Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ezra 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then the prophets Haggai and Zechariah son of Iddo prophesied to the Jews in Judah and Jerusalem, in the name of our Father, the God of Israel, over them. Muri ico gihe Hagayi na Zakariya mwene Ido, abavugishwa n’Imana, baravugishwa babwira Abayuda bari i Buyuda n’i Yerusalemu mw’izina ry’Imana y’Abisirayeli, ari yo yari ibarongoye.
2 Then Zerubbabel son of Shealtiel and Jeshua son of Jozadak rose and began rebuilding our Father's house in Jerusalem, the prophets of our Father with them, supporting them. Maze Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli na Yesuwa mwene Yozadaki barahaguruka ngo bongere gusanura Ingoro y’Imana y’i Yerusalemu. Kandi abavugishwa b’Imana bari kumwe na bo, ngo babafashe.
3 Then Tattenai, governor of Beyond-the-River, Shethar-bozenai, and their associates came and asked, "Who authorized you to build this house and finish this structure?" Ico gihe nyene Tatenayi, umukuru w’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate, na Shetari Bozenayi n’abo bari bafatanije baja aho bari barababaza bati: “Ni nde yabahaye uruhusha rwo gusubira kwubaka iyi Ngoro no gusanura aha hantu?”
4 They also asked, "What are the names of the men who are constructing this building?" Bongera barababaza bati: “Ni ba nde bariko barubaka iyi nzu?”
5 But their Father's eye watched over the Jewish elders, so no one stopped them until the matter reached Darius and a written answer returned. Ariko kubera inyonga z’Imana yabo zari kuri abo barongozi b’Abayuda, ntibahagaritse igikorwa kugeza bishikiriye Dariyusi na we akabishura kandi ikete ryiwe rikabashikira.
6 Copy of the letter Tattenai, governor of Beyond the River, and Shethar-bozenai with his fellow officials of Beyond the River, sent to King Darius. Iyi ni ikopi y’ikete Tatenayi, umukuru w’intara yo mu burengero bw’uruzi Efurate, na Shetari Bozenayi n’abari kumwe na bo, abakuru bo mu burengero bw’uruzi Efurate, barungikiye umwami Dariyusi.
7 They sent him a report reading: To King Darius, complete peace. Raporo bamurungikiye ni yo y’iyi: Ku mwami Dariyusi, Turabaramukije bivuye ku mutima.
8 Know, king: we went to Judah's province, to the great God's house. It's being built with huge stones, timber laid in the walls. The work proceeds diligently and thrives in their hands. Umwami yomenya neza ko twagiye mu ntara y’i Buyuda, ku Ngoro y’Imana nkuru. Abantu bariko barayubakisha amabuye maninimanini bashirako n’imbaho mu bihome. Ico gikorwa kiriko kirabandanya ata ngorane kandi kiriko kiratera kija imbere kirongowe na bo.
9 So we asked the elders, "Who authorized you to build this house and finish this structure?" Twarabajije abarongozi tuti: “Ni nde yabahaye uruhusha rwo gusubira kwubaka Ingoro no gusanura aho hantu?
10 We also asked their names, to inform you, and to record the leaders' names. Kandi twarababajije n’amazina, kugira ngo tuyakwandikire umenye amazina y’abarongozi babo.”
11 They answered us, "We are servants of our Father, the God of heaven and earth, and we are rebuilding the house built and finished many years ago by a great king of Israel. Iyi ni yo nyishu baduhaye: “Turi abasavyi b’Imana y’ijuru n’isi, kandi turiko turasanura Ingoro yari yarubatswe mu myaka myinshi yarenganye, imwe umwami ahambaye wa Isirayeli yari yarubatse akayirangiza.
12 But because our ancestors angered our Father, the God of heaven, he handed them to Nebuchadnezzar the Babylonian, king of Babylon, who destroyed this house and exiled the people to Babylon. Maze kubera ko ba sogokuruza bashavuje Imana yo mw’ijuru, vyatumye ibagabura mu maboko ya Nebukadineza Umukaludaya, umwami w’i Babiloni, ari we yasambuye iyi Ngoro agatwara abantu nk’inyagano i Babiloni.
13 But in Cyrus king of Babylon's first year, Cyrus the king decreed this house of our Father be rebuilt. Ariko, mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Babiloni agiye ku ngoma, umwami yatanze itegeko ryo gusubira kwubaka Ingoro y’Imana.
14 Cyrus the king also brought from the temple of Babylon the gold and silver vessels of the house of our Father that Nebuchadnezzar took from the temple in Jerusalem and carried to the temple of Babylon. He gave them to one named Sheshbazzar, whom he appointed governor, Yarongeye akura mu ngoro y’i Babiloni ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyahoze mu Ngoro y’Imana, ivyo Nebukadineza yari yaranyaze abikuye mu Ngoro i Yerusalemu akabijana mu ngoro i Babiloni. Nuko umwami Kuro abiha umuntu yitwa Sheshubazari, uwo yari yagenye ngo abe umukuru w’intara,
15 saying to him, 'Take these vessels, go put them in Jerusalem's temple, and let the house of God be rebuilt on its site.' kandi aramubwira ati: ‘Fata ibi bikoresho ubijane ubisubize mu Ngoro y’Imana i Yerusalemu, kandi ize yubakwe mu kibanza yahozemwo.’
16 Then this Sheshbazzar came and laid the foundations of our Father's house in Jerusalem; from then until now it has been under construction, still unfinished." Nuko uwo Sheshubazari araza ashiraho amatanguriro y’Ingoro y’Imana i Yerusalemu. Kuva ico gihe kugeza uwu musi iracubakwa ntirahera.
17 So, if the king agrees, let a search be made in the royal records in Babylon, to see if King Cyrus ordered this house of God in Jerusalem rebuilt. Then let the king send us his decision on this matter. None rero nivyaba bihimbaye umwami, nihagirwe itohoza mu vyanditswe vyabaye biri i Babiloni kugira ngo murabe koko ko umwami Kuro yoba yaratanze iryo tegeko ryo gusubira kwubaka Ingoro y’Imana i Yerusalemu. Maze umwami ace aturungikira ico azoba ategetse ku vyerekeye ico kibazo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]