Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Exodus 20 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father spoke all these words: Maze Imana ivuga aya majambo yose iti:
2 "I am your Father, who brought you out of Egypt's land, out of the house of slavery. “Ndi Uhoraho Imana yawe, yagukuye muri Egiputa, igihugu wabayemwo uri umugurano.
3 "Do not have any other gods before me. Ntukagire izindi mana umbangikanya.
4 "Do not make yourself a carved image, or any likeness of what's in the heavens above, on earth below, or in water under the earth. Ntukibazire ikigirwamana mw’ishusho y’ikintu na kimwe, caba ico hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi, canke i kuzimu, canke mu biyaga.
5 Do not bow down to them or serve them; I, your Father, am a jealous Father, bringing the parents' sin down on children to the third and fourth generation of those who hate me, Ntuzovyikubite imbere canke ngo ubikorere, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ipfuha, mpanira abana ivyaha vya ba sekuruza babo gushika ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane rw’abanyanka.
6 but showing covenant love to thousands of those who love me and keep my commandments. Ariko abankunda bakitondera ivyagezwe vyanje, ndabereka urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi.
7 "Do not take your Father's name in vain, for our Father will not hold guiltless anyone who takes his name in vain. Ntukavuge izina ry’Uhoraho Imana yawe ku busabusa. Kuko Uhoraho atazobura guhana abakoresha izina ryiwe ukutariko.
8 "Remember the Sabbath day, to keep it holy. Wibuke guhimbaza umusi w’Isabato mu kuweza.
9 Six days you shall labor and do all your work, Uze ukore ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu,
10 but the seventh day is a Sabbath to your Father. Do no work on it—you, your son, your daughter, your male or female servant, your livestock, or the foreigner within your gates. ariko umusi w’indwi ni Isabato y’Uhoraho Imana yawe. Kuri uwo musi, yaba wewe, umuhungu canke umukobwa wawe, yaba umukozi wawe w’umuhungu canke w’umukobwa, ibitungwa vyawe canke umunyamahanga aba iwawe, ntihaze hagire igikorwa na kimwe muwukorako.
11 For in six days our Father made the heavens, the earth, the sea, and all in them, then rested the seventh day; so our Father blessed the Sabbath day and made it holy. Kuko mu misi itandatu ari ho Uhoraho yaremye ijuru, isi n’ikiyaga, n’ibiri muri vyo vyose, hanyuma akaruhuka ku musi ugira indwi. Ni co gituma Uhoraho yahezagiye Isabato akayigira iyera.
12 "Honor your father and your mother, so your days are long in the land your Father is giving you. Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.
13 "Do not murder. Ntukice.
14 "Do not commit adultery. Ntugasambane.
15 "Do not steal. Ntukibe.
16 "Do not give false testimony against your neighbor. Ntukarementanirize ibinyoma mugenzawe.
17 "Do not crave your neighbor's house. Do not crave your neighbor's wife, his male or female servant, his ox or donkey, or anything that is your neighbor's." Ntukipfuze inzu ya mugenzawe canke umugore wa mugenzawe, umukozi wiwe w’umuhungu canke w’umukobwa, inka yiwe canke indogoba, canke ikindi kintu cose ca mugenzawe.”
18 All the people saw the thunder, the lightning flashes, the trumpet blast, and the mountain smoking. Seeing it, they trembled and stood at a distance. Abantu babonye imiravyo bakumva n’imituragaro n’ijwi ry’inzamba, bakabona n’umusozi wuzuye umwotsi, barajugumira baterwa n’ubwoba bwinshi, baguma bahagaze kure.
19 They said to Moses, "You speak with us, and we'll listen. But don't let our Father speak with us, or we'll die." Babarira Mose bati: “Twibwirire wewe nyene turakwumvira. Ntureke Imana ngo ibe ari yo itwibwirira, twohava dupfa.”
20 Moses said to the people, "Do not be afraid; our Father has come to test you, so his fear will remain with you, and you will not sin." Mose abarira abantu ati: “Ntimugire ubwoba. Imana yaje kubagerageza kugira ngo igitinyiro cayo kigume muri mwebwe, gitume mudakora ivyaha.”
21 The people stayed back, while Moses approached the thick darkness where our Father was. Maze abantu baguma bahagaze kure, Mose aba ari we wenyene yegera ico gicu kinini c’umuzitanya Imana yarimwo.
22 Then our Father said to Moses, "Tell the Israelites: You have seen for yourselves that I have spoken with you from heaven. Uhoraho abarira Mose ati: “Barira Abisirayeli uti: ‘Mwiboneye ko navuganye namwe ndi mw’ijuru.
23 Do not make gods of silver to be alongside me, nor make for yourselves gods of gold. Ntihaze hagire izindi mana mumbangikanya. Ntimukicurire ibigirwamana mu nzahabu canke mw’ifeza.
24 Make me an altar of earth, and on it sacrifice your burnt and peace offerings, your flocks and herds. Wherever I have my name remembered, I will come to you and bless you. Muze munyubakire igicaniro mukoresheje ivu, munshikanireko ibimazi vyanyu biturirwa n’umuriro, n’amashikanwa y’ishimwe, intama n’impene hamwe n’inka zanyu. Aho nzotuma mwibukira izina ryanje, nzohabasanga ndabahezagire.
25 If you make me an altar of stone, do not build it of cut stones, for wielding your tool on it desecrates it. Ariko, nimwacubaka mu mabuye, ntimuzokoreshe amabuye abajwe kuko murikojejeko icuma muba murihumanije.
26 Do not go up steps to my altar, so your nakedness isn't exposed on it." Kandi ntihazogire uwuduga ku gicaniro nk’aho umuntu yoba agendera ku ngazi, kugira ngo ntacerekanireko ubwambure bwiwe.’
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]