Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jeremiah 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 That year, early in Zedekiah king of Judah's reign, the fourth year, fifth month, the prophet Hananiah son of Azzur from Gibeon told me in the house of our Father, before the priests and all the people: Mu kwezi kwa gatanu kw’uwo mwaka, umwaka ugira kane, mu misi ya mbere y’ingoma ya Zedekiya umwami w’i Buyuda, kamenyi Hananiya mwene Azuri, yava i Gibeyoni, arambwira turi mu Ngoro y’Uhoraho imbere y’abaherezi n’abantu bose ati:
2 "The LORD of heaven's armies, Israel's God, says: I have broken the king of Babylon's yoke. “Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nzovunagura ingogo y’umwami w’i Babiloni.
3 Within two years I'll bring back to this place all the LORD's house vessels Nebuchadnezzar king of Babylon took from here to Babylon. Mu myaka ibiri nzogarukana aha hantu ibikoresho vyose mu Ngoro y’Uhoraho ivyo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yakuye ngaha akabijana i Babiloni.
4 Jeconiah son of Jehoiakim, Judah's king, and all Judah's exiles taken to Babylon I will bring back here, declares the LORD, for I will break Babylon's king's yoke." Kandi nzogarukana aha hantu Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda n’abajanywe bose ari inyagano i Babiloni bakuwe i Buyuda,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘kuko nzovunagura ingogo y’umwami w’i Babiloni.’ ”
5 Jeremiah the prophet answered Hananiah the prophet before the priests and all the people standing in the house of our Father. Maze umuvugishwa Yeremiya yishura uwo muvugishwa Hananiya bari imbere y’abaherezi n’abantu bose bari bahagaze ngaho mu Ngoro y’Uhoraho;
6 The prophet Jeremiah said: "Amen! May our Father do so. May he confirm the words you have prophesied, by bringing back the vessels of our Father's house and all the exiles from Babylon to this place. amubwira ati: “Amen! Icompa Uhoraho akabikora uko! Icompa Uhoraho agashitsa amajambo uvugishijwe akagarukana ibikoresho vyo mu Ngoro y’Uhoraho n’abajanywe ari inyagano i Babiloni bakagaruka hano.
7 But listen now to this word I am speaking to you and to all these people: Ariko rero, niwumve ivyo ngomba mvugire imbere yawe n’imbere y’abantu bose:
8 Prophets before us long ago prophesied war, disaster, and plague against many nations and great kingdoms. Kuva mu bihe vya kera abavugishwa bakwitangiye imbere na jewe twavugishijwe ivy’intambara, ikiza n’icago bizoba ku bihugu vyinshi n’ubwami bukomeye.
9 The prophet who prophesies peace proves truly sent by our Father only when his word comes true." Ariko umuvugishwa avugishwa ivy’amahoro azomenyekana ko vy’ukuri yatumwe n’Uhoraho mu gihe ivyo yavugishijwe bizoba bishitse gusa.”
10 Then Hananiah the prophet took the yoke-bar off the neck of Jeremiah the prophet and broke it, Maze uwo muvugishwa Hananiya afata ya ngogo yari ku bitugu vy’uwavugishwa n’Imana Yeremiya arayivunagura,
11 Hananiah told all the people, "This is what the LORD says: So I will break the yoke of Nebuchadnezzar king of Babylon off every nation's neck within two years." Then Jeremiah the prophet left. aca avugira imbere y’abantu bose ati: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Uku ni ko nzovunagura ingogo y’umwami Nebukadineza umwami w’i Babiloni nkayikura ku bitugu vy’amahanga mu gihe kitarenze imyaka ibiri.’ ” Avuze ivyo, uwavugishwa n’Imana Yeremiya aca arigira.
12 After Hananiah broke the yoke-bar off the prophet Jeremiah's neck, our Father's word came to Jeremiah: Inyuma y’igihe gitoya umuvugishwa Hananiya ahejeje kuvunagura ya ngogo ku bitugu vy’umuvugishwa Yeremiya, ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya riti:
13 "Go, tell Hananiah: our Father says: You broke wooden bars but will make iron ones. “Genda ubwire Hananiya uti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Wavunaguye ingogo y’igiti, ariko mu gishingo cayo uzoronka ingogo y’icuma.
14 For this is what the Father of heaven's armies, our Father of Israel, says: I've put an iron yoke on all these nations' necks to serve Nebuchadnezzar king of Babylon, and they will. I've even given him the wild animals." Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli avuze: Nzoshira ingogo y’icuma ku bitugu vy’aya mahanga ngo ndabahe gukorera Nebukadineza umwami w’i Babiloni, kandi bazomukorera. Mbere nzomuha no kuganza ibikoko vyo mw’ishamba.’ ”
15 "Jeremiah the prophet said to Hananiah the prophet, 'Listen, Hananiah! Our Father did not send you; you have made this people trust a lie.' Maze uwavugishwa n’Imana Yeremiya abwira uwo muvugishwa Hananiya ati: “Umve, yewe Hananiya! Uhoraho ntiyagutumye, ariko wabwiye aba bantu ngo bizigire ibinyoma.
16 So our Father says: I remove you from the earth this year; you die for preaching rebellion against our Father." Kubera ivyo, uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Ngiye kugukura kw’isi. Muri uwu mwaka nyene ugiye gupfa, kuko wigishije abantu kugarariza Uhoraho.’ ”
17 And Hananiah the prophet died that same year, in the seventh month. Mu kwezi kw’indwi kw’uwo mwaka nyene, umuvugishwa Hananiya arapfa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]