Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The messenger of our Father went up from Gilgal to Bochim and said, "I brought you up out of Egypt into the land I swore to your fathers. I said, 'I will never break my covenant with you. Umumarayika w’Uhoraho aduga ava i Gilugali aja i Bokimu, avuga ati: “Nabaduganye ndabakuye muri Egiputa ndabashikana mu gihugu narahiye ko nzoha ba sogokuruza banyu. Naravuze ko ntazorenga kw’isezerano nagiranye na bo.
2 You will make no covenant with this land's people; tear down their altars.' But you have not obeyed my voice. What have you done? Ku ruhande rwanyu mwemeye ko mutazogirana isezerano na rimwe n’ababa muri iki gihugu, mwemera ko muzosangangura ibicaniro vyabo. Ariko ntimwanyumviye. Mbega ivyo mwabitumwe n’iki?
3 So now I say: I won't drive them out before you; they'll be thorns in your sides, their gods a trap to you." None rero ndababwiye ko ntazobirukana imbere yanyu. Bazobabera nk’amahwa abacumita mu mbavu, imana zabo na zo zibabere imitego.”
4 When the messenger of our Father spoke these words to all the Israelites, the people wept aloud. Uwo mumarayika w’Uhoraho amaze kubwira Abisirayeli bose ivyo, abantu baraturikisha bararira.
5 And they named that place Bochim, and there they sacrificed to our Father. Aho hantu baca bahita Bokimu, bisigura “Kurira”, baca bahashikanira Uhoraho ibimazi.
6 When Joshua dismissed the people, the Israelites each went to claim their own land inheritance. Yosuwa amaze kurungika Abisirayeli, baciye baja gufata igihugu, umuryango wose uja gufata aho wahawe.
7 The people served our Father throughout the days of Joshua and the elders who outlived him, having seen all the great work our Father did for Israel. Abantu bakorera Uhoraho mu gihe cose Yosuwa yari akiriho no mu gihe c’abatware bakoranye na we, abo yasize amaze gupfa, abari barabonye ibikomeye Uhoraho yari yarakoreye Isirayeli.
8 Joshua son of Nun, servant of our Father, died at 110 years old. Yosuwa mwene Nuni, umusavyi w’Uhoraho, apfa amaze imyaka ijana na cumi.
9 They buried him in his inheritance land at Timnath-heres, in Ephraim's hill country, north of Mount Gaash. Bamuhamba mw’itongo yagabanye i Timunati-Hereki, mu ntara yo mu misozi ya Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi.
10 That whole generation was also gathered to their ancestors, and another generation rose after them who did not know our Father or the work he did for Israel. Urwo runganwe rumaze guhamvya ba sekuruza, haza urundi rutari rwarigeze rumenya Uhoraho canke ngo rubone ivyo Uhoraho yakoreye Isirayeli.
11 Israel's people did evil in our Father's sight and served the Baals. Nuko Abisirayeli bakora ibibi mu maso y’Uhoraho, bongera bakorera ibigirwamana vyitwa Bayali.
12 They abandoned our Father, the God of their fathers, who brought them out of the land of Egypt. They followed other gods of the surrounding peoples, bowed to them, and provoked our Father to anger. Bava k’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza babo, yabakuye muri Egiputa, bakurikira imana zitandukanye z’abantu babana na bo, barazisenga. Ivyo bituma uburake bw’Uhoraho buziriringa,
13 They abandoned our Father and served Baal and the Ashtaroth. kuko bari bayivuyeko bagakorera ibigirwamana Bayali na Ashitaroti.
14 So our Father's anger flared against Israel, and he handed them to raiders who plundered them, selling them to surrounding enemies, so they could no longer stand against them. Ivyo bituma Uhoraho arakira Isirayeli, abarekuriramwo abasuma babanyaga ivyabo. Abagurisha ku bansi babo bari babakikuje kuko batari bagishoboye kubagwanya.
15 Everywhere they marched out, our Father's hand was against them for harm, as he had said and sworn to them. They were in dire distress. Igihe cose Abisirayeli baja kugwana, ukuboko kw’Uhoraho kwarabagwanya bakaneshwa nk’uko yari yarabisezeranye. Nuko baja mu kwihebura gukomeye.
16 Then our Father raised up judges who saved them from the hand of their raiders. Hanyuma Uhoraho ahagurutsa abacamanza, barokora Abisirayeli mu maboko y’abari barabanyaze.
17 But they would not listen even to their judges. They prostituted themselves to other gods and bowed to them, quickly turning from the way their fathers walked, who had obeyed our Father's commands; they would not do the same. Ariko Abisirayeli ntibumvira abo bacamanza, ahubwo bashira imitima ku zindi mana, barazisenga. Nuko bihutira kuva mu nzira za ba sekuruza kuko bobo bagendera mu kwumvira ivyagezwe vy’Uhoraho.
18 When our Father raised up judges, he was with each judge and rescued them from their enemies all that judge's days; for our Father was moved to compassion by their groaning under their oppressors. Igihe cose Uhoraho yabahagurukiriza umucamanza, yabana na we akabarokora mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza yaba akiriho, kuko Uhoraho yaterwa akagongwe n’amaborogo avuye ku gacinyizo bagirirwa n’abansi babo.
19 But when the judge died, they turned back and grew more corrupt than their fathers, following other gods to serve and bow down to them. They abandoned none of their practices or stubborn ways. Ariko uwo mucamanza amaze gupfa, abantu baca basubira gukora ibibi biruta n’ivya ba sekuruza, bagakurikira izindi mana, bakazikorera bakongera bakazisenga. Banka guheba ibikorwa vyabo bibi n’ubugarariji bwabo.
20 So our Father's anger flared against Israel, and he said, "Because this nation has broken my covenant that I commanded their fathers, and has not obeyed my voice, Ni co catumye Uhoraho arakira Isirayeli cane, avuga ati: “Ko ubu bwoko bwarenze isezerano nagiranye na ba sekuruza babo, bakanka gukurikiza amabwirizwa yanje,
21 I will no longer drive out any nation Joshua left when he died, nta hanga na rimwe Yosuwa yapfuye atanesheje nzokwirukana imbere yabo.
22 to test Israel by them: whether they'd keep our Father's way, walking in it as their fathers did, or not." Nzokoresha ayo mahanga mu kugerageza Abisirayeli kugira ngo ndabe ko boguma mu nzira z’Uhoraho, bakagenda nk’uko ba sekuruza bagenda.”
23 So our Father left those nations, not driving them out quickly, and did not give them into Joshua's hand. Ni co gituma Uhoraho yaretse ayo mahanga akagumaho, ntiyigera ayirukana canke ngo yemere ko Yosuwa ayamara yose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]