Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ezra 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In the seventh month, with Israel settled in their towns, the people gathered as one in Jerusalem. Ukwezi kw’indwi gushitse, Abisirayeli bamaze gushika mu bisagara vyabo, abantu bakoranira hamwe i Yerusalemu nk’umuntu umwe.
2 Then Jeshua son of Jozadak and his fellow priests, and Zerubbabel son of Shealtiel and his associates, set to work and built the altar of our Father, to offer burnt offerings on it, as it is written in the Law of Moses, the man of our Father. Maze Yesuwa mwene Yozadaki na bagenziwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli n’abo bari bafatanije batangura kwubaka igicaniro c’Imana y’Abisirayeli kugira ngo bashobore gushikana ibimazi bituririrwa kuri co, nk’uko vyari vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.
3 They set the altar on its foundations, fearing the peoples around them, and offered burnt offerings on it to our Father morning and evening. Naho bari bafise ubwoba kubera gutinya amahanga yari abakikije, barubatse igicaniro kw’itanguriro ryaco baca bagitangirako ibimazi vyo guturirwa n’umuriro, babishikanira Uhoraho, vyaba ivyo mu gitondo canke ivyo ku mugoroba.
4 They kept the Feast of Booths as written, the daily burnt offerings in the number each day required. Maze nk’uko vyari vyanditswe, bahimbaza umusi mukuru w’insago, batanga igitigiri c’ibimazi vyo guturirwa n’umuriro nk’uko vyasabwa ku musi ku musi.
5 After that, they offered the regular burnt offerings, the new moon offerings, all our Father's sacred feasts, and gifts from anyone who brought a voluntary offering to our Father. Inyuma y’ivyo, baca bashikana ibimazi vyo guturirwa bisanzwe bitangwa, ibimazi vyo mu mboneko z’ukwezi n’ibimazi vy’imisi mikuru y’Uhoraho yose yategetswe, hamwe n’ivyazanywe n’umuntu wese ashikaniye Uhoraho avyishakiye.
6 From the first day of the seventh month, they began offering burnt offerings to our Father, though our Father's temple foundation was not yet laid. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi batangura gushikanira Uhoraho ibimazi vyo guturirwa n’umuriro, naho itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho ritari bwashirweho.
7 They paid masons and carpenters, and gave the Sidonians and Tyrians food, drink, and oil, to bring cedar logs from Lebanon by sea to Joppa, as Cyrus king of Persia had authorized them. Nuko baha amahera abubatsi n’ababaji, baha abantu b’i Sidoni n’i Tiro ivyokurya, ibinyobwa n’amavuta kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi babikuye i Libani gushika i Yopa, babicishije mu kiyaga, nk’uko vyari vyaremewe n’umwami Kuro w’i Buperesi.
8 In the second month of year two after they reached our Father's house in Jerusalem, Zerubbabel son of Shealtiel and Jeshua son of Jozadak began the work, with the rest of their people—the priests, the Levites, and all who'd returned to Jerusalem from captivity. They set Levites twenty and older over the work on our Father's house. Mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka ugira kabiri kuva bashitse i Yerusalemu ahari Ingoro y’Imana, Zerubabeli mwene Sheyalutiyeli, Yesuwa mwene Yozadaki na benewabo basigaye b’abaherezi n’Abalewi n’abari bagarutse i Yerusalemu bavuye mu kinyago, batangura igikorwa. Bashiraho Abalewi bamaze imyaka mirongo ibiri n’iyirenga ngo bakurikirane igikorwa co gusanura Ingoro y’Uhoraho.
9 Then Jeshua, his sons and brothers, and Kadmiel with his sons, sons of Judah, joined together to oversee those working on our Father's house—along with Henadad's sons, their sons and brothers, the Levites. Yesuwa n’abahungu biwe n’abo bavukana, Kadimiyeli n’abahungu biwe (bakomoka kuri Hodaviya), abahungu ba Henadadi n’abahungu babo n’abo bavukana, bose bakaba bari Abalewi, barifatanya kugira ngo bashobore gukurikirana abakozi bariko barakora ku Ngoro y’Imana.
10 When the builders laid the foundation of our Father's temple, priests in robes stood with trumpets, and Levites, sons of Asaph, with cymbals, to praise our Father as David king of Israel had ordered. Abubatsi bamaze gushiraho itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho, abaherezi bambaye ya myambaro yabo bafise n’inzamba, n’Abalewi, bene Asafu bafise n’ivyuma bisama, bafata ibibanza vyabo ngo bahimbaze Uhoraho, nk’uko vyashinzwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.
11 They sang responsively, praising and thanking our Father: "He is good; his faithful love for Israel lasts forever." All the people gave a great shout of praise, because the foundation of our Father's house was laid. Baririmbira Uhoraho indirimbo zo gutazira no gushima bati: “Ni mwiza; urukundo akunda Abisirayeli rwamaho ibihe bidashira.” Maze abantu bose barasemerera cane bahimbaza Uhoraho, kuko itanguriro ry’Ingoro y’Uhoraho ryari rimaze kwubakwa.
12 Many older priests, Levites, and clan heads who had seen the first house wept loudly as this house's foundation was laid before their eyes, while many others shouted for joy. Ariko benshi mu baherezi n’Abalewi n’abakuru b’imiryango bashaje, bari barabonye Ingoro ya mbere, bararira cane babonye itanguriro ry’iyo Ngoro yindi ririko rirubakwa, mu gihe abandi na bo bariko baravuza urwamo kubera umunezero.
13 No one could distinguish the joyful shout from the weeping, since the people shouted so loudly it was heard far off. Nta n’umwe yashobora gutandukanya akamo k’umunezero n’ijwi ry’abarira, kuko abantu basemerera cane rwose. Kandi urwamo rwarumvikana umuntu akiri kure.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]