Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Nehemiah 11 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Leaders lived in Jerusalem; the rest cast lots to bring one of every ten to live in Jerusalem, the holy city, leaving nine-tenths in the towns. Maze abarongoye abantu baja kuba i Yerusalemu. Ku bandi bantu habanza kugirwa ubupfindo, ngo bamenye umuryango umwe ku miryango icumi uja kuba i Yerusalemu, igisagara cera. Iyo miryango icenda isigaye bategerezwa kuguma mu bisagara vyabo.
2 And the people blessed all the men who freely offered to live in Jerusalem. Abantu bahezagira cane abemeye ku gushaka kwabo kuja kuba i Yerusalemu.
3 These are the province's leaders who lived in Jerusalem; but in Judah's towns, each lived on his own property, in their towns—Israel, the priests, Levites, temple servants, and Solomon's servants' descendants. Aba ni bo batware bari barongoye intara bimukiye i Yerusalemu. Muri ico gihe Abisirayeli benshi, abaherezi, Abalewi, abakozi bo mu Ngoro n’abakomoka ku bakozi ba Salomo baba mu bisagara bitandukanye vy’i Buyuda, umwe wese mw’itongo ryiwe,
4 Some descendants of Judah and Benjamin lived in Jerusalem. From Judah: Athaiah son of Uzziah, son of Zechariah, son of Amariah, son of Shephatiah, son of Mahalalel, from the descendants of Perez; ariko abantu bamwe bo mu Bayuda no mu Babenyamini bashima kuba i Yerusalemu: Abakomoka kuri Yuda ni: Ataya mwene Uziya, Uziya mwene Zakariya, Zakariya mwene Amariya, Amariya mwene Shefatiya, Shefatiya mwene Mahalaleli, Mahalaleli wo mu ruvyaro rwa Perezi,
5 and Maaseiah son of Baruch, son of Col-hozeh, son of Hazaiah, son of Adaiah, son of Joiarib, son of Zechariah, son of the Shilonite. hamwe na Mayaseya mwene Baruki, Baruki mwene Koli-Hoze, Koli-Hoze mwene Hazaya, Hazaya mwene Adaya, Adaya mwene Yoyaribu, Yoyaribu mwene Zakariya, Zakariya akomoka kuri Shela.
6 All the descendants of Perez who lived in Jerusalem numbered 468 able men. Abakomoka kuri Perezi baba i Yerusalemu bashika amajana ane na mirongo itandatu n’umunani, abagabo b’intwari babushitse.
7 From Benjamin: Sallu son of Meshullam, son of Joed, son of Pedaiah, son of Kolaiah, son of Maaseiah, son of Ithiel, son of Jeshaiah, Mu bakomoka kuri Benyamini ni: Salu mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Yowedi, Yowedi mwene Pedaya, Pedaya mwene Kolaya, Kolaya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Itiyeli, Itiyeli mwene Yeshaya,
8 and after him Gabbai and Sallai—928 in all. n’abamukurikira, Gabayi na Salayi. Bose hamwe ni abagabo amajana icenda na mirongo ibiri n’umunani.
9 Joel son of Zichri oversaw them; Judah son of Hassenuah was second over the city. Yoweli mwene Zikuri yari umukuru w’ingabo mukuru wabo, na Yuda mwene Hasenuwa yatwara akarere ka kabiri k’igisagara.
10 Of the priests: Jedaiah son of Joiarib, Jachin, Mu bakomoka ku baherezi ni: Yedaya mwene Yoyaribu, Yakini,
11 Seraiah son of Hilkiah, son of Meshullam, son of Zadok, son of Meraioth, son of Ahitub, chief officer of our Father's house; Seraya mwene Hilukiya, Hilukiya mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Sadoki, Sadoki mwene Merayoti, Merayoti mwene Ahitubu, Ahitubu uwari ajejwe ivyo mu Ngoro y’Imana,
12 and their brothers who did the house's work: 822; and Adaiah son of Jeroham son of Pelaliah son of Amzi son of Zechariah son of Pashhur son of Malchijah, n’abo bari bafatanije, bashishikara igikorwa co mu Ngoro, bari abagabo amajana umunani na mirongo ibiri na babiri. Adaya mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Pelaliya, Pelaliya mwene Amuzi, Amuzi mwene Zakariya, Zakariya mwene Pashuri, Pashuri mwene Malikiya,
13 and his brothers, family heads—242; and Amashsai son of Azarel, son of Ahzai, son of Meshillemoth, son of Immer, n’abo bari bafatanije, bari abakuru b’imiryango, bari abagabo amajana abiri na mirongo ine na babiri. Amashisayi mwene Azareli, Azareli mwene Ahizayi, Ahizayi mwene Meshilemoti, Meshilemoti mwene Imeri,
14 and their associates, able warriors—128; their overseer was Zabdiel son of Haggedolim. n’abo bari bafatanije, bari abagabo b’intwari, ijana na mirongo ibiri n’umunani. Umukuru w’ingabo yari Zabudiyeli mwene Hagedolimu.
15 Of the Levites: Shemaiah son of Hasshub, son of Azrikam, son of Hashabiah, son of Bunni; Abakomoka ku Balewi ni: Shemaya mwene Hashubi, Hashubi mwene Azirikamu, Azirikamu mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Buni,
16 and Shabbethai and Jozabad, from the heads of the Levites, oversaw the outside work of our Father's house; Shabetayi na Yozabadi, babiri bo mu bakuru b’Abalewi, bari bajejwe ibikorwa vyo hanze y’Ingoro y’Imana;
17 and Mattaniah son of Mica, son of Zabdi, son of Asaph, who led in thanksgiving and prayer; Bakbukiah, second among his associates; and Abda son of Shammua, son of Galal, son of Jeduthun. Mataniya mwene Mika, Mika mwene Zabudi, Zabudi mwene Asafu, Asafu umurongozi yarongora ibikorwa vyo gushimira Imana no gusenga; Bakibukiya, uwa kabiri mu bari bafatanije na we, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa mwene Galali, Galali mwene Yedutuni.
18 All the Levites in the holy city numbered 284. Abalewi bo mu gisagara cera bashika amajana abiri na mirongo umunani na bane.
19 The gatekeepers—Akkub, Talmon, and their associates who kept watch at the gates—numbered 172. Abarinzi b’irembo ni: Akubu, Talumoni n’abo bari bafatanije, baguma barinze amarembo, bari abagabo ijana na mirongo indwi na babiri.
20 The rest of Israel, the priests, and the Levites were in all Judah's towns, each on his inheritance. Abandi Bisirayeli basigaye, hamwe n’abaherezi n’Abalewi, baba mu bisagara vyose vy’i Buyuda, umwe wese mw’itongo rya ba sekuruza.
21 The temple servants lived on Ophel, with Ziha and Gishpa over the temple servants. Abakozi bo mu Ngoro baba ku musozi wa Ofeli, kandi Ziha na Gishupa ni bo bari babarongoye.
22 Uzzi son of Bani, son of Hashabiah, son of Mattaniah, son of Mica, of Asaph's descendants, oversaw the Levites in Jerusalem, the singers responsible for the work of our Father's house. Umukuru w’Abalewi i Yerusalemu yari Uzi mwene Bani, Bani mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Mataniya, Mataniya mwene Mika. Uzi yari umwe mu bakomotse kuri Asafu, bari abaririmvyi bajejwe igikorwa co mu Ngoro y’Imana.
23 For there was a command from the king concerning them, and a fixed daily allowance for the singers. Abaririmvyi bategekwa n’umwami, ni we yagena ivyo bakora ku musi ku musi.
24 Pethahiah son of Meshezabel, of Zerah son of Judah's descendants, was at the king's hand for every matter about the people. Petahiya mwene Meshezabeli, umwe mu bakomotse kuri Zera mwene Yuda, yari umukozi w’umwami mu bikorwa vyose vyerekeye kurongora abantu.
25 As for the villages with their fields, some of Judah's descendants lived in Kiriath-arba and its villages, Dibon and its villages, Jekabzeel and its settlements, Ku bijanye n’ibigwati n’imirima yavyo, bamwe mu bantu b’i Buyuda baba i Kiriyati-Araba no mu bigwati bihakikije, i Diboni no mu bigwati vyaho, i Yekabuzeyeli no mu bigwati vyaho,
26 in Jeshua, in Moladah, in Beth-pelet, i Yesuwa, i Molada, i Beti-Peleti,
27 in Hazar-shual, in Beersheba and its villages, i Hazari-Shuwali, i Berisheba no mu bigwati vyaho,
28 in Ziklag, in Meconah and its villages, i Zikulagi, i Mekona no mu bigwati vyaho,
29 in En-rimmon, in Zorah, in Jarmuth, i Eni-Rimoni, i Zora, i Yarimuti,
30 Zanoah, Adullam and their villages, Lachish and its fields, Azekah and its villages. So they settled from Beersheba to the Hinnom Valley. i Zanowa, muri Adulamu no mu bigwati vyaho, i Lakishi no mu mirima yaho, n’i Azeka no mu bigwati vyaho. Nuko baba ngaho uhereye i Berisheba gushika mu kiyaya ca Hinomu.
31 The descendants of Benjamin lived from Geba onward, at Michmash, Aija, Bethel and its villages, Abakomoka ku Babenyamini kuva i Geba baba i Mikimashi, Ayiya, Beteli n’ibigwati vyaho,
32 Anathoth, Nob, Ananiah, i Anatoti, Nobu n’i Ananiya,
33 Hazor, Ramah, Gittaim, i Hazori, i Rama n’i Gitayimu,
34 Hadid, Zeboim, Neballat, i Hadidi, i Zeboyimu n’i Nebalati,
35 Lod, and Ono, the Valley of Craftsmen. i Lodi n’i Ono, no mu kiyaya c’abanyamyuga.
36 And some divisions of the Levites from Judah were assigned to Benjamin. Imwe mu mice y’Abalewi b’i Buyuda baba i Bubenyamini.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]