Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Esther 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Later, when King Xerxes' anger cooled, he remembered Vashti, what she had done, and what was decreed against her. Uburake bw’umwami Ahasuwerusi bumaze kugabanuka, yibuka Vashiti n’ivyo yakoze, yibuka n’ingingo yamufatiye.
2 The king's attendants said, "Let beautiful young virgins be sought for the king. Maze abishikira b’umwami baja inama, bamubwira bati: “Umwami narondererwe inkumi nziza zitigeze ziryamana n’umugabo.
3 The king should appoint officers in every province of his kingdom to gather every beautiful young virgin to the fortress of Susa, to the harem under Hegai, the king's eunuch guarding the women, and give them beauty treatments. Umwami ashireho abantu mu ntara zose zo mu bwami bwiwe bazane abo bigeme bezabeza ku kirimba c’umwami i Suza. Baze babazeze Hegayi, inkone y’umwami, ajejwe abagore; kandi bahabwe ivyo kwitegura mu vyerekeye ubwiza bwabo.
4 Let the young woman who pleases the king reign in Vashti's place." This pleased the king, and he did so. Maze umwigeme azohimbara umwami azoce aba umwamikazi asubirire Vashiti.” Iyo mpanuro ihimbara umwami, na we arayikurikiza.
5 In the fortress of Susa lived a Jew named Mordecai, son of Jair, son of Shimei, son of Kish, a Benjaminite, Kandi ku mugwa w’i Suza hari Umuyuda akomoka mu muryango wa Benyamini, yitwa Moridekayi mwene Yayiro, mwene Shimeyi, mwene Kishi,
6 exiled from Jerusalem among the captives taken with Judah's king Jeconiah, whom Babylon's king Nebuchadnezzar carried away. umuryango wiwe wari waratwawe nk’inyagano na Nebukadineza umwami w’i Babiloni uva i Yerusalemu, ujanwa hamwe na Yehoyakini umwami w’i Buyuda.
7 He was raising Hadassah—Esther—his uncle's daughter, who had no father or mother. The young woman was beautiful in form and lovely to see; when her father and mother died, Mordecai took her as his own daughter. Uwo Moridekayi yari afise mushikabo yitwa Hadasa, yari yarareze kuko atagira se canke nyina. Uwo mwigeme, yitwa kandi Esiteri, yari mwiza ateye igomwe kuraba, kandi Moridekayi yari yaramutwaye amurera nk’umukobwa wiwe se na nyina bamaze gupfa.
8 When the king's command and decree were heard and many young women gathered to Susa's fortress under Hegai's care, Esther too was taken to the king's palace, under Hegai's care, keeper of the women. Itegeko ry’umwami rimaze kwamamazwa, abigeme benshi bazanwa ku mugwa i Suza babazeza Hegayi. Esiteri na we nyene ajanwa ku kirimba c’i bwami ashikirizwa Hegayi, yari ajejwe iyo nzu y’abigeme.
9 The young woman pleased him and won his favor, so he quickly gave her beauty treatments and food portions, seven select young women from the king's palace, and moved her and her maids to the best of the harem. Uwo mwigeme aramuhimbara, bituma amufata neza. Aca yihutira kumutegurira ivyo kwisiga n’ivyokurya bidasanzwe. Amushinga abaguranokazi indwi batoranijwe ku kirimba c’umwami aca amwimurira mu cumba ciza kuruta ibindi vyose vyo muri iyo nzu hamwe na ba bigeme biwe bo kumukorera.
10 Esther had not revealed her people or family, because Mordecai told her not to. Esiteri ntiyigeze avuga ubwoko bwiwe canke kahise k’umuryango wiwe, kuko Moridekayi yari yarabimubujije.
11 Every day Mordecai walked back and forth in front of the harem courtyard to learn how Esther was and what happened to her. Imisi yose yama atembera i ruhande y’urugo rw’iyo nzu y’abigeme kugira ngo amenye uko Esiteri amerewe n’uko ivyiwe vyariko biragenda.
12 Each young woman's turn to go to King Xerxes came after twelve months of required beauty treatment: six months with oil of myrrh, six with perfumes and cosmetics. Imbere y’uko umwigeme wese aramukirwa kuja aho umwami Ahasuwerusi ari, yategerezwa kumara amezi icumi n’abiri ategurwa kugira ngo ase neza nk’uko vyari vyarashinzwe: amezi atandatu yayamara yisiga amavuta yitwa mirehi, ayandi mezi atandatu akayamara yisiga kandi yimotesha neza.
13 Each young woman went to the king this way: whatever she asked was given her to take from the harem to the king's palace. Igihe co kuja kubonana n’umwami kigeze, ico yashaka cose gutwara ava mu nzu y’abigeme aja ku kirimba c’umwami barakimuha.
14 She went in at evening; at morning she returned to a second harem under Shaashgaz, the king's eunuch keeping the concubines. She would not return to the king unless he delighted in her and called her by name. Ku mugoroba yaca agendayo maze mu gitondo akavayo akaja mu yindi nzu y’incoreke yari irongowe na Shayashigazi, inkone y’umwami yari ashinzwe incoreke z’umwami. Ntiyasubira ku mwami kiretse yamuhimbaye maze akamutumako mw’izina.
15 When Esther's turn came—daughter of Abihail, Mordecai's uncle, who had adopted her as his own—to go to the king, she requested nothing except what Hegai, the king's eunuch guarding the women, advised. Esther won favor with all who saw her. Maze Esiteri wa mwigeme yari yarezwe na Moridekayi, yari umukobwa wa Abihayili sewabo wa Moridekayi, araramukirwa kuja kubonana n’umwami, ntiyagira ico asaba atari ivyo Hegayi, inkone y’umwami yari ajejwe iyo nzu yamubwiye gutwara. Kandi Esiteri yari afise igikundiro ku bamubona bose.
16 Esther was taken to King Xerxes in his royal palace in the tenth month, Tebeth, in the seventh year of his reign. Maze ajanwa ku mwami Ahasuwerusi mu kirimba c’i bwami mu kwezi kw’icumi, kwitwa Tebeti, mu mwaka ugira indwi ari ku ngoma.
17 The king loved Esther more than all the women; she won his favor and approval above all the virgins. So he set the royal crown on her head and made her queen instead of Vashti. Umwami akunda Esiteri kurusha abandi bagore bose, agira ikiganza ciza kuri we aramuhimbara kurusha ba bigeme bandi bose. Nuko aca amwambika urugori rw’ubwami ku mutwe amugira umwamikazi wiwe asubirira Vashiti.
18 The king held a great banquet for all his officials and servants—Esther's banquet. He proclaimed a holiday in the provinces and gave gifts with royal generosity. Maze umwami ategura amazimano ahambaye, ku bwa Esiteri, ayategurira abaganwa biwe n’abishikira biwe. Yamamaza ko haba umusi mukuru mu ntara zose kandi atanga ingabire z’i bwami.
19 Now when the virgins were gathered a second time, Mordecai was sitting at the king's gate. Igihe ba bigeme bari bakoranye ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye kw’irembo ry’ikirimba c’umwami.
20 Esther had not revealed her people or family, as Mordecai directed; she obeyed him just as when he raised her. Ariko Esiteri yari yarahishije kahise k’umuryango wiwe n’ubwoko bwiwe nk’uko Moridekayi yari yaramubwiye, kandi yashishikaye gukurikiza impanuro za Moridekayi nk’uko yabikora akimureze.
21 In those days, as Mordecai sat at the king's gate, Bigthan and Teresh, two royal eunuchs guarding the doorway, grew angry and plotted to kill King Xerxes. Mu gihe Moridekayi yari yicaye kw’irembo ry’i bwami, Bigitana na Tereshi, babiri mu nkone z’umwami bari mu barinda irembo, bararaka maze bagira inama yo kwica umwami Ahasuwerusi.
22 But Mordecai learned of the plot and told Queen Esther, who reported it to the king in Mordecai's name. Ariko Moridekayi amenya inama yabo araheza abimenyesha umwamikazi Esiteri, maze na we abishikiriza umwami, mw’izina rya Moridekayi.
23 The matter was investigated, confirmed true, and both men were impaled on a pole. It was recorded in the book of chronicles before the king. Bamaze gutohoza neza iyo nkuru basanga ni yo, abo bakuru babiri bamanikwa ku biti. Ivyo vyose bica vyandikirwa imbere y’umwami mu bitabu vy’ibigenda biraba.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]