Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is the commandment—statutes and judgments—your Father commanded me to teach you, so you may do them in the land you are crossing over to possess. Aya ni yo mategeko, amabwirizwa n’ivyagezwe Uhoraho Imana yanyu yampaye ngo ndabibigishe, kugira ngo muzobikurikize nimwamara gushika mu gihugu, ico mugira mwinjiremwo mujabutse Yorodani mukacegukira,
2 So you may honor your Father, keeping all his statutes and commands I give you—you, your children, your grandchildren—all the days of your life, and so you may live long. kugira ngo mwe n’abana banyu n’abuzukuru banyu muze mwame mutinya bifatanije n’ukwubaha Uhoraho Imana yanyu, ukubaho kwanyu kwose, mukurikiza aya mabwirizwa n’ivyagezwe ndabaha uwu musi, kugira ngo muzonezerererwe kurambira muri ico gihugu.
3 Listen, Israel, and carefully do them, so it goes well for you and you multiply greatly in a land flowing with milk and honey, as our Father, the God of your fathers, promised you. Tega amatwi yewe Isirayeli, kandi witeho cane kwumvira kugira ngo ivyawe bizogende neza, ugwirire cane mu gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabigusezeraniye.
4 Hear, Israel: our Father is one. Tega amatwi, yewe Isirayeli: Uhoraho Imana yacu, ni yo Mana imwe rudende.
5 Love your Father with all your heart, with all your soul, and with all your strength. Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, n’inkomezi zawe zose.
6 And these words that I command you today are to be on your heart. Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu.
7 Teach them diligently to your children, and talk about them when you sit in your house and when you walk along the road, when you lie down and when you get up. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.
8 Bind them as a sign on your hand, and let them be as bands on your forehead; Muzoyabohere ku maboko, muyambare no mu ruhanga nk’ivyibutso.
9 and write them on the doorposts of your house and on your gates. Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu.
10 When your Father brings you to the land he swore to your fathers—Abraham, Isaac, and Jacob—to give you big, good cities you didn't build, Uhoraho Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yasezeraniye ba sogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo ko azokibaha, igihugu cuzuye ibisagara bininibinini mutubatse,
11 houses full of every good thing you didn't fill, cisterns already dug you didn't dig, vineyards and olive trees you didn't plant—and when you eat and are satisfied. amazu yuzuye ivyiza vyinshi mutarondeye, amariba mutimvye, inzabibu n’imyelayo mutateye maze mukabirya mugahaga,
12 Be careful not to forget our Father, who brought you out of the land of Egypt, out of the house of slavery. muze mwirinde, ntimuze mwibagire Uhoraho yabakuye muri Egiputa, mu gihugu c’ubuja.
13 You are to honor your Father and serve him, and you are to swear by his name. Wubahe Uhoraho Imana yawe, abe ari yo yonyene ukorera. Niwagira indahiro, uze urahire mw’izina ryayo gusa.
14 Do not follow other gods, the gods of the peoples around you, Ntimuzosenge imana z’amahanga azoba abakikuje;
15 for your Father among you is a jealous Father, or his anger will flare against you and wipe you off the face of the earth. kuko Uhoraho Imana yanyu iba muri mwebwe ari Imana ipfuha. Uburake bwayo bwobaziriringira ikabarandura, ikabakura kw’isi.
16 Do not test your Father as you tested him at Massah. Ntimukagerageze Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwabigize i Masa.
17 Diligently keep your Father's commandments, his testimonies, and his statutes he commanded you. Ariko muzokurikize amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, hamwe n’ivyagezwe n’amategeko yose yabahaye.
18 Do what is right and good in our Father's eyes, so it goes well for you, and you enter and possess the good land our Father swore to give your fathers, Muzokore ibiroranye mu nyonga z’Imana, kugira ngo ivyanyu bizogende neza. Ni ho muzokwinjira mukegukira ico gihugu ciza cane Uhoraho yasezeraniye ba sogokuruza ko azokibaha, mukakibamwo.
19 driving out all your enemies before you, as our Father has spoken. Muze mwirukane abansi banyu bose baba muri ico gihugu, nk’uko Uhoraho yabivuze.
20 When your child someday asks you, 'What are the testimonies and statutes and judgments our Father commanded you?' Mu myaka iri imbere abana banyu bazobabaza bati: “Mbega ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko Uhoraho Imana yacu yabahaye bisigura iki?”
21 Then tell your child: 'We were slaves to Pharaoh in Egypt, and our Father brought us out of Egypt with a mighty hand. Muzobishure muti: “Twari abagurano ba Farawo muri Egiputa, ariko Uhoraho yadukujeyo ukuboko kwiwe kw’inkomezi.
22 Our Father gave great and terrifying signs and wonders against Egypt, Pharaoh, and his whole household, before our eyes. Uhoraho yakoze ibimenyetso n’ibitangaza biteye ubwoba, bishika kuri Egiputa no kuri Farawo n’abantu biwe amaso yacu avyibonera.
23 He brought us out from there to bring us in and give us the land he swore to our fathers. Kandi, yadukuye muri Egiputa kugira ngo aduhe igihugu yari yarasezeraniye ba sogokuruza bacu.
24 And our Father commanded us to do all these statutes, to honor our Father, for our good always, to keep us alive, as we are today. Uhoraho yadutegetse gukurikiza aya mategeko no gutinya Uhoraho Imana yacu bifatanije no kumwubaha, kugira ngo ivyacu bizogende neza, twongere turambe nk’uko biri uno musi.
25 It will be righteousness for us if we keep and do all this commandment before our Father, as he commanded us.' Kuko nitwakurikiza neza ibi vyagezwe vy’Uhoraho Imana yacu vyose nk’uko yabidutegetse, ni vyo bizoba ukugororoka kwacu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]