Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nehemiah 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Sanballat heard that we were rebuilding the wall, he was furious and seething with rage, and he ridiculed the Jews. Sanibalati yumvise ko turiko turubaka uruzitiro, arashavura cane, uburake buramusaza. Aca acokora Abayuda,
2 He said in front of his brothers and the army of Samaria, "What are these feeble Jews doing? Will they restore the wall for themselves? Will they offer sacrifices? Will they finish in a single day? Can they bring stones back to life out of the heaps of rubble, charred as they are?" maze ari imbere y’abari bamushigikiye hamwe n’ingabo z’i Samariya, avuga ati: “Abo Bayuda b’abanyantegenke bariko barakora ibiki? Bazoshobora gusanura uruzitiro rwabo? Bazotanga ibimazi? Bibaza ko boruheza ku musi umwe? Boshobora kugarukana arya mabuye bayakuye mu misaka yahiye, n’ukuntu yahiye?”
3 Tobiah the Ammonite was beside him, and he said, "That stone wall they are building—even if a fox climbed up on it, he would break it down!" Tobiya Umwamoni yari i ruhande yiwe na we avuga ati: “Ivyo bariko barubakisha amabuye, n’imbwebwe yovyurirako, vyosenyukira hasi vyose!”
4 Hear us, our Father, for we are despised. Turn their taunts back on their own heads, and hand them over as plunder to a land of exile. Maze nca ndasenga nti: “Dutege amatwi, yewe Mana yacu, kubw’aka gakengerwe. Uhindukize ivyo bitutsi vyabo bibe ari bo bisubira ku mitwe. Ivyabo binyagwe bari mu kinyago.
5 Do not overlook their guilt, and do not let their sin be wiped from your sight, for they have hurled insults in the face of the builders. Ntutwikire ibigabitanyo vyabo canke ngo ukure imbere yawe ivyaha vyabo, kuko batutse abubatsi bari ku gikorwa.”
6 So we rebuilt the wall until all of it was joined together to half its height, for the people worked with all their heart. Nuko turubaka uruzitiro gushika rugeze hagati, kuko abantu bakora n’umutima wabo wose.
7 But when Sanballat, Tobiah, the Arabs, the Ammonites, and the Ashdodites heard that the repairs to Jerusalem's walls were making progress and the gaps were beginning to close, they were filled with rage. Ariko Sanibalati, Tobiya n’Abarabu, Abamoni n’abantu b’i Ashidodi bumvise ko ugusanura uruzitiro rw’i Yerusalemu kubandanya kandi ko ibihengeri bimaze kuzibirwa, barashavura cane.
8 They all plotted together to come and fight against Jerusalem and to throw it into confusion. Baca baja inama ngo baze kugwanya ab’i Yerusalemu kugira ngo batuburagize.
9 But we prayed to our Father and posted a guard against them day and night. Ariko dusenga Imana yacu dushiraho n’abarinzi ku murango no mw’ijoro ngo twikingire.
10 Meanwhile the people of Judah said, "The workers are losing their strength, and there is so much rubble that we cannot rebuild the wall." Muri ico gihe, abantu b’i Buyuda bari bavuze bati: “Abubatsi bagenda bacika intege, kandi isakamburira ni ryinshi cane ku buryo tudashobora gusanura uruzitiro.”
11 And our enemies said, "Before they know it or see us, we will be right among them; we will kill them and put an end to the work." Maze abansi bacu baravuga bati: “Tuzogenda tububire batabizi, tubice, igikorwa gihagarare.”
12 Then the Jews who lived near them came and told us ten times over, "Wherever you turn, they will come against us." Ariko Abayuda babana na bo baca baza kutuburira, batubwiye incuro icumi zose bati: “Aho mutumbera hose, mumenye ko bazoza kudutera.”
13 So I stationed people behind the lowest sections of the wall, in the exposed places, positioning them by families with their swords, spears, and bows. Nuko nca nshira abantu ahantu hose h’urutiziro hameze nk’ahacokeye, baja ahantu habona, ndabatora nisunze imiryango yabo, bitwaje inkota zabo, amacumu n’imiheto.
14 After I looked things over, I stood up and said to the nobles, the officials, and the rest of the people, "Do not be afraid of them. Remember the Sovereign Father, great and awesome, and fight for your brothers, your sons and daughters, your wives and your homes." Mu nyuma ndaraba, ndahaguruka mbwira abakuru, abatware n’abandi bantu nti: “Ntimubatinye. Mwibuke ko Imana ikomeye kandi ihambaye, maze mugwanire benewanyu, abahungu n’abakobwa banyu, abagore banyu n’amazu yanyu.”
15 When our enemies heard that we knew of their plot and that our Father had frustrated it, we all returned to the wall, each to his own work. Abansi bacu bumvise ko twamenye inama zabo kandi ko Imana yazisambuye, duca dusubira ku ruzitiro, umwe wese ku gikorwa ciwe.
16 From that day on, half of my men did the work while the other half were equipped with spears, shields, bows, and armor. The officers stationed themselves behind all the people of Judah, Kuva uwo musi, igice c’abantu banje carubaka, ikindi gice kikaba gifise amacumu, inkinzo, imiheto n’ibigwanisho. Abakuru b’ingabo na bo bagatonda inyuma y’abantu bose b’i Buyuda
17 who were building the wall. Those who carried materials did their work with one hand and held a weapon with the other, bariko barubaka uruzitiro. Abatwara ivyo kwubakisha bakora igikorwa cabo n’ukuboko kumwe ukundi gufise ikigwanisho,
18 and each of the builders wore his sword strapped to his side as he worked. But the man who sounded the trumpet stayed beside me. kandi umuntu wese mu bubaka yaba yambaye inkota yiwe mu mbavu agashishikara akora. Ariko uwavuza inzamba yagumana nanje.
19 Then I said to the nobles, the officials, and the rest of the people, "The work is vast and spread out, and we are separated from one another along the wall. Nuko mbwira abanyacubahiro, abakuru n’abandi bantu nti: “Igikorwa ni kinini kandi kiragutse, kandi turasanzaye ku ruzitiro.
20 Wherever you hear the trumpet sound, rally to us there. Our Father will fight for us!" Aho muza kwumvira inzamba ivuze muce mudusanga aho nyene. Imana yacu iratugwanirira!”
21 So we kept working, with half the men holding spears, from the break of dawn until the stars came out. Nuko tubandanya igikorwa igice kimwe gifise amacumu, kuva mu gitondo hatarabona neza gushika inyenyeri ziserutse.
22 At that time I also told the people, "Let everyone and his helper stay inside Jerusalem at night, so they can serve as guards by night and laborers by day." Muri ico gihe nongera mbwira abantu nti: “Umuntu wese narare i Yerusalemu ari kumwe n’umukozi wiwe, kugira ngo mw’ijoro bararire maze ku murango naho bakore.”
23 So neither I, nor my brothers, nor my men, nor the guards who followed me ever took off our clothes; each kept his weapon at hand, even when going for water. Yaba jewe canke abo tuvukana, abantu banje canke abarinzi bari kumwe nanje, nta n’umwe yigeze akura impuzu; umwe wese yari afise ikigwanisho ciwe, no mu kuja kuvoma amazi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]