Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Job 38 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father answered Job out of the whirlwind: Maze Uhoraho avuganira na Yobu mu gihuhusi, ati:
2 "Who is this that darkens counsel with words without knowledge? “Mbega uwo ni nde agira ubusa imigambi yanje, mu majambo yiwe atagiramwo ubwenge?
3 Brace yourself like a man; I will question you, and you will answer me. Kenyera magabo rero uze, kuko mfise ivyo ngomba kukubaza, nawe uheze unyishure.
4 Where were you when I laid the foundations of the earth? Tell me, if you have understanding. Mbega wari hehe igihe nashiraho imfatiro z’isi? Nyishura nimba ufise ico ubitahurako.
5 Who set its measurements—surely you know! Or who stretched the measuring line across it? Ni nde yayitambutse amatambwe, nimba ubizi? Ni nde yayipimishije umugozi?
6 On what were its footings sunk, or who laid its cornerstone, Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbwe mu ki? Ni nde yayishiriyeho amabuye y’imfuruka,
7 when the morning stars sang together and all the heavenly beings shouted for joy? igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zaririmbira hamwe, abana b’Imana na bo bagatera impundu?
8 Or who shut in the sea with doors when it burst forth from the womb, Ni nde yashingiye akarimbi ikiyaga igihe cari gisendanishije nk’ikivuye mu nda,
9 when I made the clouds its garment and thick darkness its swaddling cloth, nkacambika ibicu nk’umutamana, nkagitwikira umwijima w’umuzitanya,
10 when I fixed my limit for it and set its bars and doors, igihe nagishingira uburimbi, nkagishiriraho imiryango n’ivyugazo,
11 and said, 'This far you may come, but no farther; here your proud waves must halt'? nkavuga nti: ‘Aha ni ho uzogarukira, imipfunda yawe yiterera hejuru ntizorenge aha’?
12 Have you ever commanded the morning, or assigned the dawn its place, Mbega warigeze utegeka umusi kubaho, canke ngo wereke umutwenzi aho utamanzurira?
13 that it might seize the edges of the earth and shake the wicked out of it? Warigeze utegeka umuco ngo ukwire impera z’isi zose, kugira ngo wirukane ibikorwa bibi vyo mu mwijima?
14 The earth takes shape like clay under a seal, and its features stand out like the folds of a garment. Umuco iyo uje, isi igira imero kurya kw’ibumba rigiyeko ikidodo; kurya kw’impuzu ishizweko ibisharizo.
15 From the wicked their light is withheld, and their upraised arm is broken. Inkozi z’ibibi bazimye umuco zikeneye, ukuboko kwazo kudugijwe hejuru kuravunaguwe.
16 Have you journeyed to the springs of the sea, or walked in the recesses of the deep? Mbega uragendagenda ugashika kw’isoko ry’ikiyaga, canke uratembera ngo ushike i bwina haco?
17 Have the gates of death been revealed to you, or have you seen the gates of deep darkness? Mbega urerekwa amarembo y’urupfu? Urabona amarembo y’igitutu c’urupfu?
18 Have you grasped the vast expanse of the earth? Tell me, if you know all this. Mbega uratahura ubunini bw’isi? Nyishura niwaba ubizi.
19 Where is the way to the home of light, and where is the dwelling of darkness, Nyereka inzira ija iwabo w’umuco, n’aho umwijima uba.
20 that you could lead it to its territory and know the paths to its house? Mbega wobiherekeza ukabishikana aho biba? Urazi inzira ija ku mihana yavyo?
21 Surely you know, for you were already born, and the number of your days is great! Ariko ndazi urabizi kuko wavutse bitararemwa, kandi ukaba uri inararibonye!
22 Have you entered the storehouses of the snow, or seen the storehouses of the hail, Mbega uramaze kwinjira mu bubiko bwa shelegi, canke uramaze kubona ububiko bw’urubura,
23 which I have reserved for times of trouble, for the day of battle and war? ivyo naziganirije imisi y’ivyago, ari yo misi y’intambara n’ingwano?
24 What is the way to the place where the light is parted, or the east wind scattered over the earth? Mbega umuravyo uravya uvuye hehe? Canke umuyaga wo mu buseruko ukwira kw’isi uvuye hehe?
25 Who cut a channel for the flooding rain and a path for the thunderstorm, Ni nde yaciriye isegenya imigende ishungurukamwo, agacira inzira umuravyo?
26 to bring rain on a land where no one lives, on a desert with no human in it, Ni nde agwisha imvura kw’isi itamera, no mu bugaragwa butagiramwo abantu?
27 to satisfy the parched and desolate ground and make the thirsty land sprout with grass? Ni nde arungika imvura ngo inyweshe isi igadutse, kugira ngo imere ibiterwa?
28 Does the rain have a father? Who fathered the drops of dew? Mbega imvura irafise se yayivyaye? Ni nde yavyaye ikime?
29 From whose womb did the ice come, and who gave birth to the frost of heaven, Urubura rwavuye mu nda ya nde? N’ibicu bikanye cane vyavyawe na nde?
30 when the waters harden like stone and the surface of the deep freezes solid? Iyo igikonyozi kije, amazi ahinduka nk’ibuye, hejuru ku mazi y’ikiyaga hakagumarara.
31 Can you bind the chains of the Pleiades, or loosen the cords of Orion? Mbega wofata inyenyeri ukazibuza kugendagenda? Canke ukabohora imigozi y’inyenyeri zitwa Oriyoni?
32 Can you bring out the constellations in their season, or lead the Bear with her cubs? Woshobora gutuma ibihe bigenda bikuranwa n’ibindi? Ukarongora idubu n’ivyana vyaryo?
33 Do you know the laws of the heavens? Can you set their rule over the earth? Mbega urazi amategeko agenga ijuru? Mbega ni wewe ugerera Imana ubutware kw’isi?
34 Can you raise your voice to the clouds and make a flood of water cover you? Mbega woshobora gukankamira ibicu, kugira ngo bigusukeko isegenya y’imvura?
35 Can you send out the lightning bolts so they go, reporting to you, 'Here we are'? Ni wewe urungika imituragaro mu nzira zayo? Mbega iraza ikakwiyereka ikakubwira iti: ‘Ehe twaje’?
36 Who put wisdom in the heart, or gave understanding to the mind? Mbega ni nde ashira ubwenge mu mitima, imitwe akayiha ugutahura?
37 Who has the wisdom to number the clouds? Who can tip over the water jars of heaven, Ni nde afise ubwenge bwomushoboza guharura ibicu? Ni nde yohengeka imibindi y’amazi yo mw’ijuru,
38 when the dust hardens into a mass and the clods cling together? iyo isi yakomantaye nk’igitandara, ibinonko bikibumba?
39 Can you hunt the prey for the lioness, or satisfy the hunger of the young lions, Mbega ni wewe uhigira intambwe ico irya, canke ni wewe uhaza inzara y’intare?
40 when they crouch in their dens or lie waiting in the thicket? Iyo zibunze mu vyobo vyazo, canke iyo zitegurira gutera mw’ishamba?
41 Who provides food for the raven when its young cry out to me and wander about for lack of food?" Iyo ibikona bishonje, bikansemerera kugira ngo ndabigaburire, ni wewe ubihaza?
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]