Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses on Mount Sinai, saying: Uhoraho abarira Mose ari ku musozi Sinayi ati:
2 "Speak to the Israelites and say to them: When you enter the land I am giving you, the land is to keep a sabbath rest to me. “Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Nimwinjira igihugu ngiye kubaha, ico gihugu ubwaco kize cubahirize Isabato y’Uhoraho.
3 For six years sow your field, six years prune your vineyard and gather its fruit. Muze murime imirima yanyu imyaka itandatu, kandi muri iyo myaka itandatu muze mututurire imizabibu yanyu mwongere mwegeranye ivyimburwa vyayo.
4 But the seventh year is a sabbath of full rest for the land, a sabbath to me—don't sow your field or prune your vineyard. Ariko mu mwaka ugira indwi isi ize ironke akaruhuko k’Isabato, Isabato y’Uhoraho. Ntimuze mubibe canke ngo mutere ikintu na kimwe mu mirima yanyu canke ngo mututurire imizabibu yanyu.
5 Don't reap what grows on its own, or gather grapes from your unpruned vine; the land gets a year of complete rest. Ntimuze mwimbure ivyimejeje muri yo kandi ntimuze mwamure imizabibu yamye ku biti bidatuturiye. Isi ize ironke umwaka w’akaruhuko.
6 The land's sabbath will feed you—yourself, your male and female servants, hired hand, and the foreigner living with you, Ivyo imirima izokwama vyose bize bibe ivyokurya vyanyu, mwebwe ubwanyu, abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’abakozi banyu canke abashitsi bari i wanyu,
7 and for your livestock and the wild animals in your land—all it yields is food. n’ibitungano vyanyu n’ibikoko vyo mw’ishamba vyo mu gihugu canyu. Ivyo igihugu kimejeje vyose bishobora kuribwa.
8 "You are to count seven sabbaths of years, seven times seven years, making forty-nine years in all. Muze muharure amasabato indwi y’imyaka, ni ukuvuga imyaka indwi incuro indwi, kugira ngo ayo masabato indwi y’imyaka akwize imyaka mirongo ine n’icenda.
9 Blow the ram's horn in blasts on the tenth day of the seventh month; on the Day of Atonement, sound it throughout all your land. Hanyuma muzoce muvuza inzamba hose ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi; ku musi wo gutanga ikimazi co kwicungura muze muvuze inzamba mu gihugu cose.
10 Make the fiftieth year holy: proclaim freedom in the land for all its residents. It is a jubilee for you—each returns to their property, each to their family. Muze mweze umwaka ugira mirongo itanu muri mu gihugu mwamamaze umwidegemvyo ku bakibamwo bose.
11 The fiftieth year is your jubilee: sow nothing, reap no self-grown grain, gather no untended vines. Uwo mwaka ugira mirongo itanu uze ube Yubile kuri mwebwe; ntimuze mugire ico mubiba canke mutera ngo mugire ico mwimbura ku vyimejeje canke ngo mwamure inzabibu ku mizabibu mutatuturiye.
12 For it is a jubilee; it is to be holy to you. Eat only what the field produces. Kuko izoba ari Yubile kandi izoba ari iyejejwe kuri mwebwe; muze murye ivyo mwamuye mu mirima.
13 "In this Year of Jubilee each of you are to return to your own property. Muri uwo mwaka wa Yubile umuntu wese aze asubire mw’itongo ryiwe.
14 "If you sell or buy from your neighbor, do not cheat one another. Nimwagurisha itongo ku wo mu bwoko bwanyu canke mukarimugurira, ntihaze hagire uwuzimba uwundi.
15 Buy from your neighbor by the years since the jubilee; he sells to you by the years of harvests. Muze mugure amatongo y’abo mu bwoko bwanyu mukurikije imyaka mumaze Yubile ibaye. Kandi muze mugurishe amatongo kuri bagenzi banyu mukurikije imyaka isigaye yo kwimbura mu mirima yanyu.
16 Raise the price for more years, lower it for fewer, since he's selling you a number of harvests. Imyaka niyaba ari myinshi, muze muduze igiciro, na ho niyaba ari mike, muze mumanure igiciro, kuko ico muzoba muriko muragurisha ari igitigiri c’ibihe vyo kwimbura.
17 You shall not wrong one another, but you are to fear your Father, for I am your Father. Ntihaze hagire uwurenganya uwundi, ariko muze mutinye Imana yanyu. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
18 "Follow my statutes, keep my rules, and obey them, and you will live securely in the land. Muze mukurikize amategeko yanje kandi mwitwaririke kwumvira ivyagezwe vyanje, ni ho muzoba amahoro muri ico gihugu.
19 The land will yield its fruit, and you will eat your fill and dwell in it securely. Aho ni ho igihugu kizokwera ivyamwa vyaco, namwe muzorya muhage kandi muzokibamwo mu mutekano.
20 If you ask, 'What will we eat in the seventh year, since we won't sow or gather our produce?' Mwoshobora kubaza muti: “Tuzorya iki mu mwaka ugira indwi nitutatera ngo twimbure ivyimburwa vyacu?”
21 I will command my blessing on you in the sixth year, yielding crop for three years. Nzobarungikira umugisha mu mwaka ugira gatandatu ku buryo imirima izotanga ivyimburwa vyo kubatunga imyaka itatu.
22 You will plant in the eighth year but still eat old crop; until the ninth year's harvest comes in, you will eat the old. Mu gihe co kubiba mu mwaka ugira umunani, muzoba mukirya ibihitira kandi muzokomeza kubirya gushika aho muzokwimburira ivyo mu mwaka ugira icenda.
23 "The land must not be sold permanently, for it is mine; for you are only foreigners and temporary residents with me. Ntihaze hagire uwugurisha itongo rimwe burundu, kuko amatongo ari ayanje namwe mukaba ba kavantara n’abakozi banje.
24 Throughout the land you possess, you are to grant a right of redemption for the land. Mu gihugu cose muhawe ngo mucegukire, muze mutegurire amatongo igihe co gucungurwa.
25 "If your brother becomes poor and sells part of his land, his nearest redeemer must come redeem what his brother sold. Umwisirayeli wo mu bwoko bwanyu niyakena akagurisha igice c’itongo ryiwe, uwo mu ncuti ziwe za hafi aze acungure rya tongo yagurishije.
26 If a man has no redeemer but prospers and finds enough to redeem it, Ariko uwo muntu niyaba atagira uwo kumucungurira iryo tongo, ariko hanyuma agatunga akaronka ivyo kuricungura,
27 he calculates the years since the sale, returns the balance to the buyer, and returns to his property. aze aharure ikiguzi gikwiranye n’igihe rimaze uhereye igihe yarigurisha ace asubiza ayasigaye uwari yariguze; aho rero azoce asubirana itongo ryiwe.
28 But if he lacks means to repay him, what he sold stays with the buyer until Jubilee; it releases then, and he returns to his property. Ariko nataronka ivyo kurigaruza, aho yagurishije haze hagume ari aha nyene kuhagura kugeza ku mwaka wa Yubile. Haze hasubizwe kuri Yubile, hasubire kuba aha nyeneho.
29 "If someone sells a house in a walled city, redemption rights last a full year from the sale. For that whole year the seller keeps this right. Umuntu niyagurisha inzu iri mu gisagara kizitijwe inzitiro, azoba ashobora kuyicungura mu kiringo c’umwaka kuva igurishijwe. Muri ico kiringo gusa ni ho azoba ashobora kuyicungura.
30 If not redeemed within a full year, the house in the walled city belongs to its buyer permanently, generation after generation; it isn't released at the jubilee. Niyaba atashoboye kuyicungura ico kiringo kikamurengana, iyo nzu iri mu gisagara kizitijwe uruzitiro ize yegukire nyene kuyigura n’uruvyaro rwiwe. Ntize isubizwe mu gihe ca Yubile.
31 Houses in villages without walls count as open fields; they may be redeemed and go free at Jubilee. Ariko inzu ziri mu mihana ahantu hatagira inzitiro zize zifatwe nk’amatongo. Zirashobora gucungurwa, kandi zize zisubizwe kuri Yubile.
32 "The Levites may always redeem the houses in the Levite cities they possess. Abalewi bazokwama bafise uburenganzira bwo gucungura inzu zabo ziri mu bisagara vyagerewe Abalewi.
33 If a Levite doesn't redeem it, the house sold in his city is released at jubilee, for houses in Levite cities are their property among Israel. Nuko rero amatongo y’Abalewi ashobora gucungurwa; yaba inzu yagurishijwe iri mu gisagara ico ari co cose bagabiwe, kandi ize isubizwe mu gihe ca Yubile, kuko inzu muri ivyo bisagara vy’Abalewi ari umugabane wabo mu Bisirayeli.
34 But the pasture fields around their cities cannot be sold; they are their permanent possession. Ariko ahantu h’uburagiro bwegukira ibisagara vyabo ntivyemewe kuhagurisha; ni umugabane wabo imyaka yose.
35 "If your brother becomes poor and cannot support himself among you, help him like a foreigner or resident, so he may live among you. Umuntu wo mu bwoko bwanyu niyakena ntashobore kuronka ikimutunga kimubeshaho, muze mumufashe nk’uko mwobikorera umunyamahanga canke inyambukira iri muri mwebwe, kugira ngo ashobore kubaho muri mwebwe.
36 Charge him no interest or profit, but fear your Father, so your brother may live alongside you. Ntimuze murondere kumuronkako inyungu iyo ari yo yose, ariko muze mwubahe Imana yanyu, kugira ngo uwo muntu wo mu bwoko bwanyu ashishikare kuba muri mwebwe.
37 You shall not lend him your money at interest or give him your food for profit. Ntimuze mumugurane amahera mwiteze ko abungukira canke ngo mumugurisheko ivyo gufungura mugomba kumwungukako.
38 I am your Father, who brought you out of Egypt to give you Canaan and be your Father. Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye mu gihugu ca Egiputa kugira ngo ndabahe igihugu c’i Kanani nongere ndababere Imana.
39 "If your brother beside you becomes poor and sells himself to you, don't make him work as a slave. Nihagira uwo mu bwoko bwanyu aba umukene ari muri mwebwe hanyuma akigurisha kuri mwebwe, ntimuze mumukoreshe nk’umugurano.
40 He will be with you as a hired worker, as a resident, serving with you until Jubilee Year. Aze akoreshwe nk’umukozi aca ingero canke nk’umunyamahanga aba muri mwebwe, aze abakorere gushika ku mwaka wa Yubile.
41 Then he and his children go free from you, returning to his clan and ancestral property. Hanyuma we n’abana biwe baze bidegemvye, na we aze asubire mu muryango wiwe no mw’itongo rya ba sekuruza.
42 For they are my servants, whom I brought from Egypt; they must not be sold as slaves are sold. Kuko Abisirayeli ari abakozi banje, abo naguze nkabakura muri Egiputa, ntibaze bagurishwe nk’abagurano.
43 You shall not rule over him harshly, but you are to fear your Father. Ntimuze mubatwaze igitugu, ariko mwubahe Imana yanyu.
44 "As for your male and female slaves: you may buy them from the nations around you. Abagurano n’abaguranokazi banyu baze bave mu mahanga abakikuje; muri abo ni ho muzoshobora kugura abagurano.
45 Also buy from the foreign residents among you, and from their families with you, born in your land; they become your property. Mushobora kandi kubagura mu bantu b’inyambukira baba muri mwebwe no mu bo mu miryango yabo bavukiye iwanyu, na bo bazoba inyegu zanyu.
46 You may leave them to your children as inherited property, holding them for life. But over your fellow Israelites you must not rule harshly, one over another. Mushobora no kubaraga abahungu banyu kandi mushobora kubatunga nk’abagurano ubuzima bwabo bwose, ariko ntimuze mutwaze amanyama Umwisirayeli mugenzi wanyu.
47 "If a foreigner or resident among you prospers and your brother becomes poor beside him, selling himself to the foreigner or to a branch of the foreigner's family, Uwo mu banyamahanga aba muri mwebwe niyatunga maze uwo mu bwoko bwanyu agakena akigurisha kuri uwo munyamahanga aba muri mwebwe canke ku bo mu muryango wiwe,
48 he may be redeemed after he has sold himself. One of his brothers may redeem him. aze agumane uburenganzira bwo gucungurwa amaze kwigurisha, uwo mu ncuti ziwe ashobora kumucungura.
49 His uncle or cousin may redeem him, or a close relative from his clan may redeem him; or if he affords it, he redeems himself. Sewabo canke inarume canke muvyarawe canke incuti iyo ari yo yose yo mu muryango wiwe ishobora kumucungura; canke niyatunga, ashobora kwicungura.
50 He and his buyer is to reckon from the year he sold himself to the Jubilee; the price follows the years, like a hired worker's wage. We n’uwo yamuguze baze baharure uhereye umwaka yamuguzemwo kugeza ku mwaka wa Yubile. Igiciro co kumucungura kize giharurwe bakoresheje impembo y’umukozi muri iyo myaka yose.
51 If many years remain, he refunds a proportionate amount of his purchase price as his redemption payment. Nihaba hasigaye imyaka myinshi, aze arihe igice kinini c’amahera yaguzwe.
52 If few years remain until Jubilee, he must calculate and refund his redemption price accordingly. Nihaba hasigaye imyaka mike ngo Yubile ishike, aze aharure amahera asigaye abe ari yo ariha.
53 He is to be with him as one hired year by year, not ruled over harshly in your sight. Aze afatwe nk’umukozi yahawe akazi ku mwaka ku mwaka; muze mubikurikirane neza kugira ngo uwo yamuguze ntamutwaze amanyama.
54 If he isn't redeemed this way, he and his children go free together in the Jubilee Year. Naho atoshobora gucungurwa muri ubwo buryo, we n’abana biwe baze bidegemvye mu mwaka wa Yubile,
55 Israel's people are my servants, whom I brought out of Egypt. I am your Father." Kuko Abisirayeli ari abakozi banje, abo naguze nkabakura muri Egiputa. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]