Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Judges 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Samson went down to Timnah and saw a young woman there, one of the daughters of the Philistines. Umusi umwe, Samusoni amanuka i Timuna, abona umwigeme w’Umufilisitiya, aramwipfuza.
2 He went up and told his father and mother, "I saw a Philistine woman in Timnah; now get her for me as my wife." Agarutse i muhira, abwira se na nyina ati: “Nashimye umukobwa w’Umufilisitiya i Timuna, muramunsabira, nipfuza ko twubakana ambere umugore.”
3 His father and mother said, "Is there no woman among your relatives or all my people, that you must take a wife from the uncircumcised Philistines?" But Samson told his father, "Get her for me; she's right in my eyes." Se na nyina bamwishura bati: “Mbega nta mukobwa n’umwe wo mu miryango ya Isirayeli yoshobora kuba umugore wawe, aho urongora uwo mu ntakebwa z’Abafilisitiya?” Ariko Samusoni abarira se ati: “Genda umunsabire, kuko ni we numva nashimye.”
4 His father and mother did not know this was from our Father, who sought a reason to move against the Philistines, for at that time the Philistines ruled Israel. Se na nyina ntibari bazi ko ivyo vyari bivuye k’Uhoraho kugira ngo haboneke akaryo ko kugwanya Abafilisitiya bari baganje Abisirayeli ico gihe.
5 Samson went down to Timnah with his father and mother. At Timnah's vineyards, a young lion came roaring at him. Samusoni n’abavyeyi biwe bariko baramanuka bashika ku ruzabibu rw’i Timuna, intambwe itera Samusoni itontoma.
6 The Spirit of our Father rushed on him, and he tore the lion apart with his bare hands like a young goat, but told neither his father nor mother what he'd done. Ako kanya Mpwemu w’Uhoraho amuzako n’ubushobozi bwinshi, aca ayitabaguza intoke nk’uko yotabagura umwagazi w’impene. Ariko ivyo ntiyigeze abibwira se na nyina.
7 Then he went down and talked with the woman, and she was right in Samson's eyes. Nuko Samusoni aramanuka i Timuna, avugana na wa mugore aca aramukunda cane.
8 Later, returning to marry her, he turned aside to look at the carcass of the lion. And there inside was a swarm of bees, and honey. Haheze igihe, ari mu nzira asubira i Timuna kugira ngo bagire ubugeni, akebereza gato hirya y’inzira kugira ngo arabe igikankara ca ya ntambwe, asanga cuzuyemwo inzuki nyinshi n’ubuki.
9 He scooped the honey into his hands and ate as he walked. Reaching his father and mother, he gave them some, and they ate. But he did not tell them he had scooped it from the lion's carcass. Aca abuhakuza amaboko agenda araburya. Ashikiriye abavyeyi biwe arabahako na bo bararya. Ariko ntiyigeze ababwira ko yabukuye mu magufa y’iyo ntambwe.
10 His father went down to the woman, and Samson held a feast there, as young men did. Mu gihe se wa Samusoni yari yagiye gutunganya ibisigaye ku bw’ubukwe, Samusoni yagize umusi mukuru i Timuna, nk’uko vyaba mu migenzo y’abasore.
11 When the people saw him, they brought thirty companions to be with him. Abavyeyi b’umugeni bamubonye, bamutoraniriza imisore mirongo itatu ngo ibe abagendanyi biwe.
12 Samson told them, "Let me pose you a riddle. Solve it within the seven feast days and I'll give you thirty linen wraps and thirty sets of clothes. Samusoni arababwira ati: “Reka ndabahe igisokozo. Nimwashobora kumpa inyishu mu misi indwi tuzomara turi mu misi mikuru, nzobaha imitamana mirongo itatu yera cane, hamwe n’imyambaro y’impuzu mirongo itatu.
13 But if you can't answer, give me thirty linen garments and thirty sets of clothes." They said, "Tell your riddle; let us hear it." Ariko namwe nimutagitora muzompa imitamana mirongo itatu yera cane, hamwe n’imyambaro y’impuzu mirongo itatu.” Na bo baramubwira bati: “Tubwire ico gisokozo.”
14 He said, "Out of the eater came something to eat; out of the strong came something sweet." For three days they couldn't solve the riddle. Arababwira ati: “Mu muryi havuyemwo ivyokurya, mu munyenkomezi havuyemwo ibisosa.” Inyuma y’imisi itatu ntibari bwaronke inyishu.
15 On the fourth day they told Samson's wife, "Coax your husband into explaining the riddle for us, or we'll burn you and your father's household to death. Did you invite us here to rob us?" Ku musi ugira kane, babwira umugore wa Samusoni bati: “Hendahenda umugabo wawe agusigurire igisokozo yaduhaye, ahandi ho turaguturirana n’inzu ya so. Mwaduhamagariye ngaha kugira ngo mudusahure utwacu?”
16 Samson's wife wept on him: "You only hate me; you don't love me. You gave my people a riddle but haven't told me its answer." He said, "I haven't told my father or mother, so why tell you?" Maze umugore wa Samusoni amugwako arira, avuga ati: “Urambesha ntunkunda, ahubwo uranyanka. Ni kubera iki ab’iwacu wabahaye igisokozo hanyuma ntiwambarira inyishu?” Na we aramwishura ati: “Na data na mama nta co nabasiguriye, wewe nari kukigusigurira kubera iki?”
17 She cried on him the seven days of their feast, and on the seventh he told her, because she pressed him. Then she told the riddle to her people. Wa mugore aca yama arira igihe cose yaba ari kumwe na Samusoni muri iyo misi mikuru. Ariko ku musi ugira indwi, Samusoni abarira umugore wiwe inyishu, kuko yama ariko aramuririra i ruhande. Na we aca aja kubwira iyo nyishu ba basore.
18 On the seventh day, before sunset, the townsmen told him, "What's sweeter than honey? What's stronger than a lion?" Samson answered, "If you hadn't plowed with my heifer, you'd never have solved my riddle." Ku musi ugira indwi, imbere y’uko izuba rirenga, ba bantu baza aho Samusoni ari, bamubwira bati: “Mbega ni igiki gisosa gusumvya ubuki? Ni igiki gikomeye gusumvya intambwe?” Samusoni arababwira ati: “Iyo mutarimisha ishashi yanje ntimwari kumenya igisokozo canje.”
19 Then the Spirit of our Father rushed on him. He went down to Ashkelon, killed thirty of their men, took their belongings, and gave their clothes to those who solved the riddle. Burning with anger, he went up to his father's house. Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako mu nkomezi nyinshi. Aca aja mu gisagara ca Ashikeloni, ahica abagabo mirongo itatu, abambura ivyabo, impuzu zabo aziha bamwe basigura ca gisokozo. Ariko Samusoni ababazwa cane n’ivyabaye, hanyuma asubira i muhira, abana na se na nyina.
20 Samson's wife was given to his companion, the one who had been his best man. Umugore wa Samusoni aca arongorwa n’umwe mu bagendaniye Samusoni mu misi mikuru yiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]