Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joshua 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the whole Israelite community gathered at Shiloh and set up the tent of meeting there, since the land was subdued before them. Abisirayeli bose bakoranira i Shilo haba ari ho bashinga Ihema ry’Ibonaniro, kandi ico gihugu cose cari gisigaye kiganzwa na bo.
2 Seven tribes remained among the children of Israel who had not yet received their inheritance. Ariko hariho imiryango indwi y’Abisirayeli itari bwaronke iragi ryayo.
3 Then Joshua asked the Israelites, "How long will you delay entering to possess the land our Father, the God of your fathers, has given you? Nuko Yosuwa abarira Abisirayeli ati: “Mbega muzorindira gushika ryari kugira ngo mufate iki gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye?
4 Provide three men per tribe; I will send them to go through the land, write it up for their inheritance, and return to me. Nimuhitemwo abantu batatu batatu mu muryango wose, hanyuma ndabarungike kugendagenda ico gihugu, baheze bagire icegeranyo cereye iragi ryabo ryose hamwe, hanyuma bagaruke aho ndi.
5 They will divide it into seven parts: Judah stays in its territory to the south, and Joseph's house stays in its territory to the north. Ico gihugu baze bakigaburemwo ibice indwi. Yuda azogume mu ntara yiwe mu bumanuko, Yosefu na we mu buraruko.
6 Write up the land in seven parts and bring it here to me, and I will cast lots for you here before our Father. Nimwamara kwandika ico cegeranyo c’ivyo bice indwi, nzoheza ngirire ubupfindo imbere y’Uhoraho Imana yacu.
7 The Levites have no portion among you—the priesthood of our Father is their inheritance. Gad, Reuben, and half the tribe of Manasseh already received their inheritance east of the Jordan, given them by Moses, servant of our Father." Ariko Abalewi bobo nta ntara bazotorana muri mwebwe, kuko igikorwa c’ubuherezi c’Uhoraho ari ryo ragi ryabo. Kandi Gadi na Reyubeni n’igice c’umuryango wa Manase baramaze kuronka iragi ryabo mu buseruko bwa Yorodani. Mose umusavyi w’Uhoraho yarahabahaye.”
8 The men set out, and Joshua ordered those going to write up the land: "Go, walk through the land, write it up, return to me, and here I will cast lots for you before our Father in Shiloh." Abantu bagira bave hasi ngo bagende kugira igicapo c’ico gihugu, Yosuwa arababwira ati: “Genda murabe neza ico gihugu, muheze mugire igicapo caco. Maze muzogaruke aho ndi, nzoheza nkoreshe ubupfindo ndi aha nyene i Shilo imbere y’Uhoraho.”
9 The men went, crossed the land, wrote it up by cities into seven portions on a scroll, and returned to Joshua at the camp in Shiloh. Ba bantu baca baragenda, baca muri ca gihugu cose. Bagira igicapo caco kigabuyemwo ibice indwi, berekana n’ibisagara biri mu gice cose. Baca bagira icegeranyo baraheza bagaruka aho Yosuwa ari mw’ikambi i Shilo.
10 Joshua cast lots for them at Shiloh before our Father, and there Joshua divided the land among the Israelites, allotting to each their portion. Yosuwa araheza akoresha ubupfindo i Shilo imbere y’Uhoraho, araheza akigaburira Abisirayeli akurikije uko imiryango yabo iri.
11 The lot for the tribe of the descendants of Benjamin came up by their families; their lot's border went out between the descendants of Judah and the descendants of Joseph. Ubupfindo bwa mbere bwerekanye intara y’umuryango wa Benyamini n’abakuru b’inzu ziwugize. Yari hagati y’intara yahawe Yuda n’iyahawe Yosefu.
12 Their north border started at the Jordan, rose to the ridge north of Jericho, went up through the hills westward, and ended at the wilderness of Beth-aven. Mu buraruko, urubibe rw’intara yabo rutangurira ku ruzi Yorodani, rugaca haruguru y’imimanuko ya Yeriko, rukagenda rutumbereye mu burengero rugaca mu misozi miremire no mu bugaragwa bwa Beti-Aveni.
13 From there the border crossed southward to Luz, to its slope (Bethel), then down to Ataroth-addar, on the hill south of Lower Beth-horon. Ruvuye aho ruca ku mimanuko yo hepfo ya Luzi, ari yo Beteli, rukamanuka muri Atorati Adari, hepfo y’imisozi ya Beti-Horoni.
14 The border curved and turned south on the west side, from the hill facing Beth-horon southward, ending at Kiriath-baal (Kiriath-jearim), a town of Judah's descendants. This was the west side. Ruvuye kuri iyo misozi irabana na Beti-Horoni mu bumanuko urwo rubibe ruca ruhindukira rukamanuka rukagenda rutumbereye mu burengero gushika i Kiriyati-Bayali, ari ho Kiriyati-Yeyarimu, igisagara c’Abayuda. Aho hari ku ruhande rw’amaja mu burengero.
15 The south side started at Kiriath-jearim's edge; the border ran west to the spring of Nephtoah's waters. Uruhande rwo mu bumanuko rutangurira hirya y’igisagara Kiriyati-Yeyarimu amaja mu burengero, rugaserukira ku mariba ya Nefutowa.
16 The border descended to the edge of the hill facing the Valley of Ben-hinnom, at the north end of the Valley of Rephaim, then down the Valley of Hinnom to the southern slope of the Jebusites, and on to En-rogel. Urwo rubibe ruca rumanuka rugaca ku ntango y’imisozi irabana n’ikiyaya ca Beni-Hinomu, mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu. Ruca rubandanya rukamanuka mu kiyaya ca Hinomu rugakikama musi y’imimanuko y’igisagara c’Abayebusi rugaca rushikira muri Eni-Rogeli.
17 It turned north to En-shemesh, went on to Geliloth opposite the ascent of Adummim, then down to the Stone of Bohan son of Reuben. Ruca ruhindukira rukaraba mu buraruko, rukaja muri Eni-Shemeshi rukabandanya i Geliloti, aharabana n’inzira ya Adumimu, rugaca rumanuka kw’ibuye rya Bohani mwene Reyubeni.
18 Passed to the slope facing the Arabah northward, then went down into the Arabah. Ruca Rubandanya amaja mu buraruko ruciye ku mumanuko wa Beti-Araba rukabandanya rumanuka rugashika muri Araba.
19 The border ran to Beth-hoglah's north slope, ending at the Dead Sea's north bay, at the Jordan's south end. This was the south border. Ruca ruduga rugaca haruguru y’umumanuko wa Beti-Hogila rugaserukira amaja mu buraruko bw’Ikiyaga c’Umunyu naho uruzi Yorodani rwisuka. Urwo ni rwo rwari urubibe rw’amaja mu bumanuko.
20 The Jordan bordered it on the east. This was the inheritance of the Benjaminites, with its surrounding borders, by their families. Yorodani ni rwo rwari urubibe rwo mu buseruko. Izo ni zo mbibe zerekana impande zose z’umugabane warazwe umuryango wa Benyamini ku mpande zose.
21 The cities of Benjamin's tribe, by clans, were Jericho, Beth-hoglah, Emek-keziz, Umuryango wa Benyamini n’abakuru b’inzu ziwukomokako, wahawe ibisagara bikurikira: Yeriko, Beti-Hogila, Emeki Kezizi,
22 Beth-arabah, Zemaraim, Bethel, Beti-Araba Zemarayimu, Beteli,
23 Avvim, Parah, Ophrah, Avimu, Para, Ofura,
24 Chephar-ammoni, Ophni, and Geba—twelve cities with their villages. Kefari-Amoni, Ofuni na Geba. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bibiri hamwe n’imihana yari ibikikuje.
25 Gibeon, Ramah, Beeroth, Hakabamwo na Gibeyoni, Rama, Beroti,
26 Mizpeh, Chephirah, Mozah, Misipehi, Kefira, Moza,
27 Rekem, Irpeel, Taralah, Rekemu, Iripeli, Tarala,
28 Zela, Haeleph, the Jebusite city—Jerusalem—Gibeah, and Kiriath: fourteen cities with their villages. This is the inheritance of Benjamin's descendants by their families. Zela, Hayelefu, Yebusi ari co Yerusalemu, Gibeya na Kiriyati. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bine biri kumwe n’imihana yari ibikikuje Iryo ni ryo ryari iragi ry’umuryango wa Benyamini.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]