Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the days of Ahaz son of Jotham, son of Uzziah, king of Judah, Rezin king of Aram and Pekah son of Remaliah king of Israel marched on Jerusalem to fight it, but could not overpower it. Ku ngoma ya Ahazi mwene Yotamu, Yotamu mwene Uziya umwami w’i Buyuda, Rezini umwami w’i Siriya hamwe na Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli bagiye gutera i Yerusalemu, ariko biranka ko bahafata.
2 When the house of David heard, "Aram has joined forces with Ephraim," the hearts of Ahaz and his people shook like forest trees before the wind. Abo mu nzu ya Dawidi babwirwa ngo: “Siriya yifatanije na Efurayimu.” Umwami Ahazi n’abantu bose baranduka imitima, bahinda agashitsi kurya kw’ibiti bihuye n’umuyaga w’igihuhusi.
3 Then our Father told Isaiah, "Go meet Ahaz, you and your son Shear-jashub, at the end of the upper pool's channel, on the road to the Launderer's Field, Maze Uhoraho abarira Yesaya ati: “Sohoka ujane n’umuhungu wawe Sheyari-Yashubi, muje guhura na Ahazi muhurire aho umugende ujana amazi kw’itangi yo haruguru ugarukira, ku nzira ija aho bamesurira.
4 and tell him: Take care, stay calm, don't be afraid or lose heart over these two smoking stubs of firewood—over the fierce anger of Rezin, Aram, and Remaliah's son. Umubwire uti: ‘Tekana ugumye umutima, ntugire ubwoba. Ntucike ivutu kubera uburake bwa Rezini na Siriya hamwe na mwene Remaliya. Bameze nk’ibiti biri mu ziko bifumba umwotsi gusa.
5 Because Aram, along with Ephraim and the son of Remaliah, has plotted evil against you, saying, Abana ba Siriya, Efurayimu na Remaliya bagiye inama yo kukugwanya, bavuga bati:
6 'Let us march up against Judah, terrify it, split it open for ourselves, and set the son of Tabeel as king over it,' “Reka dutere i Buyuda, tuhagabangane hagati yacu maze mwene Tabeyeli tumugire umwami waho.”
7 this is what the Sovereign Father says: It will not stand, and it will not happen. Ariko uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ivyo ntibizoba, ntibizokwigera biba,
8 For the head of Aram is Damascus, and the head of Damascus is Rezin. Within sixty-five years Ephraim will be shattered—no longer a people. kuko Siriya ntihakomeye gusumvya umugwa mukuru waho, Damasiko. Kandi Damasiko ntihakomeye gusumvya umwami waho, Rezini. Nayo mu myaka mirongo itandatu n’itanu, aba Efurayimu bazoherengetezwa ntibabe bacitwa ihanga.
9 The head of Ephraim is Samaria, and the head of Samaria is the son of Remaliah. If you do not stand firm in faith, you will not stand at all." Umugwa mukuru wa Efurayimu ni Samariya, kandi uwuganza Samariya ni mwene Remaliya. Nimba mudashikamye mu kwizera, ntimuzohagarara na gatoya.’ ”
10 Our Father spoke to Ahaz again, saying, Uhoraho arasubira atuma kuri Ahazi,
11 "Ask your Father for a sign; make it deep as the grave or high as the heavens." ati: “Saba Uhoraho Imana yawe aguhe ikimenyetso, caba ikiri kure i kuzimu, canke kure hejuru mu kirere.”
12 But Ahaz said, "I will not ask, and I will not put our Father to the test." Ariko Ahazi avuga ati: “Nta kimenyetso nsaba, sinokwubahuka kugerageza Uhoraho.”
13 Isaiah said, "Listen, house of David! Isn't it enough that you weary people? Must you weary my Father too? Maze Yesaya aca avuga ati: “Nimwumve rero yemwe abakomoka kuri Dawidi! Mbega ntibihagije kugerageza ukwihangana kw’abantu? None mugomba no kugerageza ukwihangana kw’Imana yanje na kwo?
14 So the Sovereign Father himself will give you a sign: Look, the virgin will conceive, bear a son, and name him Immanuel. Ko bimeze uko Imana izokwitangira ikimenyetso yo nyene: inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli.
15 He will eat curds and honey by the time he knows to reject evil and choose good. Azotungwa n’amata avuze hamwe n’ubuki gushika amaze kumenya gutandukanya ikibi n’iciza.
16 Before the boy knows to reject evil and choose good, the land whose two kings you dread will be abandoned. Ariko imbere yo kumenya gutandukanya ivyo, ibihugu vy’abo bami babiri utinya cane bizoba bisigaye ari ubugaragwa ata muntu akihaba.
17 Our Father will bring on you, your people, and your father's house days unlike any since Ephraim broke from Judah—the king of Assyria. Uhoraho azozana ivyago bikomeye kuri mwebwe no ku bwoko bwanyu no ku muryango wanyu. Muzoterwa n’ubwoba mutigeze mugira kuva Abefurayimu bitandukanije n’Abayuda. Azorungika umwami wa Ashuri abatere.”
18 In that day our Father will whistle for the fly from Egypt's distant streams and for the bee in the land of Assyria, Uwo musi Uhoraho azovuza uruhwa gusa, maze isazi zizanane kw’isesero ry’uruzi Nili, inzuki na zo zizanane mu gihugu ca Ashuri.
19 and they will all come and settle in the steep ravines and in the clefts of the rocks, on all the thornbushes and at all the watering holes. Zizozira icarimwe zisagaze ku mimanuko ihanamye, mu masenga yo mu bitandara, ku bisaka vy’amahwa yose no ku binogo vy’amazi vyose.
20 In that day the Sovereign Father will shave—with a razor hired from beyond the Euphrates, the king of Assyria—the head and leg hair, and sweep the beard away too. Uwo musi Uhoraho azokota urwembe akuye hakurya y’uruzi Efurate ari rwo mwami wa Ashuri, arukoreshe mu kubamwa ahantu hose: imitwe yanyu, ahari ubwoya hose, hamwe n’ubwanwa.
21 In that day a man will keep alive a young cow and two sheep, Inyuma y’ivyo bihe, umuntu atunze azoba afise inyana y’inka imwe hamwe n’impene zibiri gusa.
22 and because of the abundance of milk, he will eat curds; all left in the land will eat curds and honey. Ariko hazoba umusesekara w’amata zizokamwa, kuko igihugu kizoba casigayemwo abantu bake cane. Amasigarira azoba yasigaye mu gihugu azonywa amata avuze arye n’ubuki.
23 That day, every place with 1,000 vines worth 1,000 silver pieces will become thorns and thornbushes. Uwo musi ahahora hari umurima w’imizabibu igihumbi wogurwa shekeli igihumbi z’ifeza nyene, hazosigara hari imikere n’ibitovu gusa.
24 People come there with arrows and bow, for all the land will be thornbushes and thorns. Abahigi bazokwinjirayo bitwaje imyampi n’imiheto, kuko igihugu cose kizoba cuzuye amahwa n’ibitovu.
25 You will not go to the hills once worked with the hoe, for fear of the thornbushes and thorns; they become pasture for cattle and trampling ground for sheep." Nayo imitumba yahora irimishwa amasuka, ntimuzoba mukiyishikako kubera gutinya amahwa n’ibitovu. Hazohinduka uburagiro ibitungwa bizorishamwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]