Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nehemiah 13 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 That day they read Moses' book aloud to the people and found it written that no Ammonite or Moabite was ever to enter our Father's assembly, Kuri uwo musi igitabu ca Mose gisomerwa abantu, maze basanga handitswemwo ko ata Mwamoni canke Umunyamowabu azokwigera yemererwa kwinjira mw’ikoraniro ry’Imana,
2 because they did not meet the people of Israel with bread and water, but hired Balaam against them to curse them—yet our Father turned the curse into a blessing. kuko batasanganije Abisirayeli ivyokurya canke amazi, ahubwo baciye bahamagara Balamu ngo abavume. Ariko, Imana yacu ica ihindura uwo muvumo uba umuhezagiro.
3 As soon as the people heard the Law, they separated from Israel everyone of foreign descent. Abantu bumvise ico cagezwe, baca basohora abanyamahanga b’ikivange bari mw’ikoraniro.
4 Before this, Eliashib the priest, appointed over the storerooms of the house of our Father, was closely tied to Tobiah. Imbere y’ivyo, Eliyashibu umuherezi yari yashinzwe kugenzura ivyumba vy’ububiko vyo mu Ngoro y’Imana yacu. Yari afatanije cane na Tobiya,
5 He had prepared him a large room, where they used to store the grain offerings, frankincense, temple articles, and the tenth of grain, new wine, and oil assigned to the Levites, singers, and gatekeepers, plus the contribution for the priests. kandi yari yamuhaye icumba kinini cahora kibikwamwo amashikanwa y’ibivuye mu ntete, ibimota neza n’ibikoresho bitandukanye vyo mu Ngoro. Kera ni ho habikwa kandi ibigiracumi vy’ifu, umutobe w’umuvinyu mushasha, amavuta yandikiwe Abalewi, abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo, hamwe n’intererano zateguriwe abaherezi.
6 Through all this I wasn't in Jerusalem, for in the thirty-second year of Artaxerxes king of Babylon I had gone to the king. After some time I asked his permission to leave, Ariko mu gihe ivyo vyariko biraba, jewe sinari i Yerusalemu, kuko mu mwaka wa mirongo itatu na kabiri Ahasuwerusi ari ku ngoma i Babiloni nari nasubiye ku mwami. Haheze igihe ndamusaba uruhusha,
7 I came back to Jerusalem and learned of the evil Eliashib had done for Tobiah, making him a room in the courts of the house of our Father. nca ngaruka i Yerusalemu. Maze nca menya ibibi Eliyashibu yari yakoze mu guha icumba Tobiya mu rugo rw’Ingoro y’Imana.
8 I was deeply grieved, and I threw all of Tobiah's household belongings out of the room. Birambabaza cane nca nterera hanze ibintu vyose vyari ivya Tobiya ndabikura muri ico cumba.
9 So I ordered the rooms cleansed, then restored to them the articles of the house of our Father, the grain offerings and frankincense. Ntegeka ko bahumanura ivyo vyumba, maze nca nsubiza muri vyo ibikoresho vyo mu Ngoro y’Imana, hamwe n’amashikanwa y’ifu n’ibimota neza.
10 I also found that the Levites' portions had not been given them, so the Levites and singers who did the work had each fled to his own field. Namenye kandi ko ivyari vyaragerewe Abalewi batabihabwa, kandi ko Abalewi bose n’abaririmvyi bajejwe igikorwa bari bisubiriye mu matongo yabo.
11 So I confronted the officials: "Why is our Father's house neglected?" Then I gathered the Levites and restored them to their posts. Nuko mbaza abakuru ndabakarira nti: “Ni kubera iki Ingoro y’Imana ititaweho?” Nca rero ndabakoranya ndabashira mu bibanza vyabo.
12 So all Judah brought the tenth of grain, new wine, and oil to the storehouses. Abayuda bose bazana ibigiracumi vyabo vy’intete, umutobe musha w’umuvinyu n’amavuta mu bubiko.
13 I put Shelemiah the priest, Zadok the scribe, and Pedaiah the Levite in charge of the storehouses, with Hanan son of Zaccur son of Mattaniah assisting them, since they were trustworthy; their task was distributing supplies to their fellow Levites. Nshiraho Shelemiya umuherezi, Zadoki umwigisha w’Ivyanditswe, n’Umulewi yitwa Pedaya ngo bazezwe ububiko, na Hanani mwene Zakuri, Zakuri mwene Mataniya, ngo abafashe, kuko abo bagabo bari bazwi ko ari abizigirwa. Bari bajejwe kugaburira benewabo ivyatanzwe.
14 Remember me for this, my Father; don't wipe out the faithful deeds I've done for the house of my Father and its service. Uze unyibuke kuri ivyo, ewe Mana yanje, kandi ntuze uhanagure ivyo nakoze mu bwizigirwa ku bw’Ingoro yawe n’ibikorwa biyikorerwamwo.
15 In those days I saw people in Judah treading winepresses on the Sabbath, hauling in heaps of grain and loading them on donkeys, along with wine, grapes, figs, and all kinds of loads, bringing them into Jerusalem on the Sabbath. So that day I warned them about selling food. Muri iyo misi mbona abagabo b’i Buyuda bagana mu bwato bw’inzabibu kw’Isabato, bongera binjiza ingano bakaziremeka ku ndogoba, hamwe n’umuvinyu, inzabibu, insukoni n’iyindi mizigo y’uburyo bwose. Kandi bazana ivyo vyose i Yerusalemu kw’Isabato. Nuko nca ndabagabisha ngo ntibagurishe ivyokurya kuri uwo musi.
16 Tyrians living there brought in fish and all kinds of goods, selling them on the Sabbath to Judah's people, in Jerusalem itself. Abantu bava i Tiro baba i Yerusalemu bazana ifi n’ubwoko bwose bw’ibidandazwa bakabigurishiriza i Yerusalemu kw’Isabato ku bantu b’i Buyuda.
17 So I confronted the nobles of Judah and said to them, "What is this evil thing you're doing, desecrating the Sabbath day? Ntonganya abakuru b’i Buyuda, maze ndababwira nti: “Murabona ikibi muriko murakora mu guhumanya umusi w’Isabato?
18 Didn't your ancestors do this, and didn't our Father bring all this disaster on us and this city? Now you add even more wrath against Israel by desecrating the Sabbath." Mbega ba sogokuruza banyu ntibakoze nk’ivyo, gushika aho Imana irekura ibi vyago kuri twebwe no kuri kino gisagara? None raba muriko muravyura ubundi burake ku Bisirayeli mu guhumanya Isabato.”
19 So when Jerusalem's gates grew dark before the Sabbath, I ordered the doors shut, not to be opened until the Sabbath ended. I stationed some of my servants at the gates so no load could enter on the Sabbath. Igitutu kimaze gushika ku marembo y’i Yerusalemu imbere y’uko Isabato itangura, ntegeka ko inzugi zugarwa ntizugururwe Isabato idaheze. Nshiraho bamwe mu bantu banje ku marembo kugira ngo ntihagire umuzigo n’umwe winjizwa ku musi w’Isabato.
20 Once or twice the merchants and sellers of all kinds of goods spent the night outside Jerusalem. Abagura n’abagurisha ibidandazwa vy’ubwoko butandukanye bararaye inyuma y’i Yerusalemu rimwe canke kabiri.
21 So I warned them and said, "Why spend the night by the wall? If you do it again, I will lay hands on you." From then on, they didn't come on the Sabbath. Ariko ndababurira mvuga nti: “Ni kuki murara hanze inyuma y’uruzitiro? Nimwasubira gukora mutyo, nzoca ndabafata.” Kuva ico gihe ntibasubiriye kuza kw’Isabato.
22 Then I commanded the Levites to purify themselves, come guard the gates, and keep the Sabbath day holy. Remember this for me too, my Father, and spare me by your great faithful love. Nca ntegeka Abalewi kwihumanura ngo bagende kurinda amarembo kugira ngo Isabato igume ari iyera. Uze unyibukire kuri ivyo na vyo, ewe Mana yanje, ungirire imbabazi nk’uko urukundo rwawe rwinshi ruri.
23 In those days I also saw Jews who had married Ashdodite, Ammonite, and Moabite women. Vyongeye, muri iyo misi mbona abantu b’i Buyuda bari bararongoye abagore bo muri Ashidodi, muri Amoni n’i Mowabu.
24 Half of their children spoke Ashdod's language, or another people's, and did not know how to speak Judah's language. Igice c’abana babo bavuga ururimi rw’i Ashidodi canke ururimi rw’ayandi mahanga, kandi batashobora kuvuga ururimi rw’Abayuda.
25 So I confronted them, cursed them, beat some of the men, and pulled out their hair. I made them swear by our Father: "Don't give your daughters to their sons, or take their daughters for your sons or yourselves. Ndabatatira ndabaturako umuvumo. Nkubita bamwe mu bagabo ndabakwega umushatsi. Ndabarahiza mw’izina ry’Imana ndavuga nti: “Ntimukwiye gushingira abakobwa banyu abahungu babo, canke ngo mushingire abahungu banyu abakobwa babo canke ngo mubagire abagore banyu.
26 Didn't marriages like these make Solomon king of Israel sin? No king among the many nations equaled him; our Father loved him, and our Father made him king over all Israel. Yet foreign women led even him into sin. Mbega si uko Salomo umwami w’Abisirayeli yacumuye? Mu mahanga menshi nta mwami yari ameze nka we. Yakundwa n’Imana cane, kandi Imana yamwimitse ngo abe umwami w’Abisirayeli bose, ariko yakwegewe mu vyaha n’abagore b’abanyamahangakazi.
27 Should we listen to you and do all this great evil, betraying our Father by marrying foreign women?" None birabereye kwumva ko namwe muriko murakora icaha kingana gityo, mugatakaza ubwizigirwa ku Mana yacu mu kurongora abagore b’abanyamahangakazi?”
28 A son of Jehoiada, son of Eliashib the high priest, was son-in-law to Sanballat the Horonite, so I drove him from me. Umwe mu bahungu ba Yoyada mwene Eliyashibu umuherezi mukuru yari umukwe wa Sanibalati Umuhoroni. Maze ndamwigiza kure yanje.
29 Remember them, my Father, for they made the priesthood unclean, and the covenant of priesthood and Levites. Ubibuke, ewe Mana yanje, kuko bahumanije igikorwa c’ubuherezi, n’isezerano ry’ubuherezi n’iry’Abalewi.
30 So I purified them from everything foreign, and assigned priests' and Levites' duties, each to his task. Nuko mpumanura abaherezi n’Abalewi ndabatandukanya n’ikintu cose c’ikinyamahanga, nca ndabashinga ibikorwa, umwe wese igikorwa ciwe.
31 I arranged the wood offering at set times, and the firstfruits. Remember me, my Father, with favor. Nca nongera nshinga ko habaho kuzana amashikanwa y’inkwi mu bihe vyashinzwe, n’ivyeze imbere y’ibindi. Uze unyibukane imbabazi, ewe Mana yanje.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]