Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 He left there for the region of Judea and beyond the Jordan; crowds gathered to him again, and as usual he taught them once more. Nuko Yesu ava i Kaperinawumu aja mu ntara ya Yudaya, hakurya y’uruzi Yorodani. Na ho nyene abantu benshi baragenda aho ari, aca arabigisha nk’uko yamenyereye.
2 Some Pharisees came to test him, asking, "Is it lawful for a man to divorce his wife?" Bamwe mu Bafarisayo baraza bagerageza kumutega umutego, baramubaza bati: “Mbega biremewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe?”
3 He answered them, "What did Moses command you?" Arabishura ati: “Mbega ivyagezwe vya Mose bitegeka iki?”
4 They said, "Moses permitted a man to write a certificate of divorce and send her away." Baramwishura bati: “Mose yaremeye ko umuntu ashobora guha umugore wiwe urwandiko rwemeza ko bahukanye hanyuma akamwirukana.”
5 Jesus told them, "He wrote you this command because your hearts were hard. Yesu arabishura ati: “Yanditse ico cagezwe kuko imitima yanyu ikomantaye.
6 But from the beginning of creation, our Father made them male and female. Ariko Imana yaremye ‘umugabo n’umugore kuva mu ntango y’irema.’
7 'For this reason a man will leave his father and mother and be joined to his wife, ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe,
8 and the two will become one flesh.' So they are no longer two, but one flesh. maze bakaba umubiri umwe’; kuko baba batakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe.
9 Therefore what our Father has joined together, let no one separate." None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura.”
10 Back in the house, the disciples asked him about this again. Bashitse mu nzu, abigishwa basubira kubaza Yesu ku bijanye n’ukwahukana.
11 He said to them, "Whoever divorces his wife and marries another commits adultery against her, Arabishura ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba asambanye, kandi aba acumuye kuri uwo wa mbere.
12 and if she divorces her husband and marries another, she commits adultery." Kandi iyo umugore yahukanye n’umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, na we nyene aba asambanye.”
13 People were bringing children to him so that he might touch them, but the disciples rebuked them. Umusi umwe, abavyeyi bazanye abana babo aho Yesu ari kugira ngo abarambikeko ibiganza. Ariko abigishwa barabakankamira.
14 When Jesus saw this, he grew angry and said, "Let the children come to me; don't stop them, for the kingdom of our Father belongs to such as these. Yesu abibonye, arababara. Abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo.
15 Truly I tell you, whoever doesn't receive our Father's kingdom like a child will never enter it." Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”
16 And he took them in his arms and blessed them, laying his hands on them. Nuko aterura ba bana, abarambikako ibiganza, arabahezagira.
17 As he started down the road, a man ran up, knelt before him, and asked, "Good Teacher, what must I do to inherit eternal life?" Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”
18 Jesus asked, "Why call me good? No one is good except our Father alone. Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene.
19 You know the commandments: 'don't murder, commit adultery, steal, or give false testimony; don't defraud; honor your father and mother.'" Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, ntukibe, wubahe so na nyoko.’”
20 He said to him, "Teacher, all these I have kept since my youth." Wa muntu yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”
21 Jesus looked at him and loved him. "One thing you lack: go, sell everything you own, give to the poor—you'll have treasure in heaven—then come follow me." Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”
22 At this word his face fell, and he went away grieving, for he had many possessions. Wa muntu avyumvise aca arijirirwa, agenda ababaye kuko yari afise ubutunzi bwinshi cane.
23 Jesus looked around and told his disciples, "How hard it will be for the wealthy to enter the kingdom of our Father!" Yesu arahindukira abwira abigishwa biwe ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana!”
24 The disciples were amazed at his words. Jesus said to them again, "Children, how hard it is to enter the kingdom of our Father! Abigishwa batangazwa n’ayo majambo. Yesu arongera arababwira ati: “Bana nkunda, biragoye cane kwinjira mu Bwami bw’Imana!
25 A camel goes through a needle's eye easier than a rich person enters our Father's kingdom." Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana.”
26 They were even more astonished and said to one another, "Then who can be saved?" Ivyo vyarushirije gutangaza abigishwa, maze baravugana bati: “None ni nde ashobora gukizwa?”
27 Jesus looked at them and said, "With man, impossible; but not with our Father, for all things are possible with our Father." Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: “Ku bantu, ntibishoboka; ariko ku Mana, vyose birashoboka.”
28 Peter began to say to him, "Look, we have left everything and followed you." Maze Petero aramubwira ati: “Twebwe twasize vyose turagukurikira!”
29 Jesus said, "Truly I tell you, no one has left house or brothers or sisters or mother or father or children or fields for my sake and for the gospel, Yesu na we arabishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe yasize inzu, abavukanyi, se canke nyina, abana canke amatongo yiwe kubera Ubutumwa Bwiza,
30 "who won't receive a hundredfold now, in this time—houses, brothers, sisters, mothers, children, fields, with persecutions—and in the age to come, eternal life. atazobishumbushwa incuro ijana muri iki gihe: inzu, abavukanyi, abavyeyi, abana n’amatongo, hamwe no guhamwa. Kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.
31 But many who are first will be last, and the last first." Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo bazoba ab’imbere.”
32 On the road up to Jerusalem, Jesus walked ahead of them. They were amazed, and those following were afraid. Taking the twelve aside again, he began telling them what was about to happen to him: Bari mu nzira baduga i Yerusalemu, Yesu agendera imbere y’abigishwa biwe kandi bari bahagaritse imitima, ndetse n’abagendana na bo bari bafise ubwoba. Nuko Yesu yihereranya bamwe cumi na babiri, yongera kubabwira ibigiye kumubako.
33 "Look, we're going up to Jerusalem. The Son of Man will be handed over to the chief priests and scribes, who will condemn him to death and hand him over to the Gentiles. Arababwira ati: “Ehe turaduze i Yerusalemu, aho Umwana w’Umuntu azotangwa agahabwa abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa hanyuma bamushikirize abanyamahanga,
34 They will mock him, spit on him, flog him, and kill him; after three days he will rise." na bo bazomucokora, bamucireko amate, bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko inyuma y’imisi itatu azozuka.”
35 James and John, Zebedee's sons, came to him and said, "Teacher, we want you to do for us whatever we ask." Yakobo na Yohana, bene Zebedayo, baza aho Yesu ari. Bamubwira bati: “Mwigisha, turakwinginze udukorere ico tugusaba.”
36 He said to them, "What do you want me to do for you?" Arababaza ati: “Mushaka ko ndabakorera iki?”
37 They said to him, "Let us sit in your glory, one at your right, one at your left." Baramwishura bati: “Niwicara ku ntebe yawe y’ubwami mu bwiza bwawe, uze utwicarike, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe.”
38 Jesus said to them, "You don't know what you're asking. Can you drink the cup I drink, or be baptized with the baptism I'm baptized with?" Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba! Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ngiye kunywako canke kubatizwa umubatizo ngiye kubatizwa?”
39 "We can," they said. Jesus said to them, "The cup I drink, you will drink; the baptism I'm baptized with, you will be baptized with, Baramwishura bati: “Egome twobishobora.” Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri muzonywa ku gikombe ngiye kunywerako kandi muzobatizwa umubatizo ngiye kubatizwa,
40 but sitting at my right or left isn't mine to give - that's for those it's prepared for." ariko ibijanye no kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’ababiteguriwe.”
41 Hearing this, the ten grew indignant at James and John. Bamwe cumi bandi bavyumvise bashavurira Yakobo na Yohana.
42 Jesus called them together and said, "You know that those regarded as rulers of the Gentiles dominate them, and their great ones wield power over them. Yesu aca arabahamagara bose ababwira ati: “Murazi ko abatware b’amahanga batwaza umukazo abantu babo, kandi ko babaganza babacinyiza.
43 But it isn't so among you. Instead, whoever wants to be great among you must be your servant, Uko si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umukozi wanyu,
44 and whoever wants to be first among you must be slave of all. kandi uwushaka kuba uwa mbere akwiye kuba umugurano wa bose.
45 For even the Son of Man came not to be served, but to serve, and to give his life as a ransom for many." Kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”
46 They came to Jericho. As Jesus and his disciples were leaving with a large crowd, blind Bartimaeus son of Timaeus sat begging by the road. Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza.
47 Hearing it was Jesus of Nazareth, he began to cry out, "Jesus, Son of David, have mercy on me!" Yumvise ko ari Yesu w’i Nazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
48 Many scolded him to be silent, but he shouted even louder, "Son of David, have mercy on me!" Abantu benshi baramuzibiza bati: “Hora!” Ariko arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
49 Jesus stopped and said, "Call him." So they called the blind man: "Courage! Get up—he's calling you." Yesu aca arahagarara, avuga ati: “Nimumumpamagarire.” Nuko baramuhamagara bati: “Humura! Haguruka, araguhamagaye!”
50 Throwing off his cloak, he jumped up and came to Jesus. Uwo ahumye aca ata impuzu ziwe, arabaduka aja aho Yesu ari.
51 Jesus told him, "What do you want me to do for you?" The blind man told him, "Rabboni, let me see again." Yesu aramubaza ati: “Ushaka ko ngukorera iki?” Na we ati: “Mwigisha, ndashaka guhumuka.”
52 Jesus told him, "Go; your faith has healed you." At once he regained his sight and followed Jesus on the road. Yesu aca avuga ati: “Igire, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene aca arahumuka, akurikira Yesu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]