Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nehemiah 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the month of Nisan, in King Artaxerxes' twentieth year, wine was before him; I took it and gave it to the king—I had never been sad in his presence before. Mu kwezi kwa Nisani mu mwaka ugira mirongo ibiri umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, igihe umuvinyu wari imbere yiwe, ndawakira ndawumuhereza. Sinari bwigere mboneka mbabaye ndi imbere yiwe;
2 The king asked, "Why is your face sad, though you aren't sick? This can only be a sad heart." Then I was very afraid. ni ho umwami yambaza ati: “Ni kubera iki mu maso hawe hijirirwe kandi utagwaye? Ivyo ntibiva ku kindi atari umubabaro wo mu mutima.” Ngira ubwoba bwinshi cane,
3 I said to the king, "May the king live forever! Why shouldn't my face be sad, when the city, my ancestors' burial place, lies in ruins and its gates are burned by fire?" ariko nishura umwami nti: “Uragahora ku ngoma mwami! Mbega noreka kugira umubabaro gute kandi igisagara ba sogokuruza bahambwemwo gisigaye ari umusaka, kandi n’amarembo yaho akaba yaratongowe n’umuriro?”
4 The king asked me, "What do you request?" Then I prayed to our Father in heaven, Umwami arambaza ati: “None wipfuza iki?” Nuko nca nsenga Imana yo mw’ijuru,
5 and said to the king, "If it pleases the king, and if your servant has your favor, send me to Judah, to the city of my ancestors' graves, to rebuild it." maze nishura umwami nti: “Nivyaba biguhimbaye mwami kandi nkaba ngiriwe ubuntu mu nyonga zawe, undungike mu gisagara c’i Buyuda aho ba sogokuruza bahambwe kugira ngo nshobore kugisanura.”
6 The king, with the queen seated beside him, asked me, "How long will your journey take, and when will you return?" He was pleased to send me, so I gave him a time. Maze umwami, aho yari yicaranye n’umwamikazi, arambaza ati: “Mbega urugendo rwawe ruzomara imisi ingahe, uzogaruka ryari?” Maze bihimbara umwami kundeka ngo ngende; nanje ndamubwira imisi nzomara.
7 I also said to the king, "If it pleases the king, give me letters to the governors of the province Beyond the River, so they let me cross until I reach Judah. Ndongera ndamubwira nti: “Nivyaba biguhimbaye, mwami, umpe amakete nzoha abakuru b’intara bo mu burengero bw’uruzi Efurate, kugira ngo bandeke ndengane gushika i Buyuda.
8 Also a letter to Asaph, keeper of the king's forest, to give me timber for beams for the fortress gates by the temple, the city wall, and the house I will live in." The king granted my requests, for my Father's good hand was on me. Kandi umpe n’ikete rya Asafu, uwujejwe amashamba y’umwami, kugira ngo aze ampe imbaho zo kumanika maze kwubaka amarembo y’umugwa, i ruhande y’Ingoro, kwubaka uruzitiro rw’igisagara hamwe n’inzu nzobamwo.” Kandi kubera ikiganza ciza c’Imana yanje cari kuri jewe, umwami ampa ivyo ndamusavye.
9 I went to the governors of the province Beyond the River and gave them the king's letters. He had also sent army officers and horsemen with me. Nuko ngenda ku bakuru b’intara zo mu burengero bw’uruzi Efurate ndabaha ayo makete y’umwami. Kandi umwami yari yarungitse abakuru b’ingabo n’abagendera ku mafarasi ngo bamperekeze.
10 Hearing this, Sanballat the Horonite and Tobiah the Ammonite official were greatly displeased that someone had come to seek the good of Israel's people. Sanibalati Umuhoroni na Tobiya umukuru w’Umwamoni bumvise ivyo, birabababaza cane kuko haje umuntu aje kugirira neza Abisirayeli.
11 So I arrived in Jerusalem and stayed there three days. Nuko nja i Yerusalemu, ndahamara imisi itatu.
12 I got up at night with a few men. I told no one what my Father had put in my heart to do for Jerusalem. No animal was with me except the one I rode. Maze ndasohoka mw’ijoro turi kumwe n’abantu bakeya. Sinari nabwiye umuntu n’umwe ico Imana yari yashize ku mutima wanje co gukorera i Yerusalemu. Nta bindi bitungwa vyo kugenderako vyari bihari kiretse indogoba nagenderako.
13 By night I went out through the Valley Gate, toward the Jackal's Well, to the Dung Gate, examining Jerusalem's broken walls and its burned gates. Muri iryo joro ndasohoka nca mw’Irembo ryo mu Kiyaya nerekeye kw’iriba ry’imbwebwe no kw’Irembo ry’Umwavu, nihweza inzitiro z’i Yerusalemu, ingene zasenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.
14 I passed to the Fountain Gate and the King's Pool, but there was no room for my mount to pass. Nuko ndabandanya nerekeye kw’Irembo ry’Iriba riri hafi y’ikidengeri c’umwami, ariko indogoba nagenderako ntiyashobora kuronka aho ica hakwiye ngo irengane.
15 At night I went up the valley, examining the wall, turned back, entered the Valley Gate, and returned. Maze nca ndugana ikiyaya mw’ijoro, nihweza uruzitiro. Kw’iherezo, nca ndahindukira ninjirira mw’Irembo ryo mu Kiyaya.
16 The officials did not know where I went or what I was doing; I had not yet told the Jews, the priests, the nobles, the officials, or the rest who would do the work. Abakuru ntibamenye iyo nagiye canke ico nariko ndakora, kuko ntari bwabwire ikintu na kimwe Abayuda canke abaherezi canke abubahwa canke abakuru canke abandi bantu bari gukora ico gikorwa.
17 Then I said, "You see our trouble: Jerusalem lies in ruins, its gates burned. Come, let's rebuild Jerusalem's wall so we're no longer a disgrace." Nuko ndababwira nti: “Murabona aya magorwa turimwo: Yerusalemu ni umusaka, kandi amarembo yaho yarahiye. Nimuze, twubake uruzitiro rw’i Yerusalemu, kugira ngo twikureko igitutsi.”
18 I told them how my Father's good hand was on me, and what the king had said. They said, "Let's rise and build." So they strengthened their hands for the good work. Nongera ndababwira ingene ikiganza ciza c’Imana yanje cabanye nanje n’ivyo umwami yambwiye. Bishurira rimwe bati: “Reka dutangure kwongera kwubaka.” Nuko batangura gukora ico gikorwa ciza.
19 When Sanballat the Horonite, Tobiah the Ammonite official, and Geshem the Arab heard, they jeered and despised us, saying, "What is this you're doing? Are you rebelling against the king?" Ariko Sanibalati Umuhoroni, Tobiya umukuru w’Umwamoni na Geshemu Umwarabu bavyumvise, baraducokora baradukengera. Barabaza bati: “Ivyo muriko murakora ni ibiki? Muriko muragarariza umwami?”
20 I answered: "Our Father in heaven will give us success. We his servants will start rebuilding, but you have no share, right, or claim in Jerusalem." Ndabishura ndababwira nti: “Imana yo mw’ijuru ni yo izotuma tubishobora. Twebwe abasavyi bayo tugira dutangure gusanura, ariko mwebwe, nta mugabane mufise, canke uburenganzira na bumwe canke iragi i Yerusalemu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]