Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nehemiah 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When the seventh month came, all the people gathered as one in the square before the Water Gate and asked Ezra the scribe to bring the Book of the Law of Moses, which our Father commanded for Israel. Maze abantu bose bakoranira hamwe nk’umuntu umwe mu kibuga kiri imbere y’Irembo ry’Amazi. Babwira Ezira umwigisha w’Ivyanditswe ngo asohore Igitabu c’Ivyagezwe vya Mose, ivyo Uhoraho yari yarahaye Abisirayeli.
2 On the first day of the seventh month, Ezra the priest brought the Law before the assembly of men, women, and all who could understand what they heard. Maze ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi Ezira umuherezi azana Ivyagezwe imbere y’ikoraniro, ryari rigizwe n’abagabo n’abagore bashobora gutahura.
3 He read it, facing the square before the Water Gate, from dawn until midday, to the men, women, and all who could understand. All the people listened closely to the Book of the Law. Abisoma n’ijwi rirenga uhereye mu gitondo gushika ku murango atumbereye ku kibuga c’imbere y’Irembo ry’Amazi imbere y’abagabo, abagore n’abandi bashobora gutahura kandi abantu bose bumviriza batekereje ivyo mu gitabu c’Ivyagezwe.
4 Ezra the scribe stood on a high wooden platform made for this purpose. Beside him on his right stood Mattithiah, Shema, Anaiah, Uriah, Hilkiah, and Maaseiah; and on his left, Pedaiah, Mishael, Malchijah, Hashum, Hashbaddanah, Zechariah, and Meshullam. Ezira umunyabwenge w’Ivyanditswe ahagarara ahatamuratse hubatswe mu biti ku bwo ico gikorwa. I ruhande yiwe i buryo hari hahagaze Matitiya, Shema, Anaya, Uriya, Hilikiya na Mayaseya; i bubampfu bwiwe hari Pedaya, Mishayeli, Malikiya, Hashumi, Hashibadana, Zakariya na Meshulamu.
5 Ezra opened the book before all the people's eyes, since he stood above all the people; as he opened it, they all stood up. Ezira azingurura ca gitabu. Abantu bose bashobora kumubona kuko yari ahagaza ahataramutse; amaze kukizingurura, abantu bose barahaguruka.
6 Ezra praised our Father, the great God, and all the people raised their hands and answered, "Amen! Amen!" Then they bowed, faces to the ground, worshiping our Father. Ezira ahimbaza Uhoraho Imana ihambaye; maze abantu bose baduza amaboko barishura bati: “Amen! Amen!” Baca barunama basenga Uhoraho bubamye hasi.
7 The Levites—Jeshua, Bani, Sherebiah, Jamin, Akkub, Shabbethai, Hodiah, Maaseiah, Kelita, Azariah, Jozabad, Hanan, and Pelaiah—explained the Law to the people while the people stood in their places. Abalewi ari bo Yesuwa, Bani, Sherebiya, Yamini, Akubu, Shabetayi, Hodiya, Mayaseya, Kelita, Azariya, Yozabadi, Hanani na Pelaya, bigisha abantu ivyo mu Vyagezwe abantu bagihagaze ngaho.
8 They read the book, the Law of our Father, clearly, giving the sense so the people understood the reading. Basoma mu Gitabu c’Ivyagezwe vy’Imana, barabitomora, babiha n’insiguro kugira ngo abantu bashobore gutahura ivyariko birasomwa.
9 Then Nehemiah the governor, Ezra the priest and scribe, and the Levites teaching the people, told them all, "This day is holy to your Father. Do not mourn or weep." For all the people wept on hearing the words of the Law. Nuko Nehemiya umukuru w’intara, Ezira umuherezi n’umwigisha w’ivyagezwe, n’Abalewi bariko barigisha abantu bababwira bose bati: “Uyu musi ni Uwera k’Uhoraho Imana yanyu. Ntimugandare canke ngo murire.” Kuko abantu bose bariko bararira uko bumviriza amajambo yo mu Vyagezwe.
10 Nehemiah told them, "Go eat rich food, drink something sweet, and send portions to those with nothing ready, for this day is holy to our Sovereign Father. Don't grieve; the joy of our Father is your strength." Nehemiya aravuga ati: “Nimugende murye ibiryoshe munywe n’ibinyobwa bisosa, kandi murungikire n’abatateguye na kimwe. Uwu musi ni uwera k’Uhoraho Imana yacu. Ntimubabare, kuko umunezero w’Uhoraho ari wo nkomezi zanyu.”
11 The Levites calmed all the people, saying, "Be still, for this day is holy. Do not grieve." Abalewi bamama abantu bose, bavuga bati: “Nimutekereze, kuko uwu ari umusi wera. Ntimubabare.”
12 All the people went off to eat, drink, share portions, and celebrate with great joy, because they understood the words made known to them. Nuko abantu bose baca bagenda kurya no kunywa, no kurungikiranira ivyokurya no guhimbaza banezerewe cane, kuko bari batahuye amajambo bari bamenyeshejwe.
13 On the second day, heads of families of all the people, with priests and Levites, gathered to Ezra the scribe to study the Law's words. Ku musi wa kabiri w’uko kwezi, abakuru b’imiryango, bari kumwe n’abaherezi n’Abalewi, bakoranira aho umwigisha w’Ivyagezwe Ezira ari, kugira ngo bumvirize neza amajambo yo mu Vyagezwe.
14 They found written in the Law that our Father commanded through Moses: Israelites were to live in shelters during the seventh-month festival. Basanga mu Vyagezwe, ivyo Uhoraho yari yaratanze acishije kuri Mose, handitse ngo Abisirayeli baze babe mu nsago bagire umusi mukuru wo mu kwezi kw’indwi
15 They were to proclaim and spread word of this through all their towns and in Jerusalem: "Go to the hills and bring branches of olive, wild olive, myrtle, palm, and other leafy trees, to make booths, as it is written." kandi ko bari bakwiye kwamamaza iryo jambo bakarikwiragiza mu bisagara vyabo n’i Yerusalemu ngo: “Nimusohoke muduge mu ntara y’imisozi maze muzane amashami mwakuye ku biti vy’imyelayo yo mu mirima hamwe n’ibiti vy’imyelayo yo mw’ishamba, no ku miriteli, ku bigazi no ku biti vyose bizitanye, kugira ngo mwubake insago nk’uko vyanditswe.”
16 The people went out, brought branches, and built shelters—each on his own roof, in courtyards, in the courts of our Father's house, and in the squares at the Water Gate and the Ephraim Gate. Nuko abantu barasohoka bazana amashami biyubakira utuzu dutoduto imbere y’inzu zabo, mu ngo zabo, imbere y’Ingoro y’Imana no ku kibuga kiri i ruhande y’Irembo ry’Amazi n’ikiri i ruhande y’Irembo rya Efurayimu.
17 The whole assembly of returned exiles built shelters, living in them; Israelites had not done so since Joshua son of Nun's days until that day, and their joy was immense. Abantu bose bari baravuye mu kinyago bubaka insago bazibamwo. Kuva mu gihe ca Yesuwa mwene Nuni gushika uwo musi, Abisirayeli ntibari bwahimbaze uwo musi mukuru nk’uko. Maze baranezerwa cane.
18 Each day, from the first day to the last, Ezra read the Book of the Law of our Father. They kept the feast seven days, and on the eighth day held a solemn assembly, as the Law required. Uko umusi utashe, uhereye ku musi wa mbere gushika ku wa nyuma, Ezira yama abasomera ico Gitabu c’Ivyagezwe vy’Imana; bagahimbaza uwo musi mukuru imisi indwi, maze ku musi w’umunani hakaba ikoraniro rinini nk’uko vyari bitegekanijwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]