Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nehemiah 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Sanballat, Tobiah, Geshem the Arab, and our other enemies heard I had rebuilt the wall with no gap left—though I hadn't yet set the doors in the gates. Sanibalati, Tobiya, Geshemu Umwarabu n’abandi bansi bacu bumvise ko nasanuye uruzitiro kandi ko ata hantu na hamwe hagisambutse, naho mu vy’ukuri ico gihe ntari bwatereko inzugi ku marembo,
2 Sanballat and Geshem sent word: "Come, let's meet in one of the villages on Ono's plain"—but they planned to harm me. Sanibalati na Geshemu barungika ubutumwa buvuga ngo: “Nuze, duhurire muri kimwe mu bigwati vyo mu kiyaya c’i Ono.” Ariko bariko barategura kungirira nabi;
3 So I sent messengers back: "I'm doing a great work and can't come down. Why let the work stop while I leave it to come down to you?" nuko ndungika intumwa ndabatumako nti: “Ndiko ndakora igikorwa gihambaye sinshobora kukireka ngo manuke hiyo. Ni iki cotuma mpagarika igikorwa ngo nze tubonane?”
4 Four times they sent me the same message, and each time I gave them the same answer. Barungika ubwo butumwa incuro zine zose, kandi igihe cose nabishura nk’uko nyene.
5 Sanballat sent his servant to me this way a fifth time, with an open letter in his hand. Maze ku ncuro ya gatanu, Sanibalati arungika umukozi wiwe aza anzaniye ubwo butumwa, kandi yari afise mu ntoke ikete ritariko ikidodo
6 It read: Word among the nations—Geshem says it too—is that you and the Jews plan to revolt; that's why you're building the wall, and you're about to become their king, so these reports say. ryari ryanditsemwo ngo: “Biravugwa mu mahanga, kandi Geshemu avuga ko ari ukuri, ko wewe n’Abayuda muriko muraja inama yo kugarariza, ni co gituma muriko murubaka uruzitiro. Vyongeye, nk’uko izo nkuru zivuga, ngo ugomba kuba umwami wabo
7 You've even appointed prophets to proclaim about you in Jerusalem, 'A king is in Judah!' Now this will reach the king. So come, let's talk it over. kandi ngo waramaze no gushiraho abavugishwa kugira ngo bamamaze ivyo bintu i Yerusalemu bavuga bati: ‘Hariho umwami i Buyuda!’ Ubu rero iyi nkuru izohava ishikira umwami; ni na yo mpamvu ukwiye kuza ngo duhure tubivugane.”
8 I replied: Nothing you're saying has happened—you're inventing it from your own mind. Ndamurungikira inyishu nti: “Nta kintu kimeze nk’ico kiriko kirakorwa; iryo ni irementanya ukuye mu mutwe wawe.”
9 They all tried to frighten us, saying, "Their hands will weaken at the work, and it won't be finished." But now, my Father, strengthen my hands. Bariko baragerageza kudutera ubwoba, bibaza bati: “Amaboko yabo azocika intege igikorwa kibananire, maze ntibagiheraheze.” Ariko ndasenga mvuga nti: “Nkomereza amaboko.”
10 I went to the house of Shemaiah son of Delaiah, son of Mehetabel, who was confined. He said, "Let's meet in the house of God, inside the temple, and shut the temple doors—they're coming to kill you, coming by night to kill you." Umusi umwe nja ku nzu ya Shemaya mwene Delaya, Delaya mwene Mehetabeli, yari yiyugaranye iwe. Maze ambwira ati: “Nuze duhurire mu Ngoro y’Imana, imbere mu rusengero, hanyuma twugare inzugi z’urusengero, kuko hariho abantu bagomba kuza kukwica. Bahenga mw’ijoro bace baza kukwica.”
11 But I said, "Should a man like me flee? Should someone like me enter the temple to survive? I won't go in." Ariko ndamwishura nti: “Umugabo nkanje yohunga? Canke umuntu nkanje yoja mu Ngoro ngo akize amagara yiwe? Singenda!”
12 I realized our Father hadn't sent him—he'd spoken this prophecy against me because Tobiah and Sanballat hired him. Nca menya neza ko atari Imana yamutumye, ariko ko yavugishirijwe kungwanya kuko Tobiya na Sanibalati bari bamuhereye.
13 He was hired to scare me into sinning, so they could give me a bad name and disgrace me. Yari yahawe impera ngo antere ubwoba ngo nkore icaha mu gukora ivyo, na bo bace baronka ivyo bishimikiza mu kunsuzugura.
14 Remember, my Father, Tobiah and Sanballat for these deeds, and also Noadiah the woman prophet and the rest of the prophets who tried to frighten me. Wibuke Tobiya na Sanibalati, yewe Mana yanje, ku bw’ivyo bakoze; wibuke na wa muvugishwakazi Nowadiya n’abandi bavugishwa bagerageje kuntera ubwoba.
15 So the wall was completed on the twenty-fifth day of Elul, in fifty-two days. Nuko uruzitiro rurangira kwubakwa ku musi ugira mirongo ibiri na gatanu w’ukwezi kwa Eluli, tumaze imisi mirongo itanu n’ibiri turwubaka.
16 When all our enemies heard, and all the nations around us saw, they were badly shaken in their own eyes, for they knew our Father had done this work. Abansi bacu bose bavyumvise, amahanga yari adukikije agira ubwoba bacika intege, kuko bamenye ko twakoze ico gikorwa dufashijwe n’Imana yacu.
17 Also in those days, Judah's nobles sent many letters to Tobiah, and Tobiah's letters kept coming back to them. Kandi, muri iyo misi abanyacubahiro b’i Buyuda barungikira Tobiya amakete menshi, na Tobiya akabishura.
18 Many in Judah were bound to him by oath, for he was Shecaniah son of Arah's son-in-law, and his son Jehohanan had married Meshullam son of Berekiah's daughter. Kuko benshi mu bantu b’i Buyuda bari bafitaniye amasezerano na we kuko yari umukwe wa Shekaniya mwene Ara, umuhungu wiwe na we Yehohanani akaba yari yararongoye umukobwa wa Meshulamu mwene Berekiya.
19 They also kept telling me his good deeds, and reported my words to him. Tobiah sent letters to frighten me. Mbere baza barandatira ibikorwa vyiwe vyiza, bagaca baja kumubwira ivyo navuze vyose. Maze Tobiya agaca arungika amakete yo kuntera ubwoba.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]