Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Esther 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When Mordecai learned all that had happened, he tore his clothes, put on sackcloth and ashes, and went out into the city crying loud and bitter. Moridekayi amenye ivyabaye vyose, yitaburirako impuzu, yambara amagunira yisiga iminyota, aca aja mu gisagara, akoma induru y’umubabaro.
2 He went only to the king's gate, since no one could enter it dressed in mourning clothes. Ariko agarukira kw’irembo ry’ikirimba c’umwami, kuko ata muntu yambaye amagunira yari yemerewe kwinjira.
3 In every province the king's order and decree reached, the Jews mourned deeply—fasting, weeping, wailing; many lay in sackcloth and ashes. Mu ntara zose aho ico cagezwe c’umwami cashika, haca haba ikigandaro gikomeye mu Bayuda, gifatanije no kwisonzesha, kurira no kuboroga. Benshi bakaryama mu magunira bakisiga n’iminyota.
4 When Esther's young women and eunuchs told her, the queen writhed in anguish. She sent clothes for Mordecai to replace his sackcloth, but he refused. Maze incoreke hamwe n’inkone za Esiteri baraza bamubwira ivya Moridekayi, maze umwamikazi aca ahagarika umutima cane. Amurungikira impuzu ngo yambare areke kwambara amagunira, ariko ntiyazakira.
5 Esther called Hathach, one of the king's eunuchs assigned to her, and sent him to Mordecai to learn what this was and why. Nuko Esiteri atuma Hataki, umwe mu nkone z’umwami yashinzwe kumukorera, amutegeka kumenya ivyababaje Moridekayi n’icatumye akora gutyo.
6 So Hathach went out to Mordecai in the city square in front of the king's gate, Nuko Hataki arasohoka aja aho Moridekayi yari ari ku kibuga c’igisagara gitumberanye n’irembo ry’umwami.
7 Mordecai told Hathach all that had happened to Mordecai, and the exact sum Haman promised to pay into the king's storerooms to destroy the Jews. Moridekayi amubwira ivyabaye vyose, n’igiciro c’amahera Hamani yasezeranye gutanga mu kigega c’umwami ngo Abayuda bahonywe.
8 He also gave him a copy of the destruction decree issued in Susa, to show Esther, explain it, and urge her to go plead with the king and beg for her people. Amuha n’ikopi ya ca cagezwe co kubamara, cakwiragijwe i Suza, ngo acereke Esiteri, bakimusigurire, kandi amutuma kubwira Esiteri ngo agende kuvugana n’Umwami amwinginge amusaba kugirira imbabazi ubwoko bwiwe.
9 Hathach came back and reported to Esther what Mordecai had said. Hataki arahindukira aja kubwira Esiteri ivyo Moridekayi yavuze vyose.
10 Then Esther spoke to Hathach and gave him this message for Mordecai: Nuko Esiteri aca yongera gutuma Hataki kubwira Moridekayi ati:
11 "All the king's servants and people of his provinces know: any man or woman who enters the king's inner court unsummoned has one law—death—unless the king holds out the golden scepter to them, so they live. And I have not been called to the king for thirty days now." “Abaganwa b’umwami n’abantu bose bo mu ntara z’umwami barazi ko umuntu wese yaba umugabo canke umugore yokwegera aho umwami ari atamutumyeko, ko hari icagezwe kimwe gusa: ko uwo muntu akwiye kwicwa. Kiretse umwami amutumberejeko inkoni yiwe y’inzahabu, kugira ngo akize ubuzima bwiwe. Kandi ubu haciye imisi mirongo itatu umwami atantumyeko.”
12 When they told Mordecai what Esther had said, Bamaze kubwira Moridekayi amajambo ya Esiteri,
13 Mordecai replied to Esther: "Don't think that in the king's palace you alone of all the Jews will escape. na we aca amusubiza ati: “Ntiwiyumvire na gatoya ko kubera uri i bwami uzorokoka igihe Abayuda bose bazokwicirwa rimwe.
14 If you stay silent now, relief and rescue will rise for the Jews from elsewhere, but you and your father's house will die. And who knows whether you reached the throne for such a time?" Kuko niwapfa kwinumira gusa mu gihe nk’iki, ugutabarwa kw’Abayuda no gukira bizova ahandi, ariko wewe n’inzu ya so muzohona. Kandi, nta wubizi ko kumbure icatumye ushika aho uba umwamikazi atari kugira ngo useruke mu gihe nk’iki?”
15 Then Esther sent back this reply to Mordecai: Maze Esiteri arungikira inyishu Moridekayi ati:
16 "Go, gather all the Jews in Susa. Fast for me—no eating or drinking three days, night or day. My young women and I will fast too. Then I go to the king, even though it is against the law; and if I perish, I perish." “Genda ukoranye Abayuda bose bari i Suza, mwisonzeshe ku bwanje. Mumare imisi itatu mutarya canke ngo munywe, haba mw’ijoro canke ku murango. Jewe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha hamwe namwe. Ico gihe nicahera, nzoja kuraba umwami, naho binyuranye n’amategeko. Nimba ari ugupfa nshake mpfe.”
17 So Mordecai went away and did everything Esther had commanded him. Nuko Moridekayi aca aragenda akora nk’uko Esiteri yamubwiye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]