Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 10 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After this, the Lord appointed seventy-two more, sending them ahead of him two by two, into every town and place he himself intended to go. Ivyo biheze, Umwami Yesu atoranya abandi bigishwa mirongo indwi na babiri, abarungika ari babiribabiri, ngo babe baramwitangira imbere mu bisagara n’ahandi hantu hose yari yimirije kuja.
2 He told them, "The harvest is plentiful, but workers are few. So ask the Father of the harvest to send out workers into his harvest. Arababarira ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.
3 Go! Look, I am sending you out like lambs among wolves. Nimugende! Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi.
4 Carry no purse, no bag, no sandals, and greet no one on the road. Ntihagire amahera, isakoshi canke ibirato vyo gukuranya mwitwaza; kandi ntimuramutse abantu mu nzira.
5 Whatever house you enter, first say, 'Peace to this house.' Igihe cose mwinjiye mu nzu y’umuntu, muzobanze muramutse muti: ‘Amahoro abe muri iyi nzu.’
6 If a person of peace is there, your peace will rest on them; if not, it will return to you. Nimwasanga abo muri iyo nzu ari abanyamahoro, umuhezagiro wanyu uzoba kuri bo. Atari uko na ho, umuhezagiro wanyu uzobagarukako.
7 Stay in that house, eating and drinking what's offered, for the worker deserves his wage. Don't move from house to house. Muze mugume muri iyo nzu nyene, murya kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.
8 Whenever you enter a town and they welcome you, eat what is set before you. Nimwinjira mu gisagara bakabakira, muzofungure ivyo muhasanze.
9 Heal the sick there and tell them, 'The kingdom of our Father has come near to you.' Mukize abagwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’
10 But when you enter a town that doesn't welcome you, go out into its streets and say, Ariko nimwinjira mu gisagara ntibabakire, muzoje mu mayira yaho, muvuge muti:
11 'Even your town's dust stuck to our feet, we wipe off against you. Yet know this: the kingdom of our Father has come near.' ‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’
12 I tell you, it will be more bearable on that day for Sodom than for that town. Ndababwire ukuri, ku musi w’imanza, i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.
13 "Woe to you, Chorazin! Woe to you, Bethsaida! Had the miracles done among you happened in Tyre and Sidon, they would have repented long ago, sitting in sackcloth and ashes. Uzobona ibara, yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.
14 But it will be more bearable for Tyre and Sidon at the judgment than for you. Ariko ku musi w’imanza, i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe.
15 And you, Capernaum, will you be lifted to heaven? You'll be brought down to the grave. Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i Kuzimu mu kibanza c’abapfuye.
16 Whoever listens to you listens to me; whoever rejects you rejects me; whoever rejects me rejects the one who sent me." Uwubumvira ni jewe aba yumviye, kandi uwubanka ni jewe aba yanse. Uwunyanse na we aba yanse uwantumye.”
17 The seventy-two returned with joy and said, "Lord, even the demons submit to us in your name." Bamwe mirongo indwi na babiri bagarutse, baza bafise umunezero mwinshi bavuga bati: “Mwami, n’abadayimoni batwumvira mw’izina ryawe.”
18 He said to them, "I saw Satan fall like lightning from heaven. Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.
19 Look, I have given you authority to trample on snakes and scorpions, and over all the enemy's power—nothing will harm you. Raba, narabahaye ububasha bwo kunesha ubushobozi bwose bw’umwansi: muzohonyora inzoka na sikoropiyo muzimene imitwe, kandi nta na kimwe kizogira ico kibagira.
20 But don't rejoice that the spirits submit to you—rejoice that your names are written in heaven." Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru.”
21 At that moment Jesus rejoiced in the Holy Spirit and said, "Father, Sovereign of heaven and earth, I praise you—you hid these things from the wise and clever, and revealed them to little children. Yes, Father, for this pleased you." Muri ako kanya, Yesu yuzura umunezero muri Mpwemu Yera, aca avuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abanyabwenge n’abize, ukabihishurira abameze nk’abana bato. Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.
22 "All has been given to me by my Father. No one knows who the Son is but the Father, or who the Father is but the Son—and whoever the Son chooses to reveal him to." Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”
23 Then turning to the disciples, he said privately, "Blessed are the eyes that see what you see! Maze arahindukira, abwira abigishwa biwe bonyene ati: “Hahiriwe amaso abona ivyo muriko murabona.
24 For I tell you, many prophets and kings wanted to see what you see and never saw it, to hear what you hear and never heard it." Kuko ndababwira ko abavugishwa n’Imana n’abami benshi bipfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ariko ntibavyumva.”
25 A lawyer stood and tested him: "Teacher, what must I do to inherit eternal life?" Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege umutego Yesu, aramubaza ati: “Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”
26 He said to him, "What is written in the Law? How do you read it?" Yesu aramwishura ati: “Ivyagezwe bivuga iki? Ubitahura gute?”
27 He answered, "Love your Father with all your heart, with all your soul, with all your strength, with all your mind, and your neighbor as yourself." Aramwishura ati: “ ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose’; kandi, ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’”
28 He said to him, "You have answered correctly. Do this and you will live." Yesu aramubwira ati: “Wishuye neza. Genda ubigenze uko, uzobaho ibihe bidashira.”
29 But wanting to justify himself, he asked Jesus, "And who is my neighbor?" Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: “None mugenzanje ni nde?”
30 Jesus said, "A man went down from Jerusalem to Jericho and fell among robbers, who stripped and beat him, then left him half dead. Mu kumwishura, Yesu amubwira ati: “Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa.
31 Now, by chance a priest was going down that road; seeing him, he passed by on the other side. Maze akirambaraye aho hantu, haca haza umuherezi yari amanukanye iyo nzira nyene. Amubonye, aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arirenganira.
32 So too a Levite came to the place, saw him, and passed by on the other side. Hanyuma haca Umulewi na we nyene aramubona, ariko aca aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arireganira.
33 But a Samaritan traveling that road found him, and seeing him, was moved with compassion. Ariko mu nyuma haza Umusamariya, ashika aho wa muntu arambaraye. Amubonye, amutera ikigongwe.
34 He went to him, bandaged his wounds, poured on oil and wine, put him on his own animal, took him to an inn, and cared for him. Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho.
35 The next day he took out two silver coins, gave them to the innkeeper, and said, 'Take care of him. Whatever more you spend, I will repay when I return.' Bukeye asokorora idenariyo zibiri azisigarana uwujejwe iyo nzu, amubwira ati: ‘Uwu muntu mumwiteho cane. Ninagaruka nzoriha ayo muzoba mwakoresheje arenga kuri aya.’
36 Which of these three do you think became a neighbor to the man who fell among the robbers?" None muri abo bose, ni nde yabonetse nk’umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?”
37 He said, "The one who showed him mercy." Jesus said to him, "Go and do likewise." Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: “Ni uwo yamugiriye impuhwe.” Yesu aca aramubwira ati: “Genda nawe ukore uko.”
38 As they traveled, Jesus entered a village. A woman named Martha welcomed him into her home. Nuko Yesu n’abigishwa biwe babandanije urugendo, bashika mu mihana, ahaba umugore yitwa Marita, na we abaha ikaze iwe.
39 She had a sister called Mary, who sat at the Lord's feet and listened to his teaching. Marita yari afise mwene nyina yitwa Mariya. Maze Mariya aragenda yicara imbere y’Umwami Yesu, yumviriza inyigisho ziwe.
40 But Martha was distracted by all the serving. She came to him and said, "Lord, don't you care that my sister left me to serve alone? Tell her to help me." Ariko Marita we yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi vyo gutegura inzimano. Nuko abaza Yesu ati: “Mwami, mbega nta co bikubwiye kubona mwene mama yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.”
41 But the Lord answered her, "Martha, Martha, you are anxious and troubled about many things, Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.
42 but one thing is needed. Mary has chosen the good share; it won't be taken from her." Hari ikintu kimwe gusa ciza kuruta ibindi vyose. Mariya ni co yahisemwo, kandi ntazokwigera acakwa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]