Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Leviticus 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father said to Moses, Uhoraho abwira Mose ati:
2 "Tell Aaron and his sons to be careful with the holy offerings Israel's people dedicate to me, so they don't desecrate my holy name. I am your Father. “Barira Aroni n’abahungu biwe bitondere cane amashikanwa Abisirayeli bateguye kunshikanira, kugira ngo ntibahumanye izina ryanje. Ndi Uhoraho.
3 "Tell them: In every generation, any descendant of yours who is unclean and approaches the holy offerings Israel's people dedicate to me will be cut off from my presence. I am your Father. Ubabwire uti: ‘Uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, nihagira umwe wo mu ruvyaro rwanyu azoba ahumanye ariko akegera amashikanwa yera Abisirayeli bangeneye jewe Uhoraho, uwo muntu aze akurwe imbere yanje. Ndi Uhoraho.
4 "No descendant of Aaron with a skin disease or discharge may eat the holy offerings until clean. Whoever touches something unclean from a corpse, or a man who has a semen emission, Uwo mu ruvyaro rwa Aroni azogwara imibembe canke akagira ibimuva mu bihimba vy’irondoka, ntaze arye ku bimazi vyera gushika igihe azohumanurirwa. Azoba kandi ahumanye niyakora ku kintu candujwe n’umuvyimba canke n’umuntu yasheshe imbuto ziwe,
5 or touches any swarming creature that makes him unclean, or a person who makes him unclean, whatever his uncleanness. canke niyakora ku gakoko gatoya kose gashobora kumuhumanya, canke ku muntu wese yomuhumanya, ubuhumane ubwo ari bwo bwose.
6 Whoever touches it is unclean until evening and must not eat the holy offerings unless he has washed his body in water. Uwuzokora ku kintu nk’ico azoba ahumanye gushika ku mugoroba. Ntaze yegere ibimazi vyera kiretse amaze kwiyuhagira n’amazi.
7 At sunset he is clean; then he may eat the holy offerings, for it is his food. Izuba niryarenga, azoba ahumanuwe, hanyuma yaho azoba yemerewe kurya ku bimazi vyera, kuko ari imfungurwa ziwe.
8 He must not eat anything dead or torn by wild animals, for that makes him unclean. I am your Father. Ntaze arye igikoko capfuye ata wucishe canke icatabaguwe n’ibikoko vyo mw’ishamba, kuko yohava avyiyandurisha. Ndi Uhoraho.
9 Priests must keep my instructions, or bear guilt and die for treating them with contempt. I am your Father, who makes them holy. Abaherezi baze bitondere ivyo nihanikirije vyose kugira ngo ntibaze batsindwe n’urubanza bagahava bapfa bazize ko babikengereye. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.
10 "No outsider may eat the holy offering; no guest or hired worker of a priest may eat it. Ntihaze hagire umuntu atari uwo mu muryango w’abaherezi, umushitsi agendeye umuherezi canke umukozi wiwe, arya ku bimazi vyera.
11 But if a priest buys a slave with his own money, that slave may eat it; those born in the priest's house may eat his food. Ariko uwo muherezi niyagura umugurano n’amahera yiwe, canke niyaba ari umugurano yavukiye mu nzu yiwe, uwo mugurano ashobora kurya ku ndya ziwe.
12 If a priest's daughter marries a non-priest, she may not eat the holy contributions. Umukobwa w’umuherezi niyarongorwa n’uwundi muntu atari umuherezi, ntazoba yemerewe kurya ku vyera vyashikaniwe Imana.
13 But if a priest's daughter is widowed or divorced, has no child, and returns to her father's house as in her youth, she may eat her father's food. No outsider may eat it. Ariko umukobwa w’umuherezi niyaba umupfakazi canke akahukana, kandi ata bana araronka, hanyuma agasubira mu nzu kwa se nk’uko yari ari atararongorwa, azoba yemerewe kurya kuri izo ndya za se. Nta muntu n’umwe atabifitiye uburenganzira akwiye kurya kuri izo ndya.
14 "Anyone who eats a holy offering by mistake must add a fifth of its value and give it to the priest. Nihagira uwurya ku bimazi vyera atabizi, aze arihe uwo muherezi ico kimazi yariye yongereko ica gatanu c’ikiguzi caco.
15 Priests must not desecrate the holy offerings Israel's people present to me, Abaherezi ntibaze bakengereze ibimazi vyera Abisirayeli bashikaniye Uhoraho
16 and bring guilt requiring payment on them by their eating their holy offerings. For I am your Father, who makes them holy." mu kubemerera kubiryako bikabazanira gutsindwa, maze bigatuma batanga indishi. Ndi Uhoraho kandi ni jewe ndabeza.’ ”
17 Then our Father said to Moses, Uhoraho abwira Mose ati:
18 "Tell Aaron, his sons, and all Israelites: When any of you—native-born or a foreigner living in Israel—brings a burnt offering to me, to fulfill a vow or as a voluntary gift. “Vugana na Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose uti: ‘Nihagira n’umwe wo muri mwebwe, yaba Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe, azotanga impano y’ikimazi co guturirira Uhoraho, caba ari ico gushitsa isezerano canke ico atanze avyishakiye,
19 Present a male without defect from cattle, sheep, or goats, so it's accepted for you. aze atange ishuri itagira agasembwa akuye mu busho bwiwe, intama canke impene, kugira ngo ikimazi ciwe cemerwe.
20 Do not present anything with a defect, because it will not be accepted on your behalf. Ntimuze muzane igikoko na kimwe gifise agasembwa, kuko kitazokwemerwa nk’ikimazi mutanze.
21 When anyone brings a peace offering to me from herd or flock to fulfill an extraordinary vow or as a freewill offering, it must be flawless to be accepted—no defect in it. Nihagira uwuzana ikivuye mu masho canke mu mikuku kw’ikimazi c’ishimwe k’Uhoraho co gushitsa isezerano canke co gushikana kuko avyishakiye, kize kibe ikitagira agasembwa canke umugayo kugira ngo cemerwe.
22 Do not offer me anything blind, broken, maimed, wart-covered, scabbed, or oozing. Do not put any of these on the altar as a food offering to me. Ntimuze mushikanire Uhoraho icahumye, icamugaye canke icacitse amaboko canke amaguru, icagwaye urukoma canke uruhere canke ibisebe. Ntimuze muzane ku gicaniro ikimazi kimeze gityo ngo kibe ikimazi gishikaniwe Uhoraho giturizwa umuriro.
23 You may present an ox or sheep that's deformed or stunted as a voluntary offering, but it won't be accepted for a vow. Mushobora kuzana ikimazi mutanze muvyishakiye; ishuri, intama canke impene ifise ukuguru canke ukuboko kugufi cane canke kurekure cane canke ngufi cane, ariko ntikizokwemerwa nk’ikimazi co gushitsa isezerano.
24 Don't offer me an animal with testicles bruised, crushed, torn, or cut. Don't do this in your own land. Ntimuze mushikanire Uhoraho igikoko gifise amatengatwa yamenetse, yajanjaguritse canke yacitse. Ntimuze mubikorere mu gihugu canyu,
25 You must not accept such animals from a foreigner to offer as your Father's food, since they are deformed and defective—they will not be accepted for you." kandi ntimuze mwemere ibikoko nk’ivyo mubihawe n’umunyamahanga ngo mubitange nk’imfungurwa z’Imana yanyu. Ntibizokwemerwa, kuko bimugaye kandi bifise agasembwa.’ ”
26 Then our Father said to Moses, Uhoraho abwira Mose ati:
27 "When a calf, lamb, or goat is born, it stays with its mother seven days; from the eighth day on, it is acceptable as a food offering to me. “Nihavuka inyana, umwagazi w’intama canke w’impene, ize igumane na nyina imisi indwi. Kuva ku musi ugira umunani kubandanya, izoba yemewe gutangwa kw’ikimazi co guturirira Uhoraho.
28 Do not slaughter a cow or a sheep and its young on the same day. Ntimuze mukerere inka canke intama n’inyana canke n’umwagazi wayo ku musi umwe.
29 "When you sacrifice a thank offering to me, sacrifice it so you'll be accepted. Nimwatanga ikimazi co gukenguruka k’Uhoraho, muze mugitange ku buryo cemerwa.
30 It must be eaten that same day; leave none of it until morning. I am your Father. Kize kiribwe kuri uwo musi nyene; ntimuze musigaze na kimwe gushika mu gitondo. Ndi Uhoraho.
31 "Keep my commands and follow them. I am your Father. Muze mwitwararike ivyo ndabategeka kandi mubigendere. Ni jewe Uhoraho.
32 Do not desecrate my holy name; I must be honored as holy among the Israelites. I am your Father, who makes you holy, Ntimuze mukengereze izina ryanje. Ukwera kwanje gukwiye kumenyekana mu Bisirayeli. Ni jewe Uhoraho nabejeje
33 and who brought you out of Egypt to be your Father. I am your Father." ndabakuye mu gihugu ca Egiputa kugira ngo ndababere Imana. Ndi Uhoraho.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]