Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 49 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Concerning the Ammonites: this is what our Father says: Has Israel no sons, no heir? Why has Milcom taken possession of Gad, and his people settled in its cities? Ku vyerekeye Abamoni: Uku ni ko Uhoraho avuze: “Mbega Abisirayeli ntibari bafise abahungu? Mbega ntibari bafise abo kuraga? None ni kuki Moleki yigaruriye intara ya Gadi? Ni kuki abantu biwe baba mu bisagara vyaho?
2 Therefore the days are coming, declares our Father, when I will sound the battle cry against Rabbah of the Ammonites; it will become a desolate mound, and its villages will be burned with fire. Then Israel will dispossess those who dispossessed him, says our Father. Ariko, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze, aho nzovuza inzamba y’urugamba rwo kugwanya i Raba ho mu Bamoni; hazohinduka ikigunguzi c’isakamburira, kandi n’imihana ihakikuje izotongozwa umuriro. Maze Abisirayeli bazosohora abigeze kubasohora hanze, ni ko Uhoraho avuze.
3 "Wail, Heshbon, for Ai is laid waste! Cry out, daughters of Rabbah! Put on mourning clothes and mourn; run back and forth among the walls, for Milcom will go into exile, together with his priests and officials. Boroga, yewe Heshiboni, kuko Hayi hasanganguwe! Nimurire cane, yemwe bantu muba i Raba! Nimwambare amagunira mugandare; nimwiruke irya n’ino muri mu nzitiro; kuko Moleki izojanwa ari inyagano, hamwe n’abaherezi bayo n’abatware bayo.
4 Why do you boast of your valleys, your fruitful valley, faithless daughter—you who trusted in your treasures, saying, 'Who would dare come against me?'" Ni kuki mwishimira ibiyaya vyanyu, mukishimira ibiyaya vyanyu vyimbuka? Mukobwa Amoni utizigirwa, wizigira ubutunzi bwawe maze ukavuga ngo: ‘Ni nde yoza kungwanya?’
5 I am about to bring terror upon you, declares the Father of heaven's armies, from all those around you. You will be driven out, each one headlong, with no one to gather the fugitives. Nzoguteza ibiteye ubwoba bivuye mu mpande zose, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. Umwe wese muri mwebwe azojanwa, kandi nta n’umwe azokwegeranya abahunze.
6 Yet afterward I will restore the fortunes of the Ammonites, declares our Father. Ariko, naho biri uko, nzosubira kwubaka Abamoni, ni ko Uhoraho avuze.”
7 About Edom: so says the Father of heaven's armies: Is there no more wisdom in Teman? Has counsel perished from the prudent? Has their wisdom rotted? Ku vyerekeye Edomu: uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Mbega nta bwenge bukiri i Temani? Mbega inama nziza yarahonye mu banyabwenge? Mbega ubwenge bwabo bwaguye ingese?
8 "Flee, turn back, hide in the depths, you who live in Dedan, for I will bring disaster on Esau at the time I punish him. Hindukira uhunge, wihishe mu binogo birebire, wewe uba i Dedani, kuko nzozana icago kuri Esawu aho nzomuhanira.
9 If grape-pickers came to you, would they not leave a few gleanings? If thieves came in the night, would they not steal only what they wanted? Abimbuzi b’inzabibu baje kwimbura mw’itongo iwawe, mbega ntibasigaza dukeya? Ibisuma biguteye mw’ijoro, mbega ntivyokwiba ivyo bikeneye vyose?
10 But I myself have stripped Esau bare; I have uncovered his hiding places, and he cannot conceal himself. His offspring are destroyed, his brothers and his neighbors, and he is no more. Ariko jewe nzosiga Esawu ari gusa; nzokwerekana ibibanza yinyegezamwo, kandi ntazosubira kuronka aho yihisha. Abana biwe bazohona, hamwe n’abavukanyi biwe n’ababanyi biwe kandi ntazokwongera kubaho.
11 Leave your orphans behind; I will keep them alive. Let your widows trust in me." Siga impfuvyi zawe; nzokingira ubugingo bwazo. Kandi n’abapfakazi banyu bakwiye kunyizigira.”
12 This is what our Father says: Those not sentenced to drink the cup still drink it—will you go free? No, you must drink. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nimba abatari bakwiye kunywa ku gikombe bategerezwa kukinywako, ni kuki mwogenda mudahanywe? Ntimuzogenda mudahanywe, ariko muzotegerezwa kukinywako.
13 For I have sworn by myself, declares our Father: Bozrah will become a horror, a disgrace, a ruin, and a curse, and all its towns will be everlasting ruins. Indahiro ni jewe nyene,” ni ko Uhoraho avuze: “I Bozira hazohinduka umusaka kandi hazoba akabarore, n’aho kuvuzako agahwa no kuvumwa; kandi n’ibisagara vyaho bizoba imisaka ibihe bidashira.”
14 I have heard a message from our Father: an envoy has been sent among the nations to say, 'Gather together and march against her! Rise up for battle!' Numvise inkuru ivuye k’Uhoraho kandi intumwa yatumwe ku mahanga kuyabwira iti: “Nimwegerane muhatere! Nimuhaguruke muje mu ntambara!”
15 Now I will make you small among the nations, despised among mankind. “Ubu, ngiye kukugira muto mu yandi mahanga, ube inkengerwa mu bantu bose.
16 The terror you inspire and the pride of your heart have deceived you, you who live in the clefts of the rock, who occupy the height of the hill. Though you build your nest as high as the eagle's, from there I will bring you down, declares our Father. Gutera abantu ubwoba hamwe n’ubwibone bw’umutima wawe vyaraguhenze; wewe wibera mu myobo yo mu bitandara, ukagerera mu mataba y’imisozi miremire. Naho wokwarika icari cawe kure nk’inkona, nzokumanurayo, ndagukororere hasi ni ko Uhoraho avuze.
17 Edom will become an object of horror; all who pass by will be appalled and will scoff at all her wounds. Edomu hazotuma abantu bajugumira, abahaca bose bazohinda agashitsi bavuze agahwa kubera ibikomere vyaho.
18 As Sodom and Gomorrah were overthrown, along with their neighboring towns, says our Father, so no one will live there, no human being will reside in her. Nk’uko Sodomu na Gomora hasambuwe, hamwe n’ibisagara vyari bihakikije, ni ko Uhoraho avuze, ni ko ata muntu n’umwe azosubira kuhaba; nta bantu bazosubira kukibamwo.
19 "Like a lion coming up from the thickets of the Jordan to a lush, green pasture, I will suddenly chase Edom from its land. Who is the chosen one I will appoint over it? For who is like me, and who can summon me? What shepherd can stand against me? Nk’uko intare iduga iva mu bibundo vya Yorodani ije gutera mu buragiro butotahaye, ni ko nzokwirukana Abanyedomu ndabakure mu gihugu cabo mu kanya isase. Ni nde yatoranijwe nzotuma kunkorera ivyo? Ni nde ameze nkanje kandi ni nde yompangara? Ni uwuhe mwungere yoza kumpagarara imbere?”
20 Therefore hear the plan our Father has devised against Edom, and the purposes he has formed against those who live in Teman: Even the little ones of the flock will be dragged away; surely their pasture will be appalled at their fate. Nuko rero, nimwumve umugambi Uhoraho yateguye wo kugwanya Edomu, n’imigabo yagize yo kugwanya ababa i Temani: Imyagazi yo mu mikuku izojanwa; uburagiro bwabo buzoherengetezwa nk’uko vyashinzwe kuri bo.
21 At the sound of their fall the earth will quake; the sound of their cry will be heard at the Red Sea. Isi niyumva ugutemba kwabo izojugumira; ijwi ry’amaborogo yabo rizosamirana gushika ku Kiyaga Gitukura.
22 Look! An eagle will soar and swoop, spreading its wings over Bozrah. In that day the hearts of Edom's warriors will be like the heart of a woman in labor." Raba! Inkona izoduga maze yarare, isanze amababa yayo kuri Bozira. Kuri uwo musi imitima y’abahizi ba Edomu izoba nk’umutima w’umugore ari ku gise.
23 "About Damascus. Hamath and Arpad are ashamed, for they've heard bad news, melting in fear, anxious as a restless sea. Ku vyerekeye Damasiko: “Hamati na Arupadi batekewe n’ubwoba, kuko bumvise inkuru mbi. Bahagaritse umutima, babuze uburagamo nk’ikiyaga gisuriranya.
24 Damascus has grown feeble; she has turned to flee, and panic has gripped her. Anguish and pain have seized her, like the pain of a woman in labor. Damasiko hahindutse nk’umunyantegenke, hahindukiye inyuma harahunga kandi hafashwe n’ubwoba bwinshi; umubabaro n’agahinda birabafashe, uburibwe nk’ubw’umugore ari ku gise.
25 Why has the city of praise not been abandoned, the town in which I delight? Ni kuki ico gisagara rurangiranwa kitahebwe, igisagara nanezererwa?
26 Surely her young men will fall in her streets; all her soldiers will be silenced in that day, declares the Father of heaven's armies. Ni ukuri, abasore baho bazogwa mu mabarabara; abasoda baho bose bazozibwa akanwa kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
27 I will set fire to the walls of Damascus; it will consume the fortresses of Ben-hadad." “Nzodomeka inzitiro z’i Damasiko; maze umuriro uzotongora iminara ya Beni-Hadadi.”
28 Concerning Kedar and the kingdoms of Hazor, which Nebuchadnezzar king of Babylon struck down. This is what our Father says: Rise up, advance against Kedar! Destroy the people of the east! Ku vyerekeye Kedari n’ubwami bw’i Hazori, ubwo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yateye: Uku ni ko Uhoraho avuze: “Haguruka, utere Kedari kandi uherengeteze abantu bo mu buseruko.
29 Their tents and their flocks will be taken—their tent curtains and all their goods. Their camels will be carried off, and people will shout to them, 'Terror on every side!' Amahema yabo n’imikuku yabo bizonyagwa; insago zabo zizonyagwa hamwe n’ibirimwo vyose n’ingamiya. Abantu bazokwiha akamo bati: Iterabwoba riri impande zose!
30 Flee quickly! Hide in the depths, you who live in Hazor, declares our Father, for Nebuchadnezzar king of Babylon has formed a plan against you; he has devised a strategy against you. Hunga ningoga! Guma mu masenga, yemwe ababa i Hazori, ni ko Uhoraho avuze. Nebukadineza umwami w’i Babiloni yagiye inama yo kukugirira nabi; agufitiye umugambi mubi.
31 Rise up, advance against a nation at ease, that lives in confidence, declares our Father—a nation with neither gates nor bars, that dwells alone. Haguruka utere ihanga ryari ryiraramiye, bari bazi ko bibereye mu mutekano, ni ko Uhoraho avuze, ihanga ritagira amarembo canke imyugariro; abantu baho bibera ukwabo.
32 Their camels will become plunder, and their great herds will be spoil. I will scatter to every wind those who clip the corners of their hair, and from every side I will bring disaster on them, declares our Father. Ingamiya zabo zizoba isahu, amasho yabo manini azoba iminyago y’intambara. Nzosanzariza mu birere vyose abimosha ibimwerere kandi nzobateza ivyago bivuye mu mpande zose, ni ko Uhoraho avuze.
33 Hazor will become a haunt of jackals, a desolation forever. No one will live there, no human being will reside in her. Hazori hazoba ikirimbiro ry’imbwebwe, ahantu h’ubugaragwa ibihe vyose. Nta muntu n’umwe azoba akihaba; nta bantu bazongera kuhaba.”
34 The word of our Father to Jeremiah the prophet about Elam, as Zedekiah king of Judah began his reign: Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana ryerekeye Elamu, mu ntango y’ingoma ya Zedekiya umwami w’i Buyuda:
35 This is what the Father of heaven's armies says: I am breaking Elam's bow, the source of their strength. Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: “Raba, nzovuna umuheto wa Elamu, ari wo nkomezi zabo.
36 I will bring against Elam the four winds from the four quarters of heaven; I will scatter them to all these winds, and there will be no nation where Elam's exiles do not go. Nzoteza Elamu imiyaga ine ivuye mu mfuruka zine z’amajuru; nzobasanzaza ku miyaga ine, kandi nta hanga na rimwe ritazojamwo abahunze bava i Elamu.
37 I will shatter Elam before their enemies, before those who seek to kill them. I will bring disaster on them, my fierce anger, declares our Father; I will pursue them with the sword until I have made an end of them. Nzosanzaza Elamu imbere y’abansi babo, imbere y’abipfuza kubica; nzobateza ivyago, ndetse n’uburake bwanje bw’inkazi, ni ko Uhoraho avuze. Nzobakinagiza n’inkota kugeza ndabaherengeteje.
38 I will set my throne in Elam and destroy her king and officials, declares our Father. Nzoshinga intebe yanje y’ubwami i Elamu ndandure umwami waho n’abatware baho, ni ko Uhoraho avuze.
39 Yet in the days to come I will restore the fortunes of Elam, declares our Father. Ariko nzosubira kwubaka Elamu mu misi izoza, ni ko Uhoraho avuze.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]