Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 33 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is the blessing Moses, the man of our Father, gave the Israelites before his death. Uwu ni wo muhezagiro umuntu w’Imana Mose yahezagiye Abisirayeli imbere y’urupfu rwiwe.
2 He said: Our Father came from Sinai, dawned on us from Seir, shone from Mount Paran. He came with myriads of holy ones, fire flashing from his right hand. Yavuze ati: “Uhoraho yazananye i Sinayi, abarasira ari i Seyiri; yabakayanganiye ari ku musozi Parani. Yazananye n’ibihumbi cumi vy’abera, kandi imiriro ari vyo vyagezwe yava mu kuboko kwiwe kw’i buryo.
3 Truly he loves the peoples; all his holy ones are in your hand. They followed at your feet, each receiving direction from you. Ni ivy’ukuri urakunda abantu bawe; abera bose bari mu biganza vyawe. Bose bikubita ku birenge vyawe, bakumva amajambo avuye kuri wewe,
4 Moses commanded us a law, a possession for the assembly of Jacob. ari vyo Vyagezwe Mose yaduhaye, iragi ridasanzwe ku bwoko bwa Yakobo.
5 So he became King in Jeshurun, when the leaders of the people gathered, the tribes of Israel together. Uhoraho yari Umwami muri Yeshuruni igihe abatware bari bakoranye, imiryango yose y’Abisirayeli ikoraniye hamwe.
6 Let Reuben live and not die, nor let his people be few. Ab’umuryango wa Reyubeni baragahoraho ntibagapfe, abiwe ntibakabe bake.”
7 Of Judah he said: Hear, our Father, Judah's voice; bring him to his people. His hands fight for him; be his help against his foes. Ku muryango wa Yuda, Mose yavuze ati: “Uhoraho we, wumve amarira ya Yuda, umusubize mu bwoko bwiwe. Bahe inkomezi zo kwigwanira, ubashoboze kugwanya abansi babo.”
8 Of Levi he said: Your Thummim and Urim to your faithful man, whom you tested at Massah, quarreled with at Meribah's waters, Abalewi Mose yabavuzeko ati: “Tumimu na Urimu zawe wazihaye Lewi umukozi wawe w’umwizigirwa. Wamugeragereje i Masa, utonganira na we ku mazi y’i Meriba.
9 who said of his father and mother, 'I do not regard them'; he did not acknowledge his brothers or know his own children. For they kept your word and guarded your covenant. Abalewi bumviye ijambo ryawe, bazigama isezerano ryawe. Bakurutishije abavyeyi babo, birengagije incuti zabo, ntibitaho abana babo.
10 They teach your judgments to Jacob and your law to Israel; they place incense before you and whole burnt offerings on your altar. Bazokwigisha Yakobo amabwirizwa yawe, na Isirayeli bayigishe Ivyagezwe vyawe. Bashikana imibavu imbere yawe, n’ibimazi bituriwe ku gicaniro cawe.
11 Bless, our Father, his strength, and accept the work of his hands. Crush the loins of those who rise against him, of those who hate him, that they rise no more. Hezagira ibikorwa vyabo, yewe Uhoraho, ushime ibikorwa vy’amaboko yabo. Vunagura amafyigo y’abansi babo, usiribange ababagwanya ntibasubire kuvyura umutwe.”
12 Of Benjamin he said: our Father's beloved settles safely beside him; our Father shelters Benjamin all day, and Benjamin rests between his shoulders. Ku muryango wa Benyamini Mose yavuze ati: “Uwo Uhoraho akunda namuruhukireko atekanirwe, kuko amukingira ibihe vyose, kandi uwo Uhoraho akunda, amuhe kuruhukira mu gikiriza ciwe.”
13 Of Joseph he said: May our Father bless his land with heaven's best gifts above, with dew, and the deep crouching below, Ku ba Yosefu yavuze ati: “Uhoraho ahezagire igihugu ciwe, agihezagize ikime kiva kw’ijuru, n’amazi ava mw’isi i kuzimu.
14 with the choicest fruits ripened by the sun, and the rich yield of the months, Abahezagize ivyamwa vyiza vyezwa n’izuba, n’ivyamwa vyera uko ukwezi guheze.
15 with the finest produce of the ancient mountains and the abundance of the everlasting hills, Abahe ivyimburwa vyo mu misozi ya kera, n’ivyo mu mitumba yamyeho,
16 with the best gifts of the earth and its fullness, and the favor of him who dwelt in the bush. May these rest on the head of Joseph, on the crown of the one set apart from his brothers. bazogire imigisha yose yo kw’isi mu kunengesera kwayo n’ubuntu bw’iyari mu gisaka caka umuriro. Iyo migisha yose izobe ku mutwe wa Yosefu, isharize urugori rw’umuganwa muri benewabo.
17 His firstborn bull—majesty is his; his horns are the horns of a wild ox. With them he gores the peoples, all of them, to the ends of the earth. Such are the myriads of Ephraim, and such are the thousands of Manasseh. Afise igihagararo nk’ic’impfizi nkuru, amahembe yiwe ameze nk’ay’impfizi y’imbogo. Ni yo azocumitisha amahanga, gushika no ku yari ku mpera y’isi. Abo ni ibihumbi cumi vy’Abefurayimu, n’ibihumbi vy’abo kwa Manase.”
18 Of Zebulun he said: Rejoice, Zebulun, as you go out, and Issachar, in your tents. Kuri Zebuloni na Isakari yavuze ati: “Nezerwa Zebuloni mu ngendo zawe, nawe Isakari, uhimbarwe mu mahema yawe.
19 They call peoples to the mountain; there they offer right sacrifices, for they draw out the abundance of the seas and the hidden treasures of the sand. Bazokoranya abantu ku musozi, banahashikanire ibimazi vy’ukugororoka; bazonezererwa umusesekara wo mu biyaga, n’itunga rihishijwe mu musenyi.”
20 Of Gad he said: Blessed is he who enlarges Gad! He crouches like a lion, tearing arm and scalp. Ku muryango wa Gadi yavuze ati: “Arahezagiwe uwagura intara ya Gadi. Gadi azohabunda nk’intambwe y’ingore, itantamura igitugu canke umutwe.
21 He chose the best for himself, for there a commander's portion was reserved. He came with the leaders of the people; he carried out the justice of our Father and his judgments for Israel. Abagadi bitoreye intara nziza, umugabane w’umurongozi watwawe na bo. Igihe abatware bari bakoraniye hamwe, Gadi yakoze ivyo kugororoka kw’Uhoraho, yitondera n’ivyagezwe ku bwa Isirayeli.”
22 Of Dan he said: Dan is a lion's cub that leaps out from Bashan. Ku muryango wa Dani Mose yavuze ati: “Dani ni icana c’intambwe, gisimvye kivuye i Bashani.”
23 Of Naphtali he said: Naphtali, satisfied with favor, full of our Father's blessing—inherit the sea and south. Ku muryango wa Nafutali, Mose yavuze ati: “Ewe Nafutali, wuzuye ubuntu bw’Uhoraho n’imihezagiro yiwe. Uzokwegukira ikiyaga n’igice c’ubumanuko.”
24 Of Asher he said: Most blessed of sons be Asher—may he be favored by his brothers, dipping his foot in oil. Kuri Asheri, yavuze ati: “Asheri arahezagiwe gusumba abandi benewabo bose; niyubahwe na benewabo, ibirenge vyiwe vyoge mu mavuta ya elayo.
25 Your bars will be iron and bronze, and as your days, so will your strength be. Amarembo y’ibisagara vyiwe yugazwe ivyuma n’imiringa, yamane inkomezi imyaka y’ukubaho kwiwe yose.
26 There is none like our Father, Jeshurun, who rides through the heavens to help you, and in his majesty through the skies. Nta wuhwanye n’Imana yawe, yewe Yeshuruni, itambuka amajuru ije kugukiza, ikamanukana n’ibicu mu bwiza bwayo.
27 The eternal Father is your dwelling place, and underneath are the everlasting arms. He drove out the enemy before you and said, 'Destroy!' Uhoraho Imana ni we buhungiro bwawe, akureruye mu biganza vyiwe ibihe vyose. Azokwirukana abansi bawe imbere y’uko uvuga uti: ‘Barandure!’
28 So Israel dwells in safety; the fountain of Jacob is set apart in a land of grain and new wine, where the heavens drop down dew. Maze Isirayeli kizoheza kibe impore. Uruvyaro rwa Yakobo ruzoba amahoro, mu gihugu c’ingano n’umuvinyu mushasha, aho ijuru ritanga urume.
29 Blessed are you, Israel! Who is like you, a people saved by our Father, the shield of your help and the sword of your majesty! Your enemies will come cringing to you, and you will tread on their high places. Urahezagiwe, yewe Isirayeli! Ni nde ameze nkawe, ubwoko bwakijijwe n’Uhoraho? Uhoraho ni we nkinzo yawe, ni we nkota yawe y’intsinzi. Abansi bawe bazoza bajugumira imbere yawe, nawe uzobahonyora ku gakanu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]