Mose kuva mu buto bwiwe, ashira ijwi hejuru aravuga ati: “Nyakwubahwa Mose, babuze!”
29 But Moses replied, "Are you jealous for me? I wish all our Father's people were prophets, that our Father would put his Spirit on them!" Ariko Mose arishura ati: “Ugize ishari ku bwanje? Icompa abantu b’Uhoraho bose bakaba abavugishwa, Uhoraho akabashirako Mpwemu wiwe!”
30 Then Moses returned to the camp, he and the elders of Israel. Nuko Mose na ba bakuru b’Abisirayeli basubira aho bacumbitse.
31 A wind went out from our Father, drove quail from the sea, and dropped them around the camp—about a day's journey on each side, about three feet deep on the ground. Maze umuyaga uvuye k’Uhoraho uraza uzana inkware uzikuye ku kiyaga, urazizana uzigwisha hagati y’aho bacumbitse, zagurukira nko ku ngero z’igice c’ukuboko zibiri uvuye hasi zikwira ahantu hangana n’urugendo rw’umusi umwe.
32 The people were up all that day, all night, and all the next day gathering the quail—the least gathered sixty bushels—then spread it all out for themselves around the camp. Kuri uwo musi, ku murango no mw’ijoro, no ku musi wakurikiye, abantu barasohoka begeranya inkware. Nta n’umwe yegeranije iziri musi y’ingero homeru icumi, baraheza bazisanza ku mpande zose z’aho bacumbitse kugira ngo zume.
33 While the meat was still between their teeth, not yet chewed, our Father's anger burned against the people, and our Father struck them with a very severe plague. Ariko igihe inyama zari zikiri mu menyo yabo batarazimira, ishavu ry’Uhoraho riraziriringa, ashavurira abantu, abateza icago gikomeye.
34 That place was named Kibroth-hattaavah, because there they buried the people who craved. Nuko aho hantu baca bahita Kiburoti Hatava bisigura “imva z’abipfuje inyama” kuko ari ho bahamvye abari bipfuje inyama.
35 From Kibroth-hattaavah the people set out for Hazeroth, and they stayed at Hazeroth. Nuko abantu bava i Kiburoti Hatava bagenda gucumbika i Hazeroti bagumaho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]