Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Woe to Ariel, Ariel, the city where David encamped! Add year to year; let the feasts keep coming round. Uzobona ibara yewe Ariyeli, Ariyeli, igisagara Dawidi yabayemwo! Ku mwaka ku mwaka nimwigirire imisi mikuru y’urutavanako,
2 Yet I will press hard on Ariel, and there will be mourning and lament; she will become to me like an altar hearth. Ariko nzoza nugarize Ariyeli; hazoba amarira no gucura intimba. Kuko Yerusalemu hazoba ico izina Ariyeli risigura, ni igicaniro cuzuyeko amaraso.
3 I will encamp against you all around; I will besiege you with a wall and raise up siegeworks against you. Nzokwugariza impande zose, nkuziguze ibirindiro, nkurundire ibirundo vyo kwuririrako kugira ngo ndakugwanye.
4 You will be brought low; from the ground you will speak, and your words will be muffled in the dust. Your voice will come from the earth like a ghost's, and your speech will whisper out of the dust. Nzokumanura hasi, usigare uvugira mw’ivu, amajambo yawe uyadebagure ava mu mukungugu. Ijwi ryawe rizokwumvikana nk’iry’umuzimu riva mw’ivu, ryongorere riva mu mukungugu.
5 But the horde of your enemies will become like fine dust, and the horde of the ruthless like blowing chaff. And it will happen in an instant, suddenly. Ariko mu kanya isase, abansi banyu naho ari benshi, bazocika umukungugu, n’ingabo zabo ziteye ubwoba, zizoba nk’umuguruka ugururwa n’umuyaga. Buno nyene, mu kanya isase,
6 You will be visited by the Father of heaven's armies with thunder and earthquake and a great roar, with whirlwind and storm and the flame of a devouring fire. Uhoraho Mushoboravyose azoza kugutabara azanye inkuba na nyamugigima hamwe n’ukwasana gukomeye, n’agashururu, n’igihuhusi hamwe n’imbeya z’umuriro utongora.
7 And the horde of all the nations that wage war against Ariel, all who fight against her and her stronghold and press hard on her, will be like a dream, a vision of the night. Ingabo z’amahanga yose agwanya igisagara Ariyeli, zikagiterana n’inzitiro zaho zikagikikuza, zizokamangana nk’indoto, canke ukwerekwa kwo mw’ijoro.
8 It will be as when a hungry man dreams he is eating, and wakes with his hunger unsatisfied; or as when a thirsty man dreams he is drinking, and wakes faint, his thirst unquenched. So will it be with the horde of all the nations that fight against Mount Zion. Kurya uwushonje arota ariko ararya, ariko yavyuka agasanga agishonje. Kurya uwunyotewe arota ariko aranywa, ariko yavyuka agasanga akinyotewe. Uko ni ko bizomera ku ngabo z’amahanga zigwanya umusozi Siyoni.
9 Be dumbfounded and stunned; blind yourselves and be blind! They are drunk, but not with wine; they stagger, but not from strong drink. Banza muhagarare mutangare! Muhumirize amaso, mube impumyi. Muborerwe mutanyoye umuvinyu, mudandabagirane mutanyoye ibiboreza.
10 For our Father has poured out on you a spirit of deep sleep; he has shut your eyes, the prophets, and covered your heads, the seers. Kuko Uhoraho abasutseko uruhumyi, ahumishije amaso yanyu ari bo bavugishwa, atwikiriye imitwe yanyu ari bo ba kamenyi banyu.
11 The whole vision is to you like words of a sealed scroll. When they give it to one who can read, saying, "Read this, please," he says, "I can't; it's sealed." Kuko uku kwerekwa kwose kwababereye nk’amajambo yo mu gitabu kimatanishijwe ishashara. Mugihaye uwushobora gusoma mukamubwira muti: “Turakwinginze udusomere,” yobabwira ati: “Sinoshobora gusoma kuko kiramatanije.”
12 When the scroll is given to one who cannot read, saying, "Read this," he says, "I can't read." Mugihaye uwutazi gusoma na we mukamubwira muti: “Turakwinginze udusomere,” yobishura ati: “Sinzi gusoma.”
13 The Sovereign Father said: "Because this people comes near with its mouth and honors me with its lips, but its heart is far from me; their fear of me is a rule taught by men, Imana ivuze ati: “Aba bantu baza aho ndi, banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje. Ugusenga kwabo nta kindi kurimwo, atari ivyo bigishijwe n’amategeko y’abana b’abantu.
14 therefore, look, I will again do wonders with this people, wonder upon wonder; the wisdom of their wise men will perish, and the understanding of their discerning ones will vanish." None rero ngomba nsubire ntangaze aba bantu, nkore ibitangaza bidasanzwe; ubwenge bw’abanyabwenge buzokamangana, n’ubumenyi bw’abiyita ko bazi vyinshi buzohindurwa ubusa.”
15 Woe to those who go deep to hide their plans from our Father, whose deeds are done in the dark, who say, "Who sees us? Who knows us?" Bazobona ibara abamanuka kure i kuzimu ngo banyegeze imigambi yabo Uhoraho, bagakora ibikorwa vyabo bikinze umwijima kandi bibwira bati: “Hari uwutubona? Ni nde azomenya ivyo dukora?”
16 How you twist everything around! Should the potter be treated like his clay—as if the thing made could tell its maker, "He didn't make me," or the thing shaped could tell the one who formed it, "He knows nothing"? Ibintu murabicurika nk’aho womenga umubumvyi mwamunganishije n’ibumba! Mbega icabumbwe cobwira uwakibumvye kiti: “Ntiwambumvye?” Canke inkono yobwira umubumvyi iti: “Ntuzi kubumba?”
17 Is it not just a little while before Lebanon will be turned into a fruitful field, and the fruitful field counted as a forest? Hasigaye igihe gito, Libani hagacika itongo rimera cane, ahahora hamera cane na ho hagiye kuba ishamba.
18 On that day the deaf will hear the words of a scroll, and out of gloom and darkness the eyes of the blind will see. Kuri uwo musi ibipfamatwi bizokwumva amajambo yo muri ca gitabu, amaso y’impumyi azobona ave mu muzitanya no mu mwijima.
19 The humble will find fresh joy in our Father, and the poor among mankind will rejoice in the Holy One of Israel, our Father. Abaciye bugufi bazosubira kandi kunezererwa mw’izina ry’Uhoraho; aboro bazonezerererwa Uwera wa Isirayeli.
20 For the ruthless will be no more and the scoffer will be finished; all who are bent on evil will be cut off, Abateye ubwoba bazokamangana, abashinyagura bazonyika, kandi abashinze ijisho ivyo kugira nabi bazorandurwa,
21 those who with a word make a man out to be a sinner, who lay a snare for the one who defends justice at the gate, and with empty arguments turn aside the one in the right. bakoresha amajambo ngo batsindishe abantu mu manza, bagatega imitego abacamanza, kandi mu gukoresha ivyabona vy’ibinyoma uwari gutsinda mu rubanza ntatsinda.
22 Therefore this is what our Father says, who redeemed Abraham, concerning the house of Jacob: "No longer will Jacob be ashamed, no longer will his face grow pale. None rero, Uhoraho, uwacunguye Aburahamu, abwiye abakomoka kuri Yakobo ati: “Bene Yakobo ntibazokwongera kumaramara, kandi mu maso habo ntihazosubira kwijirirwa.
23 For when he sees his children, the work of my hands among them, they will keep my name holy; they will keep holy the Holy One of Jacob and stand in awe of our Father. Kuko nibabona abana babo hagati muri bo, ari bo gikorwa c’amaboko yanje, bose bazomenya ko izina ryanje ari iryera. Bazokwemera ukwera kw’Uwera wa Yakobo, batamarirwe batangarira Imana ya Isirayeli.
24 Those who wander in spirit will come to understanding, and those who grumble will accept instruction." Abo imitima yazimiye bazomenya ukuri, n’abidodomba bazokwemera kwigishwa.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]